Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Hafi abantu 40.000 bapfiriye iwabo bonyene mu Buyapani uyu mwaka, bivugwa n'icegeranyo
- Umwanditsi, Hafsa Khalil
- Igikorwa, BBC News
Abantu hafi 40.000 barapfuye bari bonyene mu mazu yabo mu Buyapani mu mezi atandatu ya mbere ya 2024, nk'uko bitangazwa mu cegeranyo c'igiporisi muri ico gihugu.
Muri abo bantu, hafi 4.000 batowe haheze ukwezi kurenga bapfuye, nabo abashika 130 bakaba bamaze umwaka atawuramenya ko bapfuye imbere y'uko batorwa, ku bw'urwego rw'igiporisi.
Ubuyapani ubu nibwo bwa mbere kw'isi bufise abantu bashaje cane, ku bw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Urwo rwego rwizeye ko ico cegeranyo kizokabura reta kuri ico kibazo kiguma gikomera c'abantu benshi bashaje baba, bagapfa bari bonyene.
Uhereye ku gice ca mbere c'umwaka wa 2024, amakuru y'urwo rwego rw'igiporisi yerekana ko abantu hamwe bashika 37.227 baba bonyene batowe bapfiriye mu mazu yabo, abafise imyaka 65 n'iyirenga akaba ari bo benshi ku rugero rwa 70%.
Mu gihe bigereranywa ko 40% y'abantu bapfiriye mu mazu yabo bonyene batowe mu kiringo c'umunsi umwe, icegeranyo c'igiporisi cererakana ko hafi abashika 3.939 batowe haheze ukwezi kurenga bapfuye, nabo 130 bamaze nibura umwaka atawuramenya ko bapfuye.
Ku 7.498 y'abatowe, abo mu mugwi w'abarenza imyaka 85 ni bo benshi, bagakurikirwa n'abafise hagati y'imyaka 75 na 79 ku 5.920. Abantu bari hagati y'imyaka 70 na 74 banganye na 5.635 muri abo batowe bapfiriye mu mazu yabo.
Ku bw'imboneshakure y'igihugu mu Buyapani NHK, urwego rw'igiporisi ruzoshikiriza ibiri mu cegeranyo vyose umugwi wa reta wiga ico kibazo c'abapfa atawuri hafi yabo.
Muri uyu mwaka, ikigo c'igihugu gikurikirana ibibazo vy'igwirirana ry'abantu n'ubushakashatsi bwo gutegekanya kazoza k'ubuzima cavuze ko abantu bageze mu za bukuru (hagati y'imyaka 65 no kuduga) baba bonyene bitezwe kuzoshika miriyoni 10,8 imbere y'umwaka wa 2050.
Igitigiri cose c'abantu baba ukwa bonyene kigereranywa kuzoba gishitse ku miriyoni 23,3.
Mu kwezi kwa Ndamukiza (ukwa kane), reta y'Ubuyapani yarashizeho itegeko ryo guhangana n'ikibazo co kuba inyakamwe kimaze imyaka myinshi, ku ruhande rumwe gituruka ku kuba igihugu gifise abantu bashaje baguma baba benshi kuruta abakiri bato.
Ubuyapani bumaze imyaka bugerageza kugwanya ko abantu babwo baba abashaje benshi kurusha abakiri bato kandi ariko batera baba bake, ariko gushika ubu ntiburashobora kubishikako.
Mu mwaka uheze, umushikiranganji wa mbere Fumio Kishida yavuze ko igihugu kiri hafi y'aho kidashobora gukora nk'igihugu c'abantu kubera urugero rw'abavuka ruguma rugabanuka cane.
MU 2022, igitigiri c'abanyagihugu b'Ubushinwa caragabanutse ubwa mbere kuva mu 1961, mu gihe Korea y'Epfo nayo isanga urugero rwo kuvyara ruguma ruba urwa mbere ruto kw'isi.