Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuhingo w'umushatsi w'umuganwa wa Ethiopia wasubijwe haheze imyaka 140 uri mu Bwongereza
Umuhingo (umuzingo mu Kinyarwanda) w'umushatsi w'umuganwa akiri muto w'umunya-Ethiopia, amaze imyaka 140 apfuye, wasubijwe abaserukira igihugu ciwe mu Bwongereza.
Mu 1868, abasirikare b'Abongereza baratwaye Umuganwa Alemayehu inyuma y'aho batereye ikirimba ca se, Umwami w'Abami Tewodros wa Kabiri, ico gihe yaciye yiyica.
Uwo muganwa samuragwa yaciye apfa afise imyaka 18 mu 1879 inyuma yo kutanezerwa n'uko yari arezwe mu Bwongereza.
Yahambwe ku kirimba ca Windsor hafi ya Londres, ariko Ubwongereza bwaranse ivyasabwe ubu vuba ko ikiziga ciwe gisubizwa muri Ethiopia.
Mu birori vyabereye i Londres ku wa kane ku mugoroba, uwuhagarariye Ethiopia mu Bwongereza, Teferi Melesse, yarakiriye uwo muhingo w'umushatsi, hamwe n'ibindi bintu vy'utugenegene vyari vyarasahuwe ku kirimba ca Maqdala c'Umwami w'Abami Tewodros.
Yarashimye kuba hasubijwe ivyo bintu, avuga ko bizoca bijanwa mu kibanza vyari bikwiye kuba birimwo, aho bizobandanya kuba icitegererezo no kwigisha urunganwe rw'ubu n'uruzoza.
Yavuze ko Ethiopia izobandanya gusaba Ubwongereza gusubiza ibindi bintu vyasahuwe muri ico kirimba.
Uwo muganwa yajanywe i Londres afise imyaka indwi gusa, kuba yari impfuvyi bivyura umutima w'ikigongwe w'Umwamikazi Victoria.
Uwo mwamikazi yaciye yemera kumushigikira mu buryo bw'amafaranga aca amuha Kapiteni Tristram Charles Sawyer Speedy ngo abe umurezi wiwe, uwo akaba ari we yari yaherekeje uwo muganwa kuva muri Ethiopia.
Ikigo Scheherazade Foundation, cafashije kugira uwo muhingo usubizwe, cavuze ko ubwa mbere wahora ufiswe na Kapiteni Speedy.
Leonie Turner, yamuka kuri Speedy, ari nawe yasubije uwo mushatsi i Londres, yabwiye imboneshakure yo muri Canada CBC ko yawutoye mu bintu vya kera vyo gusukura imishatsi vyasizwe n'abo mu muryango wiwe.
Asubirwamwo avuga ati: ''Numvise umushatsi w'Umuganwa Alemayehu uri kure cane y'iwabo.''
Alula Pankhurst, umwe mu bagize komite y'igihugu yo gusubizwa ivya kera muri Ethiopia, yabwiye BBC ko yakengurutse kuba uwo mushatsi wasubijwe ariko avuga ko iyo ikwiye kuba intangiriro gusa.
Ati: ''Gusubizwa ibintu vyasahuwe mu gikorwa ca gisiririkare c'Ubwongereza co mu 1868 muri Magdala birahambaye mu butungane bwo gusubizwa [agateka watswe] ikaba n'inzira nziza yo kwubaka imigenderanire myiza gusumba no gufashanya hagati y'inzego z'Ubwongereza na Ethiopia.''
Vyasabwe kuva kera ko ikiziga c'uwo muganwa gisubizwa muri Ethiopia, ubwa vuba vyasabwe akaba ari mu kwezi kwa Rusama (5) bikozwe n'abamuka ku muryango wiwe.
Ariko mw'itangazo yahaye BBC, Buckingham Palace (Ikirimba c'Umwami w'Ubwongereza) yanse ako kamo, ivuga ko kuzura ibisigarira vy'uwo muganwa vyohungabanya ibisigarira vy'abandi bashinguwe mu kuzimu kw'isengero ya St George yo ku kirimba ca Windsor.