'Papa Fransisko arwaye umusonga mu mahaha yompi' - Vaticano

    • Umwanditsi, Emma Rossiter
    • Igikorwa, BBC News

Papa Fransisco yafashwe n'umusonga mu mahaha yompi kandi ubuzima bwiwe buracari "bubi", nk'uko Vatikano.

Uno mupapa w'imyaka 88 yari amaze indwi irenga arwaye indwara yo guhema nabi, ku wa gatanu akaba yinjijwe ibitaro vya Gemelli biri i Roma.

Itangazo rya Vaticano rigira riti: "Ibipimo vyo mw'iradiyo vyakorewe Nyen'Ubweranda mu gikiriza kuri uyu muhingamo…vyerekana indwara y'umusonga mu mahaha yompi, ivyasaba ko ahabwa iyindi miti".

Rivuga ko ibipimo vyo muri laboratware, ivy'iradiyo mu gikiriza hamwe n'ingene Papa ameze "bibandanya gutanga ishusho itameze neza".

Nubwo biri uku, Vaticano ivuga ko Papa agumana "umunezero" kandi ko umusi wose yawumaze "asoma, aruhuka kandi asenga".

Papa Fransisko arakengurukira kandi abamwipfuriza ineza, abasaba no "kumusengera".

Imbere y'uko yinjizwa ibitaro mu ndwi iheze, Papa yari amaze imisi myinshi yerekana ibimenyetso vy'indwara y'amahaha, kandi yari yarungitse abamuserukira mu gusoma amajambo yari ateguwe mu makoraniro.

Yari yitezwe kuyobora amakoraniro menshi mu mpera z'indwi iheze mu mwaka mweranda wa Katorika wa 2025 uzobandanya gushika muri Nzero (1) y'umwaka uza, ariko amakoraniro yose yari ategekanijwe ku rutonde rw'ibikorwa vya Papa ku wa Mungu yarafuswe.

Ku wa mbere, Vaticano yavuze ko abaganga bamuhinduriye imiti ku ncuro ya kabiri mu gihe yari mu bitaro kugira ngo bashobore guhangana n'ico, ico gihe, biyumvira ko ari "indwara y'imigera myinshi yateye inzira y'ihemero".

Papa arakunze gufatwa n'indwara z'amahaha kubera uburwayi yanduye amaze gukura yatumye igice ca rimwe mu mahaha yiwe gikatwa igihe yari afise imyaka 21.

Mu myaka 12 amaze arongoye Ekleziya Katorika, uno mupapa akomoka muri Argentine yagiye yinjizwa ibitaro incuro zitari nke harimwo no muri Ntwarante (3) igihe yamara amajoro atatu mu bitaro kubera indwara y'agakorora k'agahehera mu mahaha.