Igituma gucungera umutekano wa Trump ari ingorabahizi

    • Umwanditsi, Kayla Epstein
    • Igikorwa, BBC News

Igisa nk'ukugerageza kwica Donald Trump ubugira kabiri catumye hagaragara ibibazo vyinshi bihanze urwego rujejwe gucungera umwe mu bantu b'igihagararo gikomeye cane kw'isi.

Igihe Trump aba ari ahabona bituma urwego rwo gucungera abategetsi n'abahoze ari abategetsi bo hejuru (Secret Service) rugira ikibazo cihariye c'umutekano n'ico kwongerwa uburyo, nk'uko umwe mu bahoze barukoramwo yabwiye BBC.

''Rurarengerwa,'' vyavuzwe na Paul Eckloff, yakoze muri Secret Service imyaka 20 akanacungera Trump igihe yari umukuru w'igihugu.

''Umwanya amara hanze, ubwinshi bw'abantu baza mu makoraniro yiwe, no kuba igisirikare kitunganira [urwo rwego], bituma [igikorwa co kumucungera] kigorana gusumba.

Secret Service, urwego rucungera abaperezida n'abandi bategetsi bo hejuru muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ruza imbere mu bimaze gushika kabiri aho Trump ahakwa kwicwa.

Urwo rwego ubu vuba ruherutse gushikiriza impungenge ku buryo bukenewe guhabwa abacungera uwo yahoze ari umukuru w'igihugu.

Muri iyi indwi, umukozi wo muri urwo rwego yarabonye umugabo afise inkoho yinyegeje mu bisaka hafi ya West Palm Beach, ikibuga ca golf c'uwo yahoze ari umukuru w'igihugu, muri Florida.

Uwo mukozi yaciye arasa uwo yikekwa, nawe aca ariruka n'imodoka imbere y'uko afatwa inyuma y'akanya gatoya.

Ivyo vyabaye inyuma y'ivyari vyashitse mu kwezi kw'indwi i Butler muri Pensylvania, aho hari umugabo afise inkoho yarashe agakomeretsa Trump ku gutwi. Ivyo vyatumye urwo rwego -rushingwa ijisho cane ku buryo rukora.

Uburongozi bw'urwo rwego bwaragiye kwisigura imbere y'inzego nshingamateka na nkenguzamateka kuva ico gihe, umuyobozi warwo araremerwa cane gushika aho atanga imihoho, abashingamateka n'abakenguzamateka bakaba baciye bashiraho umugwi wo kwihweza ibigeramiye ubuzima bw'uwo ariko aritoza kw'izina ry'aba Republicain.

Hagati aho ibiherutse gushika vuba vyavyuye ikibazo co gusaba ko haboneka ayandi mafaranga yo kwunganira urwo rwego kugira rubashe gucungera neza abariko baritoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu cuka ca poritike benshi batinya ko gishobora gukwega izindi ntureka.

Aho vyinshi bimenyekaniye kuri iryo gerageza ryo kwica Trump, perezida Joe Biden yabwiye abamenyeshamakuru ku wa mbere ko Secret Service ''ikeneye ubundi buryo'' ko none inzego nshingamateka na nkenguzamateka zitegerezwa gutanga inyishu.

Urwo rwego rwarushirije gushiramwo inguvu mu gukora kuva mu kwezi kw'indwi, ariko ikirangaminsi gishobora kuba intambanyi mu kwiga vyihuta ingene rwokwongerwa uburyo.

Hasigaye iminsi idashika 50 kugira habe amatora yo ku wa 5 Munyonyo (11), kandi inzego nshingamateka na nkenguzamateka zigabuye mu mpande za poritike ntizishobora kwumvikana ku nteguro y'amafaranga yimirije, ivyo bikaba bisigura ko Amerika ishobora kubamwo ihagarikwa ry'imirimo ya reta (government shutdwon) kuva ku wa 1 Gitugutu (10).

Amafaranga yo kwongera Secret Service ashobora kuba umuzi w'ibuye kubera uko bihagaze muri poritike.

Umukuru w'inama nshingamateka MikeJohnson, indongozi y'umu Republicain ari imbere muri iyo ntambara y'amafaranga yo gukoresha, yiyamirije ivy'uko urwo rwego rukingira abategetsi rwongerwa amafaranga.

''Sinibaza ko ari ikibazo c'uburyo,'' niko yavuze kuri Fox News. ''Perezida Trump akwiye gukingirwa n'umuntu wese. Niwe aterwa cane; niwe ageramiwe cane.''

Ariko umuyobozi mfatakibanza w'urwo rwego Ronald Rowe, yarandikiye ikete inama nshingamateka na nkenguzamateka ku ndwi iheze, avuga ko ''ukwiyongera kw'ibikorwa vy'urwo rwego gusaba ukwongereza uburyo''.

Urwo rwego kuva kera rurahangwa no gucungera Trump ku bibuga vya golf, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Washington Post, kandi rwaranagerageje kugabisha uwo yahoze ari umukuru w'igihugu ku mahirwe bishobora guha uwurondera kumutera.

Mu 2022, uwari umuyobozi w'urwo rwego James Murray yaragabishije abashingamateka n'abakenguzamateka ko urwo rwego birugora cane gukurikira umurindi n'ubunini bw'amakoraniro ya Trump.

Yerekanye ko kuba igisirikare kidashigikira urwo rwego nk'uko kibigira ku mukuru w'igihugu aba akiri mu mabanga bituma abakozi bavunwa n'akazi ko gucungera Trump kuva avuye mu mabanga y'umukuru w'igihugu.

Urwo rwego rwari rusanzwe rumenyereye gucungera abakuru b'igihugu mu makoraniro. Ariko kuri Trump, ''ibintu bimeze ukundi, kandi ayo makoraniro araba kabiri, gatatu, kane buri kwezi,'' niko Murray yavuze.

Iyo Trump agiye gukina golf bituma ibintu bigorana gusumba.

''Kuja gukina golf bitera ingorane. Uba uri hanze, mu kibanza kitugaye, amasaha atari make mu gihe kimwe,'' niko Eckloff yavuze.

Iyo Trump yari kuba ari umukuru w'igihugu ari mu mabanga, ''ikibuga cose ca Palm Beach cari gukikuzwa [n'abajejwe kumucungera], nk'uko vyavuzwe n'umwe mu betegetsi b'ako karere.

Abandi bakuru b'igihugu, harimwo na Barack Obama, nabo nyene barakina golf bakiri mu mabanga. Ariko uwo yahoze ari umukuru w'igihugu yakinira mu kigo ca gisirikare, aho umutekano wari woroshe gucungera, ku bwa Eckloff yahoze akorere urwo rwego Secret Service.

Muri iyi ndwi, abashingamagateka n'abakenguzamateka basavye ko abitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu bocungererwa umutekano ku rugero rungana n'urwo umukuru w'igihugu akiri mu mabanga.

Umuyobozi mfatakibanza wa Secret Service yavuze muri iyi ndwi ko umutekano wa Trump ubu ucungerewe ku rugero ''rwa mbere rwo hejuru''.

Urugero rwo gucungera Trump ''rwegereje uko bishoboka kwose urwo gucungera umukuru w'igihugu'', niko Eckolff yavuze.

Ariko, aremera ko ''ivyo bitavuze ko udashobora gucungerwa kurusha aho''.