Menya uno yari umunyamakuru Hegseth agiye kurongora igisirikare ca mbere kw'isi ku ntwaro ya Trump

Inyuma y'impari ndende, Pete Hegseth yahavuye yemezwe nk'umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe kwivuna abansi mu matora atoroshe yabaye ku wa gatanu mu nama nkenguzamateka.

Ku majwi 51-50, aho icegera c'umukuru w'igihugu JD Vance yatoye muri ano matora yari yegeranye cane maze akabona gutatura ivyari vyananiranye, abahinga bamwe bamwe babona ko igenwa ry'uno mugenzi w'intahemuka wa Donald Trump afise kahise karanzwe n'impari, rishobora guhindura poritike ya Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika), igafata poritike yo gushira imbere gusumba inyungu z'igihugu ishobora no kuzotuma Amerika ifata inzira yo kuba nyamwigendako.

Nk'umukukuruke mu gisirikare, akaba n'umunyamakuru ku mboneshakure,

Hegseth w'imyaka 44 arazwi cane muri kahise kiwe mu vya gisirikare hamwe n'ivyiyumviro bikaze cane, birangwa no kurwanira cane inyungu za Amerika no kunegura cane amashirahamwe mpuzamakungu nka OTAN/NATO.

Igikorwa co kumwemeza caranzwe n'impari nyinshi, aho yabajijwe ku vyerekeye amarangamutima yiwe na kahise kiwe karanzwe n'induru, ivyacanishijemwo mbere no mu mugambwe wiwe w'Abarepubulika.

Hegseth ahawe aya mabanga yo kurongora igisirikare ca mbere gikomeye kw'isi mu gihe isi irangwa n'ukwiyongera kw'icuka kibi n'ibibazo bikomeye kw'isi, kuva ku ntambara yo muri Ukraine gushika ku ndyane zo mu Buseruko bwo Hagati.

None uno muntu ateje impari ni nyabaki?

Kuva ari umusirikare gushika abe umunyamakuru wo ku mboneshakure

Pete Hegseth yavukiye Minnesota ku bavyeyi bafise amamuko muri Noroveje (Norvège/Norway) akaba azwi mu bikorwa bikomeye vya gisirikare hamwe n'amabanga y'igihugu yaranguye akagenda ateza amakenga.

Hegseth yarangije amashure yiwe mu vyigwa vya poritike kuri kaminuza ya Princeton (Princeton University), ari naho yatanguriye kwerekanira amarangamutima yiwe yo kugendera ku mico ya kera, nk'umwanditsi w'ikinyamakuru Princeton Tory.

Igihe yari akiri umunyeshure, yarinjiye mu nyigisho za gisirikare, maze bimutuma yinjira mu mabanga yagiye kumushikana mu bihugu vy'Ubuseruko bwo Hagati vyasinzikajwe n'intambara.

Nk'umusirikare yarwanira ku butaka, yarakoreye muri Iraki na Afghanistani, aho yaronkeye agashimwe ka Bronze Star ku ruhara rwiwe mu turere tw'intambara.

Yarakoreye kandi no ku kigo c'igisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi c'i Guantanamo muri Cuba no mu bikorwa vyo kwigisha ingabo z'akarere.

Amaze kuva mu gisirikare, Hegseth yararongoye amashirahamwe y'abakukuruke mu gisirikare nk'ayazwi nka Vets for Freedom na Concerned Veterans for America, aho yashize imbere poritike ziwe zishingiye ku mico ya kera mu bijanye no kwivuna abansi.

Ibi bihe vyaranzwe kandi n'imyidogo yo gukoresha amafaranga nabi, igipfungu mu kurongora aya mashirahamwe, n'indyane zo hagati muri yo.

Igihe yinjira mu mboneshakure Fox News nk'umunyamakuru mu 2014 haciye imyaka itatu naho akaremesha kimwe mu biganiro bikurikiranwa cane, vyamutumye aboneka cane nk'umuntu agendera ku mico ya kera kandi ashira imbere inyungu z'igihugu ciwe gusa.

Kuva ico gihe, yashigikiye Donald Trump, ashigikira poritike zateza impari nk'ikigongwe cahawe abasirikare bagirijwe ivyaha vyo mu ntambara catanzwe n'uno mukuru w'igihugu mu kiringo ciwe ca mbere, yongera aranegura bikomeye amashirahamwe mpuzamakungu nka OTAN.

Mu gitabo ciwe, American Crusade, avuga ko "OTAN atari urunani, ko ahubwo ari uburyo bwatunganijwe bwo gukingira umugabane wa Bulaya hakoreshejwe amafaranga ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika", agasaba ko "yosamburwa igasubirwamwo kugira ngo umwidegemvyo ushobore kurwanirwa vy'ukuri".

Kahise gatosekaye

Igihe Pete Hegseth yariko aremezwa, yaragirijwe ibitari bike kuva kw'ihohotera ryo mu rugo no kwihebera ibiboreza gushika ku kwagirizwa ko yahaye amadorari y'Abanyamerika 50.000 umugore yamwagirije ko yamufashe ku nguvu mu 2017.

Nubwo Hegseth ahakana ibi birego, aremera ko yatanze aya mahera mu mwumvikano wo mw'ibanga, avuga ko hari ukugira ngo ntibimugirire ingaruka mbi igihe yakora kuri Fox News.

Uwahoze ari muramukaziwe Danielle Hegseth yashize ahabona ko umugore wa kabiri w'uno mushikiranganji wo kwivuna abansi yafi afise ubwoba ku mutekano w'umugabo wiwe mu gihe bari bakiri kumwe gushika n'aho amunyegeza mu kabati igihe yariko yagirizwa ihohotera ryo mu rugo.

Ibi birego, bifatanye n'amakuru yavuga ko yamaze imyaka afata ibiboreza, vyatumye yiyamirizwa, atari mu bademokarate gusa, ariko kandi no mu ba repubulikani nka Lisa Murkowski na Susan Collins barwanije cane igenwa ryiwe mu nama nkenguzamateka.

Eka n'amabanga Hegseth yaranguye nayo nyene yakozweko umwihwezo.

Mu gihe yari arongoye amashirahamwe y'abakukuruke nka Vets for Freedom na Concerned Veterans for America, yaragirijwe ko yakoresheje amahera ku nyungu ziwe hamwe no kwirengagiza imyidogo yo hagati n'inyifato mbi, harimwo n'ihohotera rishingiye ku gitsina mu bo yari arongoye.

Nubwo yagirijwe aka kahise kabi n'impungenge bamugizeko igihe kitari gito, Hegseth yahavuye yemezwa mu nama nkenguzamateka kubera abarepubulikani bashigikiye cane Donald Trump.

Imbonakazoza yiwe ku gisirikare iteye amakenga

Igenwa rya Pete Hegseth ryarateye amakenga kandi ku mbonakazoza yiwe n'ivyiyumviro vyiwe kuri kazoza k'igisirikare ca Amerika.

Hegseth yaraneguye cane politike yo kudakumira mu gisirikare, avuga ko ingingo z'ugokoresha abagore mu ntambara hamwe n'izijanye n'ubudasa vyatumye ubushobozi bw'igisirikare bugoyagoya.

Mu majambo yagiye avugira ku mugaragaro no mu gitabo ciwe The War on Warriors (2024), Hegseth yavuze ko gukoresha abagore mu ngwano "bitera ingorane ku rubuga rw'intambara" kandi ko abagabo, kubera ingene baremwe, ari bo bakwiriye ibi bikorwa.

Ibi vyiyumviro biranegurwa cane n'amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu n'abaharanira uburinganire mu gisirikare, bavuga ko bituma abantu baguma babona ivy'igitsina.

Uno mushikiranganji mushasha wo kwivuna abansi ararwanya ko abantu bibona ku ruhande rutandukanye n'urw'igitsina mvukanwa (transgender/transgenre) binjizwa mu gisirikare, akavuga ko boteza "ingorane mu vy'uburwo" kandi ko gushira imbere ibibazo bijanye n'imibereho mu gisirikare bihungabanya ubumwe mu gisirikare.

Hegseth avuga ko ari nkenerwa gukuraho integuro zijanye n'ubudasa, uburinganire n'ukudakumira, avuga ko ari "ivangura". Abona ko izi nteguro zitandukanye n'indangagaciro kama kandi zikaba ari ikintu gitera ubwoba "abakiri bato bakunda igihugu" bamye bitabira igisirikare kuva muri kahise.

Uno mutegetsi mushasha arongoye Pentagon ntazokworoherwa mu kurondera ko igihugu ciwe cobandanya cizigiwe n'ibihugu vy'incuti ku rwego mpuzamakungu rwiciyemwo imice mu bijanye no kwivuna abansi, uruhande rumwe rugizwe na OTAN n'incuti zayo, urundi narwo rukaba rugizwe n'Uburusiya, Ubushinwa n'ibihugu bigenzi vyavyo.

Abahinga bavuga ko imigenderanire n'incuti nyamukuru, cane cane i Bulaya ishobora gutosekara bivuye ku kungene Hegseth anegura inzego nka OTAN avuga ko "yataye igihe" kandi ko igendera kuri Amerika.

Hari bamwe kandi bavuga ko ivyiyumviro vyiwe bishira imbere inyungu z'igihugu ciwe bishobora guhindura intego nyamukuru ya Pentagon igafata poritike yo kuba nyamwigendako, muri iki gihe ibihugu vy'uburengero bikeneye cane gutsimbataza urunani mu vya gisirikare gusumba ibindi bihe vyose.