Ukraine – Russia: Amerika igiye guha Kyiv ibisasu vya uranium yagabanijwe ubumara

    • Umwanditsi, Na George Wright
    • Igikorwa, BBC News

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangaza ko zigiye guha Ukraine ibisasu vya uranium yagabanijwe ubumara bikoreshwa na vya bimodoka vy’intambara mu rwego rw’imfashanyo ya gisirikare n’ubutabazi ifise agaciro k’umuriyaridi urenga w’amadorari y‘Abanyamerika.

Uburusiya buriyamiriza iyi ngingo yo gukoresha ibi bisasu ku bimodoka vy’intambara (chars/tanks) vyitiriwe Abrams, ibisasu bisanzwe bitabonwa kumwe.

Iyi ngingo ije mu gihe Ukraine yagiriza Uburusiya kwica abantu 17 mu gitero ca misire kw’ibarabara rica hagati mw’isoko.

Mw’ijoro ryakeye, ivyikekwa ko ari ibitero vy’indege za Ukraine zitagira abadereva biravugwa mu gisagara ca Rostov-on-Don hamwe no mu micungararo ya Moscou mu Burusiya.

Videwo itaremezwa neza yerekana igisa n’igiturika hagati mu gisagara ca Rostov aho, nk’uko buramatari Vasily Golubev abivuga, umuntu umwe yakomeretse bukebuke amamodoka atari make akononekara.

Avuga ko amadrone abiri yateye iki gisagara kiri mu bumanuko bw’Uburusiya, kandi ko yompi yakorowe.

Umukuru w’igisagara ca Moscou, Sergei Sobyanin, avuga ko drone imwe yateye igisagara ca Ramenskoye ariko ko na yo nyene yakorowe, kandi ataco yononye.

Aya makuru yo mu Burusiya ntiyashoboye guhinyuzwa n’uruhande rwigenga.

Iyi mfashanyo nshasha yemerewe Ukraine yatangajwe mu gihe umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken ari mu rugendo i Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine).

Ibi bisasu bipima 120mm vya uranium bikoreshwa n’imodoka z’intambara – ibi bikaba biri mu mfashanyo ya Amerika ifise agaciro k’imiriyoni 175 z’amadorari y’Abanyamerika igenewe Ukraine – bikoreshwa n’ibimodoka vy’intambara M1 Abrams, vyitezwe kurungikwa muri Ukraine muri uno mwaka.

Uranium yagabanijwe ubumara (uranium appauvri/depleted uranium) mu bisanzwe ni uranium yakuwemwo igice kinini c’ubumara.

Uranium ni ubutare bukomeye cane, rero uranium yagabanijwe ubumara ishobora gukoresha mu gukomeza ubudahangarwa (armour-plating/blindage) bw’ibimodoka vy’intambara.

Bushobora gushirwa kandi kw’isonga ry’amasasu, ry’ibisasu vya muzinga n’iry’ibisasu vy’ibimodoka vy’intambara, kugira ngo bishobore gutobora ibimodoka vy’intambara bizwi ko ari ntamenwa.

Ibisasu vya uranium yagabanijwe inguvu birisongora iyo bishikiriye ikintu, ibi bigatuma bishobora gutobora ikimodoka ntamenwa, kandi bigaca vyaka iyo bikoranyeko n’ikintu.

Komite y’ishirahamwe ONU ijejwe ubuhinga ku bijanye n’inkurikizi y’imishwarara irekurwa n’ibisasu vy’ubumara (Effects of Atomic Radiation) isanga ata nkurukizi y’ubumara buva muri ibi bisasu vya uranium yagabanijwe ubumara, ariko uwundi murwi wa ONU nyene, Agence Internationale de l'Energie Atomique/International Atomic Energy Agency, uvuga ko ubu bumara bushobora kugira ingaruka ku bantu bakorakora ibisigarira vy’ibisasu vya uranium yagabanijwe ubumara.

Mu kwa gatatu, umuvugizi wa Pentagon (ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi) yari yavuze ko Amerika itari kurungikira Ukraine amasasu ayo ayi yo yose ya uranium yagabanijwe ubumara. Aya majambo yashikirijwe inyuma y’aho Ubwongereza bwari bumenyesheje ko bwari kurungikira Ukraine ibisasu bitobora ibimodoka vy’intambara.

Amerika kandi izotanga ibikoresho vyo kwivuna ibimodoka vy’intambara, ibirwanisho vyo kurwanira mu kirere, hamwe n’ibindi bisasu vya za misire zo mu bwoko bwa Himars.

Blinken ati: "Iyi mfashanyo nshasha izofasha gushigikira no kwongereza inguvu”.

Ibiro vy’ubuserukizi bw’Uburusiya i Washington biriyamiriza iyi ngingo bikavuga ko “yerekana ubunyamaswa”, bikongerako kandi ko Amerika "iriko yihenda mu kwanka kwemera ko igisirikare ca Ukraine cananiwe muri ca gikorwa cayo ciswe igitero co kwivuna umwansi”.

Kuva mu kwa gatandatu, Ukraine imaze kubohoza ubutaka buto cane rwose, ariko intwazangabo nkuru z’igisirikare ca Ukraine zivuga ko baherutse kumenera mu birindiro vya mbere bikomeye vy’Uburusiya mu bumanuko.

Nijoro ku wa gatatu, abantu 17, harimwo n’umwana, baraye bishwe mu gitero cakozwe ku gisagara ca Kostyantynivka, mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko bwa Ukraine.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yagiriza Moscou ko ari yo yakoze iki gitero ariko Uburusiya ntiburagira ico bukivuzeko.