'Iyo zitaba inkino, hari naho mba ndi inkozi y'ikibi' - uwatahanye umudari wa Olempike Tebogo

    • Umwanditsi, Celestine Karoney
    • Igikorwa, BBC Sport Africa

Letsile Tebogo, uwo muhungu yarezwe na nyina wenyene mu gisagara co mu bumanuko bwa Botswana, inkino zaramuciriye inzira yo kuva mu buzima butoroshe bwo mu gihugu hagati.

Iyo adakunda cane umupira w'amaguru n'inkino z'ubunonotsi – zahavuye zimuzanira umudari wa Olempike ku metero 200 mu rwego rw'abagabo muri Myandagaro mu mwaka uheze – uwo muvudutsi w'imyaka 21 avuga ko bishoka cane ko ubuzima bwiwe bwari kuba butandukanye n'ubwo afise ubu.

Tebogo yabwiye BBC Sport Africa ati: "Iyo ntagira siporo, kumbure [mba ] ndi inkozi y'ikibi."

"Mu karere nakuriyemwo, hari inkozi z'ikibi nyinshi. Twiyumvira ko bwari bwo buryo bwonyene bwo kuronka ingene umuntu abaho."

Kwijukira inkino i Kanye, ku bilometero nka 80 uvuye ku murwa mukuru Gaborone, vyarafashije mu guha intumbero iminsi ya Tebogo.

Ubwa mbere yari nk'umukinyi w'imbere ku ruhande i bubamfu mu kibuga c'umupira w'amaguru, imbere y'uko ahindura akaja mu vyo kwiruka mw'ishure ry'intango.

Ati: "Nari nzi ko ntegerezwa kuva kw'ishure ngaca nja mu myimenyerezo, kandi uba urushe. Nta mwanya mwinshi uba ufise wo kuzunguruka mu mabarabara, ugenda urinjira mu mihana y'abantu."

"Ivyo maze kubimenya, naragerageje kujana bakeya mu bagenzi banje.

"Ubu bakina umupira w'amaguru kandi twama twayaze ingene iyo izi nkino zitagira ico zidufashije, tuba turi he?

"Inkino zaramfashije cane."

Kuba icitegererezo ku runganwe rukrikira

Kubera ivyo wenyene yaciyemwo mu bwana bwiwe, Tebogo ubu ari mu butumwa bwo gukoresha ububasha bwo guhindura ibintu n'inkino kugira ngo atere intege urunganwe rukurikira afatanije n'urwego rw'inkino z'ubunonotsi kw'isi, World Athletics.

Yaratowe ngo abe ambasaderi w'igisata c'abana muri urwo rwego -Kids' Athletics - umugambi ugamije guhimiriza abana kurushiriza kugira umwete.

Ati: "Inkino zarampaye amahirwe menshi cane, nshaka rero ko abakiri bato bigirira icizere, biyumvire gushika kure cane kandi baryoherwe n'inkino".

"Mu vy'ukuri ni ukubereka iyo batumbera, kuko iyo dufise umwanya mwinshi tudafise ico tuwukoza, usanga dukunda gukora ibintu biteye kubiri n'amategeko.

"Dutangura kunyonora, gufata ibiyayuramutwe n'ibindi nk'ivyo."

Impano za Tebogo zari zizwi muri Afrika hose n'imbere y'uko aca umuhigo mushasha muri Afrika ku metero 200 i Paris mu 2024, aba umunya-Botswana wa mbere atahukanye umudari wa Olempique.

Umukuru w'urwego rw'inkino z'ububonotsi kw'isi Lord Sebastian Coe abona ko uko Lebogo ateye ari icitegererezo.

''Iyo umuntu w'impano nka Letsile abonetse, vyerekana ko hari abandi bakiri bato bari mu makanda yiwe,'' niko Lord Coe avuga.

"Letsile yifitiye icizere, afise ishaka nkandi yicisha bugufi, kandi aramaze kuba icitegererezo ku runganwe rw'abashobora kuba abanonotsi n'abana.''

Ku wa gatatu, Tebogo yari yagarutse kuri kimwe mu bibanza vyiwe vya kera vy'imyimenyerezo, Mma Masire Grounds, aho yagiye mw'isiganwa bahererekanya (relai/relay) ryitabwe n'abana barenga 1.000.

Yasiguye ati: "Nama nca ngaha iyo mvuye mu myimenyerezo.

"Ndasubiza amaso inyuma nti naciye ngaha none nsigaye ndi rurangiranwa kw'isi yose.

"Ufatira ku kantu gato ufise maze ugakurikirana ico wifuza gushikako."

Ingene intsinzi yo muri Olempike iriko irahindura ibintu

Ingendo nshasha y'ikiringo gishasha c'amahiganwa

Umwaka uheze wabaye umwaka usosa ukarura kuri Tebogo kuko intsinzi yiwe ku murwa mukuru w'Ubufaransa yaje haciye amezi make nyina wiwe Seratiwa apfuye.

Ivyo yakoze mu nkino za Olempike vyatumye igihugu ca Botswana cose gihagara, hatangazwa umunsi mukuru w'igihugu wo guhimbaza intsinzi yiwe, abantu ibihumbi n'ibihumbi baja kumusanganira agarutse.

Tebogo kandi yatumye kandi igihugu ca Botswana gitahana umudari w'ifeza muri relai/relay 4x400 (basiganwa bahererekanya inyuma ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aca yitwa umunonotsi w'isi w'umwaka.

Uwo muvudutsi avuga ko kuva ico gihe ubuzima butasubiye kuba nk'uko bwahora.

Ati: "Umudari w'inzahabu wa Olempique wugururiye umugwi imyango myinshi, kuko sinshobora kubikora jenyene".

"Naranezerewe no kwumva no kubona abakiri bato benshi ubu bakunda cane kwitaba nkikino, atari iz'ubunonotsi gusa, ariko barashaka kugerageza ico ari co cose hanyuma babe mu b'imbere muri nkino kanaka."

Inyuma y'intsinzi yiwe ku metero 200 i Paris, Tebogo yavuze ko atashobora kuba uwishira imbere muri ico gisata c'inkino kuko asanzwe atari ''umuntu w'amanyama n'ijwi rirenga'' nk'umuvudutsi w'umunyamerika Noah Lyles, yatwaye umudari wa bronze ku metero 200 n'uw'inzahabu ku 100m muri izo nkino.

Yarasiguye neza ivyo yavuze none ubu avuga ko abo basigaye ari abagenzi.

''Iyo ushitse mu kibuga, nta kindi atari icakujanye,'' niko Tebogo yavuze.

''Iyo duhejeje, duca dusubira kuba abagenzi hanyuma ubuzima bukabandanya.

''Ariko 'amanyama'... ni mwiza mu kumenyekanisha inkino zacu kuko arazi ico gukora. Ariko jewe, namana amasoni yo kubikora kuko ari uko meze.''

Tebogo yatanguye umwaka mushasha w'inkino mu kwiruka 400m kugira abe aramenyera kutaruha mu gihe ariko aritegurira amahigwanwa y'isi y'inkino z'ubunonotsi zizobera i Tokyo mu kwezi kwa Nyakanga (9), kandi aramaze gutsinda rimwe aho yahuye n'abandi kuri izo metero.

Ku 200m, ihiganwa ryiwe rya mbere mu 2025 rizobera mu gihugu iwabo ku murwa mukuru Gaborone mu mpera z'iyi ndwi. Rizoba ari ihiganwa ryo ku mugabane wa Afrika.

''Bisigura vyinshi kuri jewe,'' niko yavuze.

''Bashaka kubona ivyo nakoze muri Olempike n'igice ca nyuma ca 200m, ivyo tukaba turiko turabitegura ngo tuzovyereke abanyagihugu bacu ngaha.''

Mu mwaka uza Botswana kizoba igihugu ca mbere co muri Afrika cakiriye inkino zo kwiruka z'abakuze igihe hazobera amahiganwa yo gusiganwa bahanahana (relai/relay).

Tebogo avuga ko iryo higanwa rizoha abakiri bato akarorero gafadika k'ibishoboka.

''Bizoba icitegererezo ku bana benshi,'' niko avuga.

''Kumbure bazobona amasura mashasha muri izo nkino zo mu 2026 kuko ubu ndabona abantu benshi bariko barakora cane kugira bazobice bicike bari mu gihugu iwabo.''