Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Fabien Neretse yapfiriye mu Bubirigi aho yari mu gifungo c'imyaka 25 ku vyaha vya jenoside yo mu Rwanda
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Bruxelles
Fabien Neretse, umunyarwanda w’imyaka 74, yari apfungiwe ivyaha vya vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994, yapfuye nk'uko vyemejwe n’umushingwamanza.
Urupfu rwa Neretse rwatanguye kunurwanurwa mu mpera z’indwi yaraye irangiye, ariko kuri uyu wa mbere niho rwemejwe na Jean Flamme yamwunganira mu mategeko.
Avugana na BBC Gahuzamiryngo, Jean Flamme yemeje ko Neretse yapfuye mu gicugu co kuwa kane mu bitaro vyo mu gisagara ca Liège aho yari amaze igihe avurirwa inyuma yo gukurwa mw’ibohero aremvye.
Flamme yavuze ko yazize indwara y'igihe kirekire yamara yagiriza ubutungane bw’Ububirigi kugira uruhara muri urwo rupfu.
Yavuze ati: ''Ntakenka umunyororo yaciriwe niwo wunyuye amagara yiwe. Agicirirwa igihano mu rubanza yarambwiye ko bamunyongesheje ingagura kuko ata kindi yazira atari kuba umuhutu yize mu gihe ca Habyarimana''.
Flamme yemeje kandi ko ubutungane bw’Ububirigi bukorera ku gitutu c’ubutegetsi bw’Urwanda mu gucira imanza abagirizwa jenoside b’Abahutu bahungiye mu Bubirigi.
Fabien Neretse yaciriwe imyaka 25 yo gufungwa na sentare y’abanyagihugu ica imanza z’ivyaha bikomeye (cour d’assise) mu 2019.
Yagiriwe n'ivyaha vya jenoside no kwica mu kivunga Abatutsi aho yamuka mu karere ka Mataba mu buraruko bushira uburengero bw’Urwanda. Yagirijwe kwica abanyepolitike b’Abahutu ari bo Anastase Nzamwita na Joseph Mpendwanzi batavuga rumwe na MRND, umugambwe wari ku butegetsi muri ico gihe.
Neretse yari yize amashure ya kaminuza mu gisata c'uburimyi (Yari ingénieur Agronome). Yarabaye umuyobozi w'ikigo c’igihugu kijejwe guteza imbere ikawa mu Rwanda (OCIR-Café) mu myaka ya 1990.