Abanya-Korea y'Epfo babaye bato mw’itegeko rishasha ryo guharura imyaka

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Kelly Ng
- Igikorwa, BBC News
Abanya-Korea y’Epfo bagabanutseko umwaka canke imyaka ibiri ku myaka yabo inyuma y’aho itegeko rishasha rikuriyeho uburyo bubiri kama bwo guharura imyaka kugira ngo hakoreshwe ubusanzwe bukoreshwa ku rwego mpuzamakungu.
Iri tegeko rishasha ryakuyeho uburyo bumwe kama bwavuga ko umunya-Korea y’Epfo avuka afise umwaka umwe ku musi w’amavuko yiwe, kuko baharura ikiringo yari amaze mu mbanyi.
Ubundi buryo bwategekanya ko buri muntu yaba akwije umwaka kuva kw’itariki ya mbere y’ukwezi kwa mbere, aho gufatira ku musi yavukiyeko.
Ingingo yo guhindura ingene baharura imyaka hakurikijwe itariki y’amavuko yatanguye gukurikizwa kuva kuri uno wa gatatu.
Perezida Yoon Suk-yeol yaraharaniye cane izi mpinduka igihe yiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka uheze.
Yavuga ko uburyo kama bwo guharura imyaka bwagize “ingaruka zidakenewe mu bijanye n’imibano hamwe n’ubutunzi”.
Nk’akarorero, hari ukutumvikana ku bijanye n’ubwishingizi hamwe no kwemererwa mu migambi ya reta ijanye n’ubufasha.
Imbere y’aha, uburyo bwakoreshwa cane mu guharura imyaka bwari uburyo buzwi nka “imyaka ya Korea” (Korean age) bwari bumaze ibinjana, aho umuntu yavuka afise umwaka umwe hanyuma akaronka uwundi mwaka ku wa 01 Nzero (Mutarama mu Kinyarwanda). Ibi bisigura ko umwana yavutse ku wa 31 Kigarama (12), yaba afise imyaka ibiri bukeye.
Ubundi buryo kama butandukanye buzwi nka “guharura imyaka” (counting age) na bwo nyene bwari busanzwe bukoreshwa, bwafata ko umuntu avukana imyaka ubusa, ariko bukongerako umwaka ku wa 01 Nzero (1).
Ibi bisigura ko, nk’akarorero, kuva kuri uno wa 28 Ruheshi (6) 2023, umuntu yavutse ku wa 29 Ruheshi 2003 ubu afise imyaka 19 mu buryo mpuzamakungu bwo guharura imyaka, 20 mu buryo kama bwo “guharura imyaka”, hanyuma 21 mu buryo bwa “imyaka ya Korea”.
Batatu kuri bane mu nya-Korea y’Epfo nabo nyene bari basanzwe bipfuza ko ubu buryo bwo guharura imyaka buja ku rugero mpuzamakungu, nk’uko biri mu matohoza yakozwe n’ikigo Hankook Research mu kwa mbere 2022.
Mu kwa cumi na kabiri guheze, niho abashingamateka batora bagakuraho ubu buryo kama bwo guharura imyaka.
Ariko n’ubwo biri uko, amategeko menshi yari asanzwe ahari afatiye ku kirangamisi ca “guharura imyaka “ (counting age) azogumaho. Nk’akarorero, abanya-Korea y’Epfo barashobora kugura itabi n’inzoga kuva umwaka bashikaniyeko imyaka 19, si kuva ku musi bayishikaniyeko.
Uburyo kama bwo guharura imyaka bwarakoreshwa kandi n’ibindi bihugu vyo muri Aziya y’ubuseruko, ariko vyinshi muri vyo vyarabuhevye.
Ubuyapani bwatanguye gukoresha uburyo mpuzamakungu mu 1950 mu gihe Korea ya Ruguru nayo yatanguye mu myaka ya 1980.










