Emmanuel Nkunduwimye yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda agiye gucirirwa urubanza mu Bubiligi

Muri sentare y'abanyagihugu ica imanza z'ivyaha bikomeye i Bruxelles mu Bubirigi ku wa 03 Ndamukiza 2024

Ahavuye isanamu, Alain Majesté Barenga

Insiguro y'isanamu, Muri sentare hari haje abantu benshi barimwo abifuza gutorwa nk'inyankamugayo zizofasha guca urwo rubanza
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umumenyeshamamakuru ari i Bruxelles

Sentare ica imanza z’ivyaha bikomeye i Bruxelles mu Bubirigi kuri uyu wa gatatu yahisemwo inyankamugayo zigiye kuzosasa mu rubanza rwa Nkunduwimye Emmanuel.

Uwo mugabo w’imyaka 65 yagirizwa ivyaha bifitaniye isano na jenocide, ubwicanyi bw’ikivunga bufitaniye isano na jenocide no gusambanya abagore ku nguvu.

Mu cumba ca sentare y’abanyagihugu ahabereye igikorwa co guhitamwo izo nyankamugayo, abantu bari benshi cane bagwiriyemwo abari bifuza gutorwa ngo bazosase muri urwo urubanza.

Izo nyankamugayo zisanzwe zitorwa mu banyagihugu basanzwe bari ku ntonde z’abitoza mu matora atandukanye mu Bubirigi.

Abarongoye sentare bazofatanya n’izo nyankamugayo mu guca urwo rubanza bahavuye bahitamwo inyankamugayo bakoresheje uburyo bw’igihamana mu bita (tirage au sort) haca abantu 24 barimwo 12 bazoca urubanza n’abandi 12 bazobasubirira mu gihe hogira uwufatirwa canke akagira izindi ngorane.

Emmanuel Nkunduwimye yari yishikiye muri iyo sentare aherekejwe n’abamwunganira babiri bose b’Abirigi: Dimitri de Béco na Marie Bassine. Uruhande rw’abacikacumu rwari rwaserukiwe na Maitre André Martin Karongonzi, umunyarwanda afise ubwenegihugu bw’Ububiligi, hamwe na Maitre Alexis Deswaef.

Ivyaha Nkunduwinye akekwako umurwi w’amatohoza uvuga ko yabikoreye mu nzu yarimwo amaduka menshi yitwa Amgar yari ku murwa mukuru w'Urwanda , Kigali. Aho yari ahafise kandi inzu yo gukora imiduga (garage) ari naho yakorera ivyo vyaha nkuko umurwi w’amatohoza ubivuga.

Umurwi w’amatohoza wemeza ko Nkunduwimye ari incuti ya hafi ya Georges Rutaganda yari icegera c’uwatwara Interahamwe mu Rwanda. Rutaganda yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yari yashiriweho Urwanda yakorera i Arusha muri Tanzania.

Urubanza rwa Nkunduwimye umushikirizamanza yari yifuje ko rubera rimwe n'urwa Ernest Gakwaya, w’imyaka 48, batazira Camarade.

Uwo nawe nyene yagirizwa ivyaha vya jenoside yoba yakoreye igihe kimwe na Nkunduwimye.

Gakwaya yarafasshwe mu Bubirigi mu 2011 ariko mu 2012 arahabwa umwidegemvo vy'agateganyo mu gihe hari hakironderwa ibindi vyemezo. Ariko Gakwaya ubu bivugwa ko ari mu Burundi aho yafatiwe mu 2022 agapfungwa yagirizwa gukoresha impapuro za magendo (mpimbano). Abetegetsi mu Bibirigi bavuga ko ubu yoba yararekuwe yidegemvya.

Abamwunganira rero basavye ko urubanza rwiwe rwoshirwa ikindi gihe, ivyo sentare yahavuye yemera.

Urubanza rwa Nkunduwimye ruzotangura ku wa mbere igenekerezo rya 08 ukwezi kwa kane uyu mkwaka i Bruxelles muri sentare y’abanyagihugu ica imanza zikomeye z'ivyaha.

Ni urubanza iyo sentare yemeza ko rushobora gutwara ikiringo kingana hafi ukwezi.