Robert Bourgi yasheshe agatabi ku mafaranga abaprezida ba Afrika baha mu mpisho abitoza mu Bufaransa

    • Umwanditsi, Hugh Schofield
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, Paris

Hari mu kwezi kwa Nzero mu 1998, Robert Bourgi yari arindiriye kubonana na prezida wa Gabon Omar Bongo, mu cumba kimwe mu nzu yiwe iri kw'ibahari mu gisagara ca Libreville.

Yari yagiye gutora amahera yo guterera amatora ya prezida yari yegereje mu Bufaransa kw'izina ry'umukandida Jacques Chirac, ico gihe yari umukuru w'igisagara ca Paris.

Uwundi ico gihe yinjiye muri ico cumba ni Roland Dumas, yahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire na somambike wa prezida François Mitterrand yari ahanganye na Chirac.

"Umusi mwiza Bourgi," uko ni ko Dumas yavuze. "Ndazi ko twazanywe n'ikintu kimwe."

Yitwaje igihagararo, Dumas yinjiye mu biro vya Bongo ubwa mbere. Avuyeyo inyuma y'akanya gato, yabwiye Bourgi ati:"Ntugire ikibazo, harasigayeyo duke!"

Asigura mu gitabo gishasha Bourgi aherutse gusohora They know that I know it all - My life in Françafrique, bishaka kuvuga ibintu vyose vyerekeye ubusuma bw'amahera no gufashanya vyamaze igihe kirekire biranga politike y'Ubufaransa na Afrika.

Mu myaka irenga mirongo ine Robert Bourgi yarabigizemwo uruhara rukomeye.

Uwo mugabo yavukiye mu gihugu ca Senegal mu 1945 ku bavyeyi b'abanye Libani b'aba Shia, yabaye somambike w'abakuru b'ibihugu vya Afrika - kuva kuri Omar Bongo wa Gabon gushika kuri Denis Sassou Nguesso wa Congo-Brazzaville na Blaise Compaoré wa Burkina Faso.

I Paris, yakoreye mu ngata rurangiranwa Jacques Foccart - yakora akazi nk'ako inyuma y'igihe c'ubukoroni, aho yafasha mu vyerekeye kugira ijambo canke igihagararo, gukingirwa, amasoko, inguvu... n'amahera.

Kuva mu myaka ya mbere y'inyuma y'intambara ya kabiri y'isi - habaye ukumenyekanisha umutegetsi w'Ubufaransa w'inyuma y'intambara Charles de Gaulle - Afrika hamwe n'ibihugu vyahoze bikoronijwe n'Ubufaransa ni vyo vyabaye isoko ry'amahera ku migambwe yose yo mu Bufaransa. Kuva mu myaka ya 80, igihe Bourgi yinjira muri ico gikorwa, vyari ibintu bisanzwe.

Bourgi avuga ko ubwiwe atigeze azana imifuko irimwo amahera.

Mu kiganiro n'ikinyamakuru Le Figaro muri iyi ndwi, yagize ati:"Uko vyakorwa vyari ibintu vyoroshe. Igihe amatora yaba yegereje, Chirac yategetse ko ntegerezwa gutanga ubutumwa ku bategetsi batandukanye ba Afrika.

"Abo bakuru b'ibihugu rero baca barungika intumwa mu biro vyanje i Paris bazanye amahera menshi. Amamiriyoni menshi y'amafaranga canke y'amadorari."

Muri buri matora ya prezida yo mu 1995 na 2002 - yose yatsinzwe na Chirac - avuga ko amamiriyoni 10 y'amadorari ari yo yatanzwe n'abategetsi ba Afrika.

Amatora ya 2002 yasigiye Bourgi iyindi nkuru itangaje, aho intumwa ya prezida wa Burkina Faso Blaise Compaoré yashitse i Paris azanye amahera menshi mu ngoma.

Bourgi avuga ko yaherekeje iyo ntumwa ku biro vya prezida, Elysée Palace, aho yakiriwe na Chirac. Baruguruye iyo ngoma yari ipfunze bakoresheje umukasi, hanyuma haca hakoroka imvura y'inoti.

"Blaise," Bourgi asubiramwo Chirac uko yavuze. "Yaturungikiye amahera y'amanoti mato mato." Ayo mahera nka yose zari inoti za 50 na 10.

Gutanga ayo mahera ntivyamye vyoroshe misi yose. Yibuka amahera menshi yahawe Chirac avuye ku wundi mukuru w'igihugu wo muri Afrika, Bourgi agira ati:"Amahera yashitse ari mu gasakoshi ka sport ka Puma. Nashatse gushira ayo mahera mu gipapuro, nca nja mu cumba c'umukobwa wanje hanyuma nkura ku ruhome kimwe mu gipapuro co gushariza uruhome, nzingiramwo ayo mahera."

Uko gutanga amahera vyarakwiragiye hose gushika aho bivyara irivuga 'cadeauter' (gutanga akaganuke) - bivuye mw'izina ry'igifaransa 'cadeau', bisigura akaganuke.

Igihe ivyo Bourgi avuga vyaja ahabona mu 2011, vyariyamirijwe n'abategetsi bo muri Burkina Faso hamwe n'ahandi, n'aho uwahoze ari umuhanuzi wa prezida muri Cote d'Ivoire yatinze akemanga "ni ko vyakorwa muri kahise".

Chirac n'uwari umuyobozi mw'ishikira wiwe Dominique de Villepin na bo barahakanye bivuye inyuma ivyo Bourgi yavuga.

Amatohoza y'imfatakibanza yaratanguye ariko mu nyuma arahebwa ata kindi gikozwe, kubera ayo mahera yari yatanzwe mu gihe kirekire imbere.

Bourgi avuga ko ku bategetsi ba Afrika b'ico gihe, vyari ibintu bisanzwe, kandi ko babikoreranira hagati yabo. Gutanga amahera menshi bwari uburyo bwo kwerekana icizere no gushigikirana.

Ariko mw'isi igenda irahindagurika ntivyashoboka kubandanya kandi Bourgi avuga ko yagiye azeruka. Nicolas Sarlkozy yashitse ku butegetsi mu 2007 avuga ko ata rufaranga na rumwe azokwakira ruvuye muri Afrika, Bourgi akavuga ko yavyubahirije.

Sarkozy kuva ico gihe ariko arakorwako amatohoza ku mahera yoba yarakiriye y'uwahoze arongoye igihugu ca Libya Muammar Gaddafi - ivyo yahakanye. Bourgi, incuti magara ya Sarkozy, avuga ko atemera ivyo yagirizwa.

Uwo yahoze ari umushingwamanza w'imyaka 79, aragaruka no ku rundi ruhara yagize mu yandi matora - aya Emmanuel Macron mu 2017. Aho ni ho Bourgi yafasha mu gutobera uwashirwa imbere ko yotahukana intsinzi, François Fillon.

Uwo yigeze kuba yegereye cane Fillon, Bourgi yaramwigiyeyo: Yagirije uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere kutagira indero no kuba ingumyi. Yaciye abwira umumenyeshamakuru ko yigeze guha Fillon akaganuke ka kostime zibiri.

Mu gihe yitoza ashira imbere ubuziranenge, Fillon ntivyamusize amahoro. Mu nyuma yahamwe n'icaha co guha akazi katabaho umugore wiwe w'Umwongerezakazi.

Ariko Bourgi afitiye urukundo Afrika.

Avuga ko n'aho harimwo gutanga igiturire mu migenderanire y'Ubufaransa na Afrika, ico gihe ngo vyarazanye umutekano, n'ubucuti - kenshi bw'umuntu ku giti ciwe - hagati y'Ubufaransa n'abategetsi ba Afrika.

Ubu ivyo vyaraheze.

Ubufaransa ubu bufise isura mbi mu bihugu bwahoze bukolonije kandi n'ijunja ryabwo ririko riragabanuka. Bigaragazwa n'ingene bwavuye mu birindiro vya gisirikare vyabwo muri Mali na Niger.

Bourgi agira ati:"Ndabana akababaro kenshi ugutituka kw'imigenderanire hagati y'Ubufaransa n'uwo mugabane.

"Ariko biroroshe guta amakosa kuri 'Françafrique…Afrika ivugana n'isi yose. Ubufaransa ntibwashoboye kujana n'ivyo bihe bishasha. Bwabandanije gukora rya kosa nyene: Ubwibone."