RD Congo: Ivyitwazo vy’abaduteye nta shingiro na ntoya bifise - Tshisekedi

Perezida Felix Tshisekedi wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo avuga ko intambara iriko ibera mu buseruko bw’igihugu ciwe ari igitero ceruye gikorwa n’abitwaza ibitagira ishingiro.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwibuka imyaka 64 iheze Repubulika ya Demokarasi ya Congo yikukiye, Perezida Tshisekedi yagirije abo yita abansi bavuye hanze “bagatera igihugu cacu bitwaje imvo zitagira mvura ngo hari amabi akorerwa abanyagihugu bavuga ururimi rw’ikinyarwanda” baba muri DR Congo.

Ati: “ Insiguro zishirwa imbere n’abaduteye basanzwe bazwi nta shingiro na ntoya zifise.

“Ibiriko bibera i Kanyabayonga, i Kayini, mu bigwati vyo mu bumanuko bwa Lubero no mu bice vya Rutshuru, Nyiragongo na Masisi, ni igitero ceruye ku bwigenge bwacu”.

Muri iri jambo, ntadomako urutoke ku bo yita abansi bavuye hanze canke umubanyi ateje umutekano muke mu gihugu ciwe. Hagati aho, reta ya DR Congo isanzwe yagiriza Urwanda ko ari rwo rufashe mu mugongo, haba mu bikoresho no mu barwanyi, umuhari M23 uhanganye n’igisirikare c’ico gihugu mu buseruko, mbere ukaba umaze kwigarurira uturere tutari duke mu ntara ya Kivu ya Ruguru.

Yizeza abanyagihugu, cane cane ababa mu turere turangwamwo intambara mu buseruko, ko ataco atazokora kugira ngo igihugu gisubirane amahoro n’umutekano.

Ati: “Jewe nk’umukuru w’igihugu n’umugaba mukuru w’ingabo n’igipolisi c’igihugu, ndabijeje ko ntazodohoka mu kurwanira ubutaka bw’igihugu cacu no kugarukana amahoro.

“Kuri benewacu na bashiki bacu b’i Kanyabayonga no mu turere two mu micungararo yaho, ndifatanije namwe mu marushwa muri mwo….ndabijeje ko ndiko ndakora ibishoboka vyose kugira ngo ngarukane umutekano nongere nkingire abanyagihugu bacu bose”.

Intambara zirangwa mu buseruko bwa DR Congo zifise umuzi ku gico c’impunzi z’Abanyarwanda bahungiye muri ako karere mu 1994, inyuma y’aho izari inyeshamba za FPR zarwanya reta ya Juvenal Habyarimana zirukaniye iyi reta zikigarurira ubutegetsi.

Intambara zadutse mu kw’icumi 1996 zatumye amakambi yari acumbikiye izi mpunzi - zarimwo n’Interahamwe zagirizwa kugandagura ibihumbi n’ibihumbi vy’Abatutsi mu Rwanda mu gihe ca jenoside yo mu 1994 – asambuka.

Kuva ico gihe, aka karere k’ubuseruko bwa Congo nta mahoro arama karigera kabona.

Muri iki gihe, akarere k’ubuseruko bwa DR Congo gaharurwamwo imirwi y’inyeshamba irenga 100, M23 ukaba ari wo ugeramiye reta gusumba iyindi.

Kuva usubiye gutangura intambara mu mpera za 2021, umaze kwigarurira uturere tutari duke mu ntara ya Kivu ya Ruguru. Ku wa kane w’ino ndwi wigaruriye Kanyabayonga, igisagara cugurura inzira zigana mu mu bisagara vya Butembo na Beni mu buraruko, muri teritwari ya Lubero muri iyo ntara.

Utwigoro two kurondera kugarukana amahoro duhagarikiwe n’akarere biciye mu masezerano ya Nairobi na Luanda ntaco turashikako.