Papa Francis arashingurwa uno musi: Bigenda gute ?

Papa Fransisko arashingurwa uno musi: Bigenda gute ?
    • Umwanditsi, By Laura Gozzi and the Visual Journalism team
    • Igikorwa, BBC News

Ibirori vyo gushingura Papa Fransisko biza kuba ibisanzwe cane gusumba ivy'abandi bapapa b'imbere yiwe, nk'uko we nyene yavyisabiye.

Ariko nk'umurongozi yari ayoboye abantu barenga umuriyaridi w'abakatolika kw'isi yose, biza kuba ibirori nyavyo bikurikiza umuco n'akaranga.

Urupfu rwiwe rwatumye abantu b'ibihangange, abanyaporitike bakomeye hamwe n'abakristu ibihumbi n'ibihumbi bisukira i Vatikano kugira ngo bahe icubahiro uno mupapa.

Abasenyeri bakuru n'abepiskopi batangura kwegerana kuva isaha zibiri n'igice z'igitondo mu masaha y'i Roma, ni ukuvuga isaha zitatu n'igice mu masaha ya Gitega na Kigali, mu ruhande ruzwi nka Constantin Wing, umuhora uri hafi ya Bazilika yitiriwe Petero Mweranda (Basilique Saint Pierre/St Peter's Basilica).

Muri uwo mwanya nyene, abapatiri b'abakatolika baza gukoranira mu kibanza citiriwe Petero Mweranda (Place Saint-Pierre/Saint Peter's Square).

Inyuma y'inusu saha, abakuru b'ishengero ry'Aba-Orthodox be n'abakardinali baza guhurira mu gasengero kitiriwe Sabastiano Mweranda, kari imbere muri bazilika, ari naho hari ibisigarira vya Papa Paulo II.

Baza kugira urugendo rwo gushingura Papa Fransisko baherekeje isandugu aryamyemwo, yari imaze amasaha ane ya nyuma hagati muri Bazilika ya Petero Mweranda.

Kumushingura biza gutangura isaha zine, ni ukuvuga isaha zitanu i Gitega na Kigali igihe isandugu izoba ishikanywe mu kibanza kiri imbere ya Bazilika ya Petero Mweranda. Imisa iza kuba irongowe n'umukuru w'Abakardinali, Kardinali Giovanni Battista Re.

Abashitsi n'abanyacubahiro baza kuba bicaye hafi ya bazilika n'isandugu, ibihumbi n'ibihumbi vy'abandi bategetsi ba Ekleziya hamwe n'abanyagihugu nabo nibaza kuba bari imbere no mu micungararo y'ikibanza citiriwe Petero Mweranda, nk'uko vyagenze igihe Papa Benedigito XVI yashingurwa.

Imisa iza kurangizwa n'igisabisho co gusabira Papa Fransisko n'ico gushimira Imana – iki kikaba ari ico kumushira mu minwe y'Imana.

Aha ni ho haza kuba huguruwe ikigandaro c'imisi icenda kizwi nka Novemdiales kikaba kigizwe n'imisa buri musi yo kumwibuka.

Ni ba nde bitezwe muri ibi birori ?

Abategetsi biteze ko nibura abantu 250.000 baza kwitaba ibi birori vyo gushingura Papa Fransisko, habaka hitezwe abakuru b'ibihugu n'amareta bababa 170.

Umuganwa William ni we aza guserukira Umwami Charles III w'Ubwongereza, bikaba ari nako vyagenze mu 2005 igihe Charles III yari Umuganwa wa Pays de Galles/Wales yaserukira Umwamikazi Elizabeth II mu birori vyo gushingura Papa Yohani Paulo II.

Mu bandi bakuru b'ibihugu n'abami bitezwe harimwo Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa, Umwami Felipe VI wa Espagne ari kumwe n'Umwamikazi Letizia, hamwe na Perezida Luiz Inácio Lula da Silva wa Brezili.

Yahisemwo ko ashingurwa mu buryo busanzwe cane

Mu mwaka uheze, Papa Fransisko yasavye ko bamuhamba mw'isandugu isanzwe cane ikozwe mu biti, imbere isizemwo zinc. Iyi ni yo sandugu igaragara muri iki gihe co kumushingura.

Nk'uko bivugwa na Musenyeri Diego Ravelli, ari na we arongoye liturujiya ya Vatikano, iki gisabo cafatiye ahanini ku ciyumviro c'uko ibirori vy'ugushingura Umusenyeri w'i Roma (umupapa) ari ivy'umwungere n'umwigishwa wa Kristu, aho kuba umutegetsi ahambaye w'isi.

Papa Fransisko yari kandi umuyoboke wa Bikira Mariya, ari na co gituma yahisemwo gushingurwa mu gasengero Santa Maria Maggiore kari hanze ya Vatikano, hagati mu gisagara ca Roma. Ni bwo bwa mbere inyuma y'imyaka irenga 100 aho umupapa ashingurwa hanze ya Vatikano.

Ku gushaka kwiwe, mu 2022, yavuze ati: "Mu buzima bwanje bwose, no mu gihe c'ubutumwa bwanje nk'umupatiri n'umusenyeri, namye nishira mu minwe ya Nyina w'Umukama wacu, Umweranda Bikira Mariya.

Yanditse ati: "Nipfuza ko urugendo rwanje rwa nyuma rwo kw'isi ruherera neza na neza muri aka gasengero keranda ka kera ka Mariya, aho nama mpagarara kugira ngo nsenge mu ntango no mu mpera z'Urugendo rwanje rw'Ubutumwa urwo ari rwo rwose, ngashira imigambi yanje mu minwe y'Umuvyeyi Atagira Agahonzi, kandi nkamushimira ku kuntu anyitwararika nk'umuvyeyi".

Ku musi wa mbere atanguye amabanga yiwe nka Papa mu 2013, Fransisko yaravuye i Vatikano aja gusengera mu gasengero Santa Maria Maggiore.

Papa yasavye kandi ko imva yiwe yoba iri mw'ivu, isanzwe kandi yanditseko gusa ngo "Franciscus", ijambo ry'ikilatini yahisemwo nk'izina ryiwe.