Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Ukwubakana kw'abavyeyi banje badasangiye urukoba kwateye uruhagarara kw'isi yose'
- Umwanditsi, Jeremy Ball
- Igikorwa, BBC News, Nottingham
Inkuru y'urukundo nk'izindi yatumye hakwiragira urwanko rufatiye ku rukoba inavugwa mu binyamakuru vyinshi hirya no hino kw'isi.
Umuzungu w'umumisiyoneri w'Ubwongereza, Ruth Holloway, yakundanye n'umunye Kenya John Kimuyu yagendana ubumuga bwo kutabona.
John yari "mw'ishure ry'abagendana ubumuga bwo kutabona" aho Ruth yakora.
Igihe yamenyesha ko bagiye kwubakana, yaciye akurwa mu kazi.
Ubu umukobwa wabo, Ndinda Kimuyu, yaratanguye kwandika igitabo ku buzima bwa nyina wiwe, kuva mu 1957 gushika mu bihe bitandukanye bidasanzwe.
Ruth yagiye muri Kenya afise imyaka 19 inyuma yo gukurira mu gisagara cimbwamwo ubutare ca Kirkby-in-Ashfield mu karere ka Nottinghamshire.
John na Ruth bakundanye mu gihe umuntu yovuga ko cari giteye ubwoba muri Kenya. Umuhari w'aba Mau Mau (wari uzwi nka The Kenya Land and Freedom Army), wariko uragwanira ukwikukira, ugwanya intwaro y'abakoroni b'abongereza.
Igihe bumvikana kwubakana, Ndinda avuga ko nyina wiwe yaciye afata ubwato bumusubiza mu Bwongereza, kubimenyesha abavyeyi biwe n'abamutwara mu kazi, aho bavyakiriye nabi cane ashitse.
Yabwiye BBC ati: "Vyari ibintu bitoroshe. Muri urwo rugendo, ubutumwa bwa gikristu, Salvation Army, yakorera, bwaciye bufata ingingo yo kumukura mu kazi.
"Yahavuye agura impeta y'ubugeni, ayinyegeza muri "gâteau", ayizana rwihishwa mu bwato buje muri Kenya."
Ubugeni bwabo bwarateye impari zidasanzwe kubera Ruth yari abaye umuzungu wa mbere w'i Buraya arongowe n'umunya Kenya w'umwirabure.
N'ibirori vyarahagaritswe n'umukozi wo mu gisata kijejwe ingo n'imiryango (Officier d'état civil), yaruhiye kubaraganisha, ariko amenyesha ko atemera ubwo bugeni.
Ndinda avuga ko ubugeni bwabo bwavuzwe mu binyamakuru no ku mboneshakure kuva mu Bwongereza, Kenya gushika muri Reta Zunze Ubumbwe za Amerika, kandi bimwe muri vyo vyavuga ko hari ubwoba ko haduka imidurumbanyo ishingiye ku rukoba.
Yagize ati: "Abavyiyamiriza cane gusumba bashobora kuba bari abazungu b'abakoroni muri Kenya batavyipfuza namba.
"Mama ntiyashobora gutsinda urwo rugamba: na data kwari uko. Harabaye inkuru nke cane zanditswe zibashigikira ariko ahanini habaye izo amacakubiri ashingiye ku rukoba".
Ndinda yaciye avuka inyuma y'imyaka itatu, yabandanije kuba hagufi ya se wiwe.
Ariko umuryango wiwe waciye utandukana imbere y'uko ashikana imyaka itanu, mu gihe c'umuzo w'intahe yo kwikukira.
Bahavuye bafata ingingo mu 1965 ko Ruth atwara Ndinda na batoyi biwe batatu mu Bwongereza.
Ndinda agira ati: "Narababaye cane. Twaje dufise agasakoshi gato k'impuzu ku mugongo kandi kuva ico gihe turi ngaha.
"Cari igihe kitoroshe kuri data. Ndemeza ko mama yameze nk'uwuyinze ariko yarabandanije kubaho".
Ndinda avuga ko abavyeyi biwe bibaza ko umuntu agendana ubumuga bwo kutabona atashobora kuronka akazi mu Bwongereza, rero John yagumye muri Kenya aho yari afise akazi ko kwakira amaterefone mu giporisi.
Yabandanije avugana na Ruth amurungikira n'amajwi yifashe ku makasete, n'ubu Ndinda agikunda cane.
Avuga ko nyina yagerageje kugumana icizere, ariko kutaba kumwe n'umugabo wiwe "vyaramukomerekeje ku mutima".
Haraciye imyaka 30 Ruth apfuye, John na we, yasubiye kurongora incuro zibiri, yarashikanye imyaka 90 imbere yo gupfa mu kwezi kwa Munyonyo (11) umwaka uheze.
Ndinda yarasubiye muri Kenya arashikiriza ijambo igihe bariko barashingura se wiwe - incuro ya mbere yari asubiye muri ico gihugu mu myaka 30.
Urwo rugendo yagize mu gihugu c'amavukiro rwatumye yiyumvira kwandika igitabo kuri kahise k'abavyeyi biwe.
Yongeyeko ati: "Numvise ndi muhira. Nticari ikintu gishavuje kuba data yapfuye. Numvise ndi mu mahoro.
"Narasohotse kw'ibaraza hanyuma numva ijwi rirongorotse gusumba rya mama rivuga ' meze neza mu mushaha wanje'.
"Ijwi rya mama ryambarira inkuru zose yagiye arantera uko imyaka yagenda irahera, intoke zanje na zo zigaca zivuga mu kwandika".
Ndinda avuga ko abavyeyi biwe "babaye aba mbere" bafashije mu guhindura amateka, yongerako: "Ubu tuba mw'isi itandukanye. N'igitangaza.
"Ariko uru ni rwo rukundo. Kubera urukundo, nta co utokora. Muzokwurira n'imisozi. N'urukundo rwabahuje hanyuma urukundo rutuma barugwanira."