Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia-Ukraine: Putin yabwiye Abarusiya ko intego z’intambara yiwe zitarahinduka
- Umwanditsi, Na George Wright, Vitaliy Shevchenko & Paul Kirby
- Igikorwa, BBC News
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya avuga ko ata mahoro na Ukraine azobaho mu gihe “tuzoba tutarashika ku ntego zacu”.
Yariko yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu basanzwe mu kiganiro ciwe ca mbere kuva agomoreye ingabo kuri Ukraine muri Ruhuhuma/Gashyantare 2022.
Vyinshi mu vyavugiwe muri iki kiganiro cari kigenzuwe cane vyibanze ku co yita “igikorwa kidasanzwe ca gisirikare muri Ukraine".
Ashimangira ko ibintu biriko biramera neza ku rwasiro rwose.
Iki kiganiro cacishijwe ku mboneshakure nkuru nkuru hafi zose mu kiringo c’amasaha arenga ane, catangujwe n’ijambo rya Perezida Putin abwira Abarusiya ati: "Igihugu cacu ntigishobora kubaho kitagira ubusugire. Ntigishobora kuhabo”.
Yongerako ko ubutunzi bw’Uburusiya buhagaze neza muri iki gihe c’intambara. Inyuma y’aha ikiganiro kikaba caciye cibanda kuri Ukraine.
'Abarusiya 617.000 bari ku rugamba muri Ukraine'
Putin avuga ko "hazoba amahoro [muri Ukraine] igihe tuzoba dushitse ku ntego zacu". Izi "ntego ntizihinduka”, niko avuga azidondagura ko ari "gukuraho intwaro y’iki-Nazi, gusambura igisirikare no kugira Ukraine igihugu ataho cegamiye”. Izi ni zo ntego yamye ashira imbere kuva intambara itangura.
Yahavuye ashira ahabona ko Uburusiya ubu bufise ingabo 617.000 zirwana muri Ukraine. Avuga kandi ko hejuru y’abantu 300.000 bategetswe kwinjira mu gisirikare mu mwaka uheze, hari abandi 486.000 binjiye mu gisirikare ku gushaka kwabo nk’abasirikare bari ku masezerano.
Ati: "Igitigiri c’abantu bacu biteguriye kurwanira inyungu z’igihugu cacu n’ibirwanisho mu minwe ntikiriko kiragabanuka. Bose hamwe, mu mpera z’umwaka hazoba haburako gato gusa ku gice c’umuriyoni. Kuki twokenera guhimiriza abandi?”.
Nta gitigiri c’abasirikare bamaze kuhasiga ubuzima atanga, ariko yavuze ko hari abana b’incuti za hafi barwana mu kizwi nk’amakompanyi ya gisirikare y’abigenga, kandi hari n’abantu “b’incuti zanje” bamaze gupfa.
Icegeranyo c’igendereza rya Amerika kikiri mw’ibanga cavuze muri ino ndwi ko abasirikare b’Abarusiya 315000 bamaze kwicwa canke bakomeretse kuva intambara itanguye.
Hampande y’ibibazo Putin yabajijwe n’abanyamakuru b’Abarusiya n’abanyamahanga, bivugwa ko abanyagihugu basanzwe bashikirije ibibazo imiriyoni zibiri kandi vyabanje kwihwezwa imbere y’igihe.
Umunyamakuru ashikiriza amakuru y’intambara akaba akorera ikinyamakuru c’Uburusiya Izvestia gifise icicaro mu ntara ya Luhansk yigaruriwe n’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine yabajije Putin ku bijanye n’ingabo za Ukraine ziherutse gushinga rukaguma mu gice c’ubuseruko bw’uruzi Dnipro kiri mu minwe y’Uburusiya.
Mu gusigura ko ari intambwe ingabo za Ukraine zateye mu “gace gatoya” mu kigoro ka nyuma ka Ukraine ko kugerageza kumenera muri Crimée/Crimea, Perezida Putin yasiguye ko ingabo z’Uburusiya zafashe ingingo yo gusubira inyuma imetero zitari nke mu karere kagizwe n’ibiti mu ntumbero yo “kurokora abahungu bacu”. Yabandanije avuga ko icatumye Ukraine ikora uku ari ugushaka kwereka ibihugu vy’Uburengero ko ikeneye ayandi mafaranga.
Ati: "Si nzi igituma bakora ibi, bariko bashora abantu babo kwicwa, ni urugendo bafata ubutagisubira inyuma ku basirikare ba Ukraine. Bafise intumbero ya poritike kuko abategetsi ba Ukraine bariko basaba ibihugu vyo hanze imfashanyo".
Putin avuga ko imfashanyo Ukraine ihabwa n’incuti zayo iriko irahera.
Mu gihe Perezida Putin yariko aravuga, umunyamabanga mukuru wa OTAN/NATO nawe yaremeshejej ikiganiro n’abanyamakuru ku cicaro c’iri shirahamwe i Buruseli, aho yagabishije ati: "Ari nka hamwe Putin yotsinda muri Ukraine, hari igihamana kibi ko intambara yiwe itogarukira aho”.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yagabishije ikoraniro ry’Ubumwe bw’ibihugu vya Bulaya ko Putin uburuhiro ashobora kubihindukirira mu gihe vyonanirwa no gufata ingingo ku kibazo ca Ukraine.
Mw’ijambo yashikirije akoresheje ubuhinga bwa videwo , Zelensky yavuze ati: "Abanyagihugu ba Bulaya nta nyungu n’imwe bazoronka mu gihe Bruxelles yoha Moscou akaryo keza gatumwe n’ingingo mbi yofatwa kuri Ukraine. Nta gisivya ko Putin yokoresha aka karyo kuri mwebwe ku giti canyu, hamwe no ku Bulaya bwose”.
Putin yabandanije avuga ko ingabo z’Uburusiya ari zo zifise ibintu mu minwe ku rwasiro rwose muri Ukraine.
Ati: "Mu vy’ukuri, tudashatse kwishira hejuru, ingabo zacu ziriko ziravyitwaramwo neza”.
Nta ntambwe nini zateye ku rubuga muri ano mezi ya vuba, ariko Uburusiya buriko bwizizira cane ibisagara bibiri vyo mu buseruko mu ntara ya Donetsk, Mariinka na Avdiivka.
Putin ashimangira ko Uburusiya "bushobora gutera buja imbere" n’aho ibihugu vy’Uburengero vyabufatiye ibihano bikanabutaramura bivuye ku gitero cabwo kuri Ukraine.
Abanyamerika bapfungiwe mu mabohero y’Uburusiya
Mu bindi Putin yagarutseko, yaravuze ku migenderanire na Amerika hamwe n’Ubumwe bwa Bulaya.
Avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari igihugu gikenewe ariko akacagiriza ugushaka kwiganza kw’isi. Yateye akamo Amerika “kwubaha abandi bantu n’ibindi bihugu” kandi ko Uburusiya bwiteguye kunagura imigenderanire mu gihe ibi vyoba.
Umunyamakuru w’ikinyamakuru New York Times Valerie Hopkins yabajije Perezida Putin ibisabwa kugira ngo Uburusiya burekure Abanyamerika babiri bapfungiwe mu mabohero y’Uburusiya – aba nabo bakaba ari umunyamakuru wa Wall Street Journal yubashwe cane Evan Gershkovich hamwe n’uwahoze ari umusirikare Paul Whelan.
Amerika ibona ko aba bagabo bompi bapfunzwe ku karenganyo.
"Ku bijanye no guhanahana impfungwa…dushaka gushika ku masezerano, kandi aya masezerano ategerezwa kwemerwa kandi akorohereza impande zompi”, niko Putin yishuye, aho yongeye asigura ko aba bagabo bapfunzwe ku ngingo ya sentare.
Abandanya agira ati: “Hari ibiganiro bibandanya kuri iki kibazo. Ni ibiganiro bitoroshe kandi si nshaka kuja muri birebire ubu, ariko ndibaza ko muri rusangi turiko turavugana mu rurimi twempi twumva. Ndibaza ko tuzotora umuti".