Kenya: Igipolisi casambuye umurwi utwara abantu mu kinyegero kurwanira Uburusiya muri Ukraine

Abakenya bashika 22 batowe mu nyubakwa iri mu micungararo ya Nairobi barindiriye kurungikwa mu Burusiya, nk'uko bivugwa n'igipolisi

Ahavuye isanamu, Directorate of Criminal Investigations-Kenya

Insiguro y'isanamu, Abakenya bashika 22 batowe mu nyubakwa iri mu micungararo ya Nairobi barindiriye kurungikwa mu Burusiya, nk'uko bivugwa n'igipolisi
    • Umwanditsi, Wycliffe Muia
    • Igikorwa, Nairobi

Igipolisi ca Kenya kivuga ko catabaye abantu barenga 20, bari mu vyara vy'umurwi wikekwa ko ukora magendo ya kiremwamuntu, wari wabahendahenze ko bazoshika baronka akazi mu Burusiya ariko bafise intego yo kubarungika kurwana muri Ukraine.

Ni inyuma y'amakuru yatanzwe n'igendereza ku nyubakwa iri ku nkengera z'umugwa mukuru Nairobi, aho abapolisi batoye ibikoresho bakoresha mu kurondera abantu, ibitabo vy'inzira n'amakete yitwa ko abahamagarira akazi.

Umwe mu biketswe yarahagaritswe, yagirizwa ko ari we yari ajejwe gukurikirana ingendo zabo gushika mu Burusiya muri uku kwa Nyakanga (9) na Gitugutu (10).

Yararengukishijwe muri sentare, nayo ikaba yafashe ingingo ko apfungwa imisi cumi mu gihe igipolisi kizoba kiriko kibandanya n'amatohoza.

Impungenge zigenda ziyongera ku gitigiri c'Abakenya bahendwa bagatwarwa hanze mu buryo bwa magendo babeshwe ko bazoshika bakora akazi.

Umunonotsi w'Umukenya aherutse gufatirwa muri Ukraine, avuga ko yabeshwe akisanga mu gisirikare c'Uburusiya.

Abategetsi bavuga ko ihagarikwa ry'abagize uno murwi ku wa gatatu ryakozwe mu kibiri hagati y'inzego zitandukanye z'umutekano mu gikorwa co guhiga uno murwi w'inkozi z'ikibi, umaze igihe waka amafaranga menshi cane Abakenya barondera akazi.

Abakenya bashika 22 bose hamwe batowe mu nyubakwa iri ahitwa Athi River, "barindiriye kurungikwa mu Burusiya".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igipolisi kivuga ko uno "murwi wo mu kinyegero ugizwe n'abantu bacuruza abantu" uhendahenda Abakenya mu kubemerera akazi i Moscou, ariko bikarangira babarungitse muri Ukraine kurwanira igisirikare c'Uburusiya.

Abapolisi bavuga ko aba bantu bagomba bashorwe bababwiye ko bateye igikumu ku masezerano n'ishirahamwe ritavuzwe izina ritanga akazi hanze, bakiyemeza kuriha gushika ku bihumbi 18 vy'amadorari y'Abanyamerika mu kuriha ama-viza, urugendo, uburaro n'ibindi nkenerwa ku rugendo.

Bamwe muri aba bantu bavuga kandi ko bari bamaze kuriha amadorari 1500.

Igipolisi kivuga ko bamaze kwinjira, benshi bagaruka muhira ari inkomere, barahahamutse, canke rimwe na rimwe mbere ntibanagaruke.

Bivugwa ko hari Abakenya babiri baherutse gutahuka, umwe akaba arajwe mu bitaro bimwe vyo mu gisagara.

Umutegetsi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire aherutse kuvuga ko reta ya Kenya iriko irakurikirana amakuru avuga ko hari Abakenya batari bake bivugwa ko barungitswe mu buryo bwa magendo mu Burusiya ubu bakaba bari mu minwe ya Ukraine nk'impfungwa zo mu ntambara.

Abanyagihugu bava muri Somalia, Sierra Leone, Togo, Cuba na Sri Lanka, no mu bindi bihugu ubu bapfungiwe mu makambi y'impfungwa z'intambara muri Ukraine, nk'uko Petro Yatsenko, umuvugizi w'igisata ca Ukraine kijejwe impfungwa z'intambara, aherutse kubibwira BBC.

Hagati aho, avuga ku zindi mpfungwa z'intambara, yongeyeko ko "ibihugu vyinshi vya Afrika bititaho ko abanyagihugu bavyo batahukanwa kandi ko batipfuza kubatahukana".