Ubwongereza n'Ubufaransa vyiteguriye kurungika ingabo muri Ukraine ni haba amasezerano y'amahoro

    • Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
    • Umwanditsi, Wyre Davies
    • Igikorwa, Kyiv

Ubwongereza n'Ubufaransa vyateye igikumu ku rwandiko rutanga intumbero yo kuzorungika ingabo muri Ukraine mu gihe hazoba hatewe igikumu ku masezerano y'amahoro n'Uburusiya, nk'uko bitangazwa n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer.

Inyuma y'ibiganiro hagati y'incuti za Ukraine i Paris mu Bufaransa, yavuze ko Ubwongereza n'Ubufaransa "bizoshinga ibirindiro mu gihugu cose ca Ukraine" mu ntumbero yo kuzibira ibindi bitero bishobora kwaduka, Perezida Emmanuel Macron na we mu nyuma akaba yavuze ko ingabo ibihumbi n'ibihumbi zishobora kuzorungikwa.

Izi ncuti za Ukraine zishize hamwe zumvikanye kandi ku masezerano akomeye yo gukingira umutekano wa Ukraine, zica zisaba ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari zo zofata iya mbere mu gucungera ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo guhagarika intambara. Ariko ikibazo ngorabahizi kiracaharirwako.

Uburusiya ntibuhengeshanya kugabisha ko budashobora kuzokwihanganira ingabo mvamakungu izo ari zo zose zorungikwa muri Ukraine.

Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) ntaco irashikiriza kuri ibi vyatangarijwe ku mugwa mukuru w'Ubufaransa.

Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yatanguje intambara yeruye kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, ubu ingabo ziwe zikaba zigenzura 20% vy'ubutaka bwa Ukraine.

Abakuru b'ibihugu n'abategetsi bo hejuru bo mu "Runani rw'Abashaka" baritabiriye ibi biganiro vy'ejo ku wa kabiri i Paris.

Mu kiganiro rusangi n'abanyamakuru inyuma y'inama yabo, Starmer yagize ati: "Twateye igikumu ku rwandiko rutanga intumbero yo kuzorungika ingabo muri Ukraine, ni hamara kuba amasezerano y'amahoro.

"Iki ni igice gihambaye mu nshingano zacu zo gushigikira Ukraine mu gihe kirekire.

"Giciriye inzira amategeko azokwemerera ingabo z'Ubwongereza, iz'Ubufaransa n'iz'incuti gukorera ku butaka bwa Ukraine, gucungera ibirere n'amazi vya Ukraine, hamwe no kwubaka gushasha ingabo za Ukraine za kazoza.

Starmer yongerako ko Londres (ubutegetsi bw'Ubwongereza) izokwifatanya n'ibindi bihugu mu gikorwa co gucungera ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'amahoro kizoba kirongowe na Amerika.

Ku bw'intumwa ya Amerika mu biganiro Steve Witkoff, "amasezerano akomeye y'ubwishingizi ku mutekano n'iterambere ni ngombwa kugira habe amahoro arama" muri Ukraine - aha akaba yafatira ku kintu nyamukuru gisabwa na Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine).

Witkoff avuga ko ibi bihugu vy'incuti bisa n'ivyahejeje igikorwa cavyo mu kwumvikana ku bijanye n'umutekano "kugira ngo abanyagihugu ba Ukraine bamenye ko igihe iyi ntambara izoba irangiye, izoba irangiye burundu".

Jared Kushner, intumwa idasanzwe ya Perezida Donald Trump wa Amerika akaba n'umukwe wiwe, avuga ko inyuma y'amasezerano, abanyagihugu ba Ukraine bakeneye kumenya ko hariho "umushinge nyawo" kugira ngo intambara "ntizosubire kwaduka".

Hagati aho, Perezida Macron avuga ko incuti za Ukraine zateye "intambwe zikomeye" muri ivyo biganiro.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine na we nyene avuga ko "hatewe intambwe ikomeye cane" i Paris, ariko akongerako y'uko azokwemera ko utwigoro "dukwiye" mu gihe tuzoba dushoboye kurangiza iyi ntambara.

Ivyo Ukraine yita "ubwishingizi ku mutekano" hamwe n'ivyo abategetsi ba Amerika bita "inyandiko ngenderwako" mu vy'umutekano bishobora guha akaryo Trump ko kubanza kwihagararako mu gihe horamuka habaye ikindi gitero c'Uburusiya bikaba ngombwa ko Amerika ija gutabara, ariko Zelensky wewe n'incuti ziwe za Bulaya ntibashidikanya ko bashitse ku kintu gihambaye mu gushobora kugondoza Washington.

Nta bintu bishasha vyinshi, nimba bihari, ku bijanye n'ahazoba umurongo ntarengwa ku mpande zompi mu gihe hazoba habaye amasezerano y'amahoro, hamwe no ku bijanye n'ubutaka busanzwe bwarigaruriwe n'ingabo z'Uburusiya Ukraine izokowemera guheba.

Iki ni ikintu abanyagihugu ba Ukraine bashobora kuzokwakira bigoranye, na cane cane ko ata musi wijana Uburusiya budacucagiye ibisasu ku bisagara n'ibikorwa remezo nyamukuru muri Ukraine.

Ariko mu gihe mu buseruko ari ibarafu gusa n'imiyaga mibi cane, Zelensky arabona ko mu gihe hatoba amasezerano y'amahoro muri iki gihe c'ubukonje bw'umurengera, igihugu ciwe kizoba cinjiye mu yindi ntambara rutikizabantu izobangamira bikomeye Ukraine gusumba kure cane Uburusiya.

Afise icizere kigaragara ko, kubona Amerika yiyemeje guhagararira iyubahirizwa ry'amasezerano y'amahoro, ingabo mpuzamakungu zikazoba ziri ku butaka bwa Ukraine, ingabo ziwe nazo zigahabwa ibindi birwanisho, bizotuma abanyagihugu rimwe na rimwe bagumye berekana amakenga, bemera ko afise ukuri mu nzira yiwe yafashe yo kurondera amahoro, afashwe mu mugongo n'urunani mpuzamakungu ruriko ruraguka

Ariko, mu kurangiza ikiganiro n'abanyamakuru i Paris, Zelensky yaremeye ko iyi ntambwe ikomeye yashitsweko ejo ku wa kabiri idasigura ko amahoro ari ntabanduka. Intambwe nyayo ni ngombwa ko Uburusiya buyishigikira, ariko Moscou yibereye mu gacerere ku bijanye n'utwigoro tubandanya mu ntumbero yo kurangiza intambara.

Putin azwi ko aterekwa integuro yo kurungika ingabo mpuzamakungu zirongowe n'Abanyabulaya mu turere utwo ari two twose tuberamwo intambara, kandi ko atazoshoka yemera guhagarika ingabo ziwe mu gihe intego za Moscou muri iyi ntambara zitazoba zirashikwako, nubwo intambwe ari ntonto.

Gusa nta gushidikanya ko igitsure ku mpande zompi kiriko kiriyongera kugira ngo zishike ku mwumvikano wo kurangiza iyi ntambara.

Mu ndwi iheze, Zelensky yavuze ko amasezerano yo guhagarika intambara yari ageze kuri 90%. Kwumvikana kuri 10% bisigaye ni vyo "bizokwerekana amaherezo y'umugambi w'amahoro, amaherezo ya Ukraine n'Ubulaya".

Ikibazo c'ubutaka n'ic'ubwishingizi ku mutekano wa Ukraine ni ibibazo ngorabahizi ku bahagarariye ibiganiro.

Putin abandanya agabisha ko ingabo za Kyiv zitegerezwa kuva mu karere kose ka Donbas mu buseruko bwa Ukraine canke naho Uburusiya bukigarurire ku nguvu, akaba kandi aterekwa umugambi w'ingene iyi ntambara yohera.

Gushika ubu, Zelensky ntiyerekwa ivyo guheba ubutaka na bumwe, gusa akaba yemera ko Ukraine ishobora gukurayo ingabo zikimurirwa ahokumvikanwako – ariko gusa mu gihe Uburusiya na bwo bwokwemera gukora gutyo.

Umugambi w'amahoro wa mbere wabacorotse ugashika mu minwe y'ibinyamakuru mu mwaka uheze, ukaba wari ugizwe n'ingingo 28, wariyamirijwe na Kyiv hamwe n'incuti zayo za Bulaya, kuko waboneka ko wateguwe kugira ngo worohereze Uburusiya.

Ibi vyatumye haca haba imibonano y'urutavanako yo ku rwego rwo hejuru - aho abategetsi ba Ukraine, ba Amerika n'aba Bulaya bamaze igihe bagerageza guhinyanyura iyi nteguro.

Mu kwezi guheze, Kyiv yarungikiye Amerika integuro yasubiwemwo igizwe n'ingingo 20 - hamwe n'urundi rwandiko rwo ku ruhande rwerekana ivyotegerezwa gukorwa mu gukingira umutekano wa Ukraine hamwe no mu gusanura iki gihugu, nk'uko Zelensky yabivuze.