Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwo Papa mushasha arashobora kuzoba Umunyafrika?
- Umwanditsi, Lebo Diseko
- Igikorwa, Akora inkuru z'amadini kw'isi
Iyaba uko Ekleziya Katolika igenda iraba nini ari kwo kwonyene kwerekana aho Papa azokurikira yova, aho rero nta nkeka ko uwokurikira yoba ari Umunyafrika.
Afrika ni yo ifise urugero runini rw'ukwiyongera kw'abakatorika kuruta ibindi bice vyose kw'isi, rungana na 50% y'ingene abakatolika biyongera kw'isi. Icegeranyo ca vuba ca Vatikano cerekana ko mu 2022 hafi 20% vy'abakatolika kw'isi baba kuri uwo mugabane. Aho ni ukuvuga ko biyongeye ku rugero rwa 0,32% ugereranije n'umwaka w'imbere y'aho, urugero rwa mbere runini kurusha ibindi bice vvyose.
Mu buryo butandukanye n'ubwo, ibiharuro vy'i Buraya vyaraduze gatoyi cane nka 0,2% muri ico kiringo nyene. Kandi hagati y'umwaka wa 1910 n'uwa 2010, ibitigiri vy'abakatolika vyaragabanutse kurenga 63%, nk'uko bivugwa n'ikigo c'ubushakashatsi citwa Pew Research Centre kiri muri Amerika. Ako karere, kahora kabonwa ko ari ko mutima c'ubukristu, kaciye gacika kamwe mu turere tw'abatagendera ku madini kurusha.
Kandi naho Ekleziya Katolika igifise ijambo muri Amerika y'Epfo, iriko iratwarwa ikibanza n'amashengero ya Evangelique mu bihugu vyinshi vyo muri ako karere. Icigwa cakozwe mu mwaka wa 2022 n'ishirahamwe Latinobarómetro mu bihugu 18 vyo muri ako karere, cerekanye ko igitigiri c'abantu biyita abakatolika cagabanutse kuva ku 70% mu 2010 kija kuri 57% mu 2020.
None igihe abakaridinali batora bazoba bakoraniye i Vatikano kugira bitorere uwuzosubirira Papa Fransisiko, birakwiye ko mu gutora bokwisunga amamuko y'uwitoza?
Patiri Stan Chu Ilo, umupadiri w'umukatolika wo muri Nigeria akaba n'umwigisha muri kaminuza ya DePaul, ni ko yiyumvira.
Yambwiye ati: ''Bizoba vyiza cane kugira Papa w'Umunyafrika'', avuga ko uburongozi bwa Ekleziya bukwiye kugaragaza neza uko ishengero ry'isi yose ryubatse.
Papa Fransisko yarongereje igitigiri c'abakaridinali bo muri Afirika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara bazotora uwuzomusubirira kuva ku 9% igihe yatorwa mu 2013 gushika ku 12% mu 2022. Ariko Patiri Chu Ilo avuga ko ivyo bidasobanura ko bategerezwa guca batora umuntu aturuka muri Afrika.
Avuga ko abakaridinali bashobora gutora umuntu asanzwe ari mu bicocoro: "umuntu asanzwe afise ijambo."
"Ingorane ni uko ata mukuru w'idini wa Afrika afise ikibanza gikomeye uno musi muri Vatikano, kandi ivyo biratera ingorane.
"Wiyumviriye abakaridinali b'Abanyafrika bashobora kuba abapapa, ni nde azwi cane mu bukatolika kw'isi yose muri iki gihe? Inyishu ni nta n'umwe."
Ivyo, uko Patiri Chu Ilo avuga, bitandukanye n'ivyo mu 2013 aho umukaridinali w'umunya Ghana Peter Turkson yari mu bakomeye bari guhiganira ico kibanza, no mu 2005 aho umukaridinali w'umunya Nigeria Francis Arinze yari uwashobora kwitoza mu nama yatumye hatorwa Papa Benedigito wa XVI.
Patiri Chu Ilu avuga ati: ''Uko vyashitse aha ku mugabane wa Afirika no muri Ekleziya Katolika, biracari ikintu gitangaje benshi muri twebwe, turavye ukuntu Papa Fransisko yugurukiye Afrika''.
'Gusiga inkore ku maso'
Hamaze kubaho n'imiburiburi Abapapa batatu bafise amamuko muri Afrika, ariko uwuheruka - Papa Gelasius I - haciye imyaka irenga 1.500 apfuye. Benshi babona ko hageze ko haboneka uwundi.
Ariko Abakatolika bamwe bamwe bo muri Afrika babona ko hariko harashirwa imbere cane aho Papa akurikira ashobora kuva, nk'uko Patiri Paulinus Ikechukwu Odozor, umwigisha muri kaminuza ya Notre Dame, akaba ari n'umupadiri w'umukatolika yavukiye muri Nigeria, abibona.
Yambwiye ati: "Sinigeze niyumvira ko utegerezwa kuza imbere mu bashobora kwitoza kubera gusa wamuka muri Afrika, canke kubera wamuka i Buraya."
"Aho woba wamuka hose, umaze gutorwa, ibibazo vy'umwe umwe wese bica bihinduka ibibazo vyawe. Uba ufise ikintu kimwe gusa kikuraje ishinga, kwubaka umubiri wa Kristu, aho abantu boba bari hose, uko bangana kwose, mu bihe ivyo ari vyo vyose".
Ikintu gihambaye cane, nk'uko abivuga, ni uko Papa aba ''umuyobokamana wa mukuru wa Ekleziya''.
Yiyumvira ko "Papa ategerezwa kuba umuntu azi neza cane umuco", kandi agashobora kuwisunga kugira ngo yereke abantu inzira bafata.
Patiri Odozor avuga ko kubazwa nimba Papa mushasha akwiye kuba yamuka muri Afrika bimubabaza "kubera ikintu co gusigana inkore ku maso".
"Ni nk'aho abantu bovuga bati: 'Sawa, none ko Abanyafrika bariko baragwira mu biharuro, kuki tutabaha Papa?'"
Mu vyiyumviro vyiwe, hari vyinshi bikenewe gukorwa kugira ngo ibibazo biraba abemera b'Abanyafrika bifatwe nka nkama n'abafise uburongozi i Vatikano.
Avuga ko rimwe na rimwe bimeze nk'aho Abanyafrika ataco bamaze, canke nk'aho ukwizera kwabo kubonwa ko kuri munsi y'ivyo umuntu ashobora gukora, canke ko ari ukwihenda, kandi ko kudakwiye gufatwa nk'ikintu gihambaye.
"Mu gihe Abanyafrika bumva ko ibibazo vyabo bititabwaho nk'uko bikwiye kuba, abantu baca batangura kwibaza bati kumbure twoshobora gusa kwumvirizwa canke kubonwa mu gihe twoba dufise umuntu wacu hariya".
Ivangura ruhu muri Ekleziya?
Co kimwe na Patiri Chu Ilo, abona ko naho hari igitigiri c'abakaridinali bava ku mugabane wa Afrika caduze, babuze ububasha nyakuri muri Ekleziya.
Asigura ati: "Singaye ukuntu Papa Fransisko agena abakaridinali".
Ariko arabaza ati: "Iyo ubagenye, woba ubaha ububasha? Abo bantu ugenye bahe ububasha, ubashinge amabanga hanyuma ubareke bakore".
Patiri Chu Ilo na Patiri Odozor bompi barerekana intambanyi z'utwigoro twa Papa Fransisko ku burongozi bw'ishengero buserukira abantu bose.
Patiri Odozor avuga ati: "Haracariho ico kibazo c'ivangura ruhu muri Ekleziya tutigera tuvuga.
"Ibi birashobora kubangamira umuntu, naho yoba ari umupapa gute canke ivyo akora, akazobonwa gusa nk'umupapa w'Umunyafrika".
Mu mpera za 2022, Papa Fransisko yari amaze gutora hafi bibiri vya gatatu vy'abakaridinali bazotora uwuzomusubirirra - igitigiri kiri hasi gato y'ico abazotora bakenewe kugira ngo haboneke Papa mushasha. Ibi bisigura yuko uwuzotorwa ashobora kuba afise ivyiyumviro bisa n'ivya Papa Fransisiko, canecane ku bijanye no kwitaho abatishoboye n'abasigaye inyuma."
Ni inzira Padiri Chu Ilo yise 'ukuraba ubukene ubwa mbere', aho cane cane ari ugushira imbere "kwubaka 'Ekleziya yumviriza', Ekleziya itera imbere kandi yicisha bugufi". Ivyo ni vyo yipfuza kubona ku muntu uwo ari we wese azorongora Ekleziya mu bihe bizokurikira.
Igishobora kuba igitangaro
Ariko hari ikindi kintu nyamukuru gituma bigorana kumenya abazotorwa, nk'uko Patiri Chu Ilo avuga.
Yagize ati: "Abakatolika bemera ko Imana, Mutima Mweranda, ifasha mu guhitamwo abarongozi ba Ekleziya".
Ivyo bisigura ko hoshobora kubaho igitangaro, nk'uko vyagenze mu 2013 igihe Papa Fransisko yatorwa. Patiri Chu Ilo avuga ati: "Nta muntu yari yiteze ko ari we yari gutorwa".
Namubajije ico abona gihambaye kuruta - nimba Papa azokurikira yoba afise imbonakazoza kuri Ekleziya isa n'iy'uwo azoba asubiriye, canke nimba yoba umunyafrika.
Yambwiye atwenga ati: "Ndakwishura nk'umupadiri mwiza".
"Nzosenga nsaba Imana ngo iduhe umupapa azobandanya n'imigambi ya Fransisko, kandi nzosenga nsaba ko uyu muntu yova muri Afrika".