Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania: Samia aragabisha abaharanira uburenganzira bwa muntu b'abanya-Kenya borondera 'gutoba'
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga & Munira Hussein
- Igikorwa, BBC News, Nairobi & Dar es Salaam
Umukuru w'igihugu ca Tanzania Samia Suluhu Hassan yagabishije abaharanira uburenganzira bwa muntu bo mu gihugu kibanyi ca Kenya ko adashobora kubareka ngo "bivange" mu bibazo biraba igihugu ciwe no guteza "akajagari".
Avuze ibi inyuma y'aho abanyamategeko be n'abaharanira uburenganzira bwa muntu bo muri Kenya birukaniwe mu gihugu, bigatuma bataja gukurikirana urubanza rw'uwurongoye abatavuga rumwe n'ubutegetsi yagirizwa ubuhemu.
Perezida Samia ati: "Nimba mu gihugu cabo barabacubije, ntibaze ngaha gutoba. Nta kubaha akaryo. Baramaze guteza akajagari mu gihugu cabo".
Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu afise impungenge ko reta ya Tanzania iriko iracuvya abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi imbere y'amatora yimirije muri Gitugutu (10).
Ejo ku wa mbere umukuru w'umugambwe Chadema utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, Tundu Lissu, yararengutse imbere y'abacamanza inyuma yo guhagarikwa mu kwezi guheze.
Yadugije igipfunze mu kwerekana ko atagugumwa, abwira abanywanyi biwe ati: "Bizogenda neza. Ntimutinye".
Kuri sentare iri i Dar es Salaam, abapolisi bari bakubise harazima mu gihe urwo rubanza rwariko rurabandanya.
Ibi ntaco vyabwiye abanywanyi amajana n'amajana ba Lissu bari bakoraniye hanze ya sentare.
Uru rubanza rwahavuye rwungururizwa ku wa 2 Ruheshi (6) inyuma y'uko abashikirizamanza basavye uwundi mwanya wo gukora amatohoza.
Imbere y'aha, sentare yari yarashatse kuburanya Lissu hifashishijwe ubuhinga bwa none, ariko abashingwamanza biwe baravyanka, bavuga ko ari ngombwa ko ruba mu muco.
Uno mukuru wa Chadema yahagaritswe ku wa 9 Ndamukiza (4) inyuma y'akamo kiwe ngo "ata mpinduka, nta matora".
Asaba impinduka zikomeye, akavuga ko amategeko ya kino gihe muri Tanzania atemera amatora meza kandi mu mwidegemvyo. Reta ivyamirira kure.
Kuva ico gihe, yagirizwa ubuhemu no gukwiragiza ibinyoma ku mbuga ngurukanabumenyi, ivyo abategetsi bavuga ko vyateje ubugarariji, kandi ko yagirije igipolisi kwitwara nabi mu matora. Arahakana ivyo yagirizwa.
Ari nka hamwe yokwagirwa n'icaha, ashobora gucirirwa igihano co kunyongwa.
Abashingwamanza ba Lissu berekanye impungenge zabo zo kubona harungitswe abapolisi benshi kuri sentare, ivyo umucamanza yemeye, bakavuga ko hari kuba ukuvugana nimba ivyo vyari bifise ishingiro.
Igihe yashikira ubutegetsi mu 2021 inyuma y'urupfu rwa Perezida John Magufuli, Perezida Samia yarashimagijwe avugwa ko yahaye Abatanzania uburenganzira bwinshi mu vya poritike.
Hagati aho, abamunegura bavuga ko Tanzania yasubiye mu bihe vy'agatotezo bivugwa ko vyaranze intwaro ya Magufuli. Reta irabihakana.
Ku wa Mungu, Martha Karua yahoze ari umushikiranganji wa Kenya ajejwe ubutungane yarirukanywe muri Tanzania na bagenziwe babiri kugira ngo ntibaje mu rubanza rwa Lissu muri sentare.
Ishirahamwe rijejwe gukingira abaharanira agateka ka muntu muri Tanzania, Tanzania Human Rights Defenders Coalition, rivuga ko ryababajwe n'ihagarikwa ry'aba bantu "mu buryo buteye kubiri n'amategeko".
Inyuma y'amasaha makeya, uwahoze ari umukuru wa sentare ntahinyuzwa ya Kenya, Willy Mutunga, n'abandi baharanira uburenganzira bwa muntu bavuze ko bahagaritse bagapfungirwa ku kibuga c'indege.
Ariko uwundi yahoze ari umukuru wa sentare ntahinyuzwa ya Kenya nyene, David Maraga, yari muri sentare, akaba yavuze ko yizeye ko "urubanza rwimirije ruzoba rwiza kandi rukanyaruka".
Mw'ijambo yashikirije mu birori vyo gutanguza poritike nshasha ya Tanzania ijanye n'imigenderanire i Dar es Salaam ejo ku wa mbere, Samia yashimangiye ko adashobora kwihanganira abatovyi b'abanyamahanga borondera guhungabanya amahoro n'umutekano.
Ati: "Nta mahirwe tuzoha umuntu uwo ari we wese azorondera kudusambura".
Yategetse abarongozi kutemerera "abononye ibihugu vyabo kwinjira muri Tanzania…barondera gukwiragiza indero nke hano".
Yongeyeko ati: "Ndamaze kubona amashusho menshi avuga ko mpengamye, ariko ico ndiko ndakora ni ugukingira igihugu canje, iyi ikaba ari yo nshingano nahawe".
Ibiherutse kuba muri Tanzania, harimwo ihagarikwa ry'abandi batavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe n'urukurikirane rw'inyuruzwa n'ubwicanyi vyakorewe abanegura reta, vyariyamirijwe cane n'abasaba ko itotezwa rishingiye ku vyiyumviro vya poritike rihagarara.
Umugambwe Chadema warakuwe mu matora yimirije inyuma y'aho wankiye gukurikiza ibisabwa n'umurwi ujejwe gutegura amatora, ibi navyo bikaba ari ukubanza gutera igikumu ku mabwirizwa ngenderwako.