Ukraine irahakana igitero ca drone zirenga 90 ku kirimba ca Putin

Zelensky

Ahavuye isanamu, EPA

    • Umwanditsi, Amy Walker

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine arahakana ivyo igihugu ciwe cagirizwa n'Uburusiya ko ari co cakoze igitero na za ndege zitajamwo abadereva (drone) kuri kimwe mu birimba vya Perezida Vladimir Putin, aca yagiriza Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) ko iriko igerageza kuburizamwo ibiganiro vy'amahoro.

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov avuga ko Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) yakoze igitero mw'ijoro ry'ejo ku kirimba ca Perezida Putin mu ntara ya Novgorod iri mu buraruko bw'Uburusiya ikoresheje amadrone 91.

Uburusiya buvuga ko bugiye gusubira kwihweza aho buhagaze ku bijanye n'ibiganiro vy'amahoro. Ntibiramenyekana neza aho Putin yari aherereye igihe iki kivugwa ko ari igitero ku muhana wiwe caba.

Zelensky yamirira kure ibi birego, akavuga ko ari ibinyoma Uburusiya bumenyereye bwitwaza mu kurondera kubandanya intambara.

Avuga ko imbere y'aha Uburusiya bwakoze ibitero ku nyubakwa za reta i Kyiv.

Ku rubuga rwa X, Zelensky yongeyeko ati: "Ni ngombwa cane ko ubu amakungu ahaguruka. Ntidushobora kureka ngo Uburusiya bubere intambamyi igikorwa co kurondera amahoro arama".

Mw'itangazo yacishije ku rubuga rwa Telegram ejo ku wa mbere, Lavrov yavuze ko aya madrone yose 91 avuga ko yari arekuriwe ku muhana wa Putin yasamiwe mu kirere agasamburwa n'ubuhinga bw'Uburusiya bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

Avuga ko ata makuru ahari avuga ko hoba hari abakomeretse canke bapfuye, canke y'ivyoba vyarononekaye muri ico gitero.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: "Turavye ingene iyi ntwaro y'inkozi z'ikibi ya Kyiv yataye umutwe, ubu ikaba yafashe inzira y'iterabwoba, Uburusiya bugiye gusubira kwihweza aho buhagaze ku biganiro".

Ariko yongerako y'uko Uburusiya ata ntego bufise yo kwivumbura mu biganiro na Amerika, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru ry'Uburusiya, Tass.

Ibi birego vya Moscou bije inyuma y'ibiganiro hagati ya Amerika na Ukraine i Floride ku wa Mungu, igihe baperezida Trump na Zelensky barabira hamwe integuro y'amahoro yasubiwemwo mu tumbero yo kurangiza iyi ntambara.

Inyuma y'uwo mubonano, Zelensky yabwiye ikimenyeshamakuru Fox News ejo ku wa mbere ko hari "amahirwe yo kurangiza iyi ntambara" mu 2026.

Ariko avuga ko Ukraine idashobora gutsinda iyi ntambara idafashwe mu mugongo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Zelensky avuga ko ibihano hamwe n'ingingo z'ubutunzi vya Trump vyerekana ko yiteguye gufata ingingo ruhasha. Yongerako ko ibi bishobora gutuma Amerika igarukana amahoro vuba.

Zelensky kandi yabwiye Fox News ko ata kimenyetso na kimwe cerekana ko Putin ashaka amahoro, kandi ko atizeye Putin.

Ati: "Sinizeye Putin kandi nta ciza ashakira Ukraine".

Zelensky avuga ko Amerika yijeje umutekano wa Ukraine mu kiringo c'imyaka 15, Trump na we akavuga ko amasezerano kuri iki kibazo ari hafi ku rugero rwa 95%.

Umukuru w'igihugu ca Ukraine avuga ko ibibazo bijanye n'ubutaka hamwe n'ikigo ca nikleyeri ca Zaporizhzhia cigaruriwe n'Uburusiya ari vyo bibazo vya nyuma bitaratorerwa inyishu, mu gihe ata kimenyetso kinini c'intambwe yoba imaze guterwa ku bijanye na kazoza k'akarere ka Donbas ka Ukraine kakirwanirwa – Uburusiya bukaba bushaka kukihagira kose.

Ubu Moscou igenzura hafi 75% vy'intara ya Donetsk, hamwe na 99% vya Luhansk ihana urubibe na yo. Izi ntara zompi zifatanye ni zo zitanga icitwa Donbas.

Uburusiya buramaze kwiyamiriza bikuru bikuru muri iyi nteguro ikiganirwako.

Ikarata yerekana uturere twigaruriwe n'Uburusiya muri Ukraine

Ejo ku wa mbere, Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) yavuze ko Perezida Trump yari "yahejeje ikiganiro ciza kuri terefone" na Putin, inyuma y'ibiganiro hagati ya Amerika na Ukraine.

Yuri Ushakov, umujenama wa Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ku bijanye n'imigenderanire n'ayandi makungu, yabwiye abanyamakuru ko muri ico kiyago co kuri terefone, Putin yamenyesheje ko iki gitero kivugwa ku muhana wiwe cabaye "haciye akanya gato inyuma y'ivyo Amerika yafata nk'ibiganiro vyagenze neza".

Ushakov yagize ati: "Umukuru w'igihugu ca Amerika yarababajwe n'iyi nkuru, yarashavuye avuga ko atashobora kwemera ibintu nk'ibi vy'ubusazi. Nta kabuza ko ibi bizohindura ukuntu Amerika ikorana na Zelensky".

Mu kiganiro ca nyuma yagiranye n'abanyamakuru, mu ntango Trump yasa n'uwuvuga ko atari azi ivy'iki gitero kivugwa, ariko mu nyuma aza kubwira abanyamakuru ko yabibwiwe na Putin kandi ko yashavuye cane.

Abajijwe nimba Amerika yoba yarabonye icemezo na kimwe c'ivyo Uburusiya buvuga, yishuye ati: "Tuzoraba. Uravuga ko kumbure iki gitero gishobora kuba kitabaye – ndibaza ko na vyo bishoboka. Ariko Perezida Putin yambwiye muri aka gatondo ko cabaye.