Intumwa za Amerika i Moscou mu biganiro kuri Ukraine mu gihe Putin na we ari mu rugendo i Kursk

Kremlin ivuga ko Perezida Putin yakoze urugendo ku kigo c'intwazangabo i Kursk ku wa gatatu

Ahavuye isanamu, Kremlin

Insiguro y'isanamu, Kremlin ivuga ko Perezida Putin yakoze urugendo ku kigo c'intwazangabo i Kursk ku wa gatatu
    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, BBC News, Maison Blanche

Intumwa za Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafashe urugendo zija mu Burusiya mu biganiro vyerekeye ihagarikwa ry'intambara muri Ukraine, nk'uko bivugwa na Perezida Donald Trump.

Aya makuru aje inyuma y'aho abategetsi ba Ukraine bemereye agahengwe k'imisi 30 inyuma y'umubonano n'abategetsi ba Amerika muri Arabia Sawudite, umubonano wari witezwe cane.

Imbere y'aha, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio yari yavuze ko "umupira ubu uri mu minwe y'Uburusiya" kandi ko Amerika yemera ko inzira yonyene yo guhagarika intambara ari ibiganiro.

Urugendo rw'aba bategetsi ba Amerika ruje mu gihe Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ivuga ko Perezida Vladimir Putin yari yagendeye intara ya Kursk - mu gihe igice kimwe cayo kigenzurwa na Ukraine kuva muri Myandagaro (8) umwaka uheze.

Imboneshakure y'Uburusiya yerekanye amashusho ya Putin ari mu mubonano n'intwazangabo z'igisirikare ciwe, aho zamubwiye ko ingabo z'Uburusiya zimaze kubohoza ibice 86% vy'ubutaka bwa Kursk bwari bwigaruriwe na Ukraine.

Inyuma y'umubonano wabereye i Jeddah ku wa kabiri, Perezida Volodomyr Zelensky wa Ukraine yavuze ko ubu ari aha Amerika kwumvisha Uburusiya ko bwokwemera iki ciyumviro "ciza".

Kremlin ivuga ko iriko iriga ivyerekeye ano masezerano y'agahengwe, kandi ko Trump na Putin bashobora kuvugana kuri terefone.

Mw'ijambo yashikirije ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Irlande, Micheál Martin muri Maison Blanche/White house (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) nijoro ku wa gatatu, Trump yavuze ko yaronse "ubutumwa bwiza" kubijanye no guhagarika intambara.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: "Ariko ubutumwa bwiza nta na kimwe buvuze. Ibi ni ibihe bikomeye cane".

Trump ntavuga aba bategetsi bari mu rugendo i Moscou ab'ari bo.

Ariko, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche Karoline Leavitt yabwiye abanyamakuru ko umushikiranganji ajejwe umutekano w'igihugu Mike Waltz yavuganye na mugenziwe w'Uburusiya.

Mu ntango z'ino ndwi, umwe mu begereye ubutegetsi yabwiye BBC ko intumwa ya Amerika mu Buseruko bwo Hagati Steve Witkoff yari yitezwe i Moscou inyuma y'ibiganiro i Jeddah.

Maison Blanche yaremeje izi nteguro ejo ku wa gatatu.

Leavitt ati: "Dusaba Abarusiya kwitabira uno mugambi. Iki ni co gihe ca mbere gikomeye dukabakavye amahoro muri ino ntambara".

Kremlin ivuga ko iriko iriga ivy'aya masezerano yo guhagarika intambara, umuvugizi wayo Dmitry Peskov akavuga ko izindi nsiguro zizotangwa "biciye ku mihora itandukanye", mu misi mike iri imbere.

Muri Maison Blanche, Trump avuga ko yizeye ko Uburusiya buzotahura ko ari ngombwa ko intambara ihagarara, akongerako – ata zindi nsiguro atanga – y'uko hari kandi "n'ingaruka mbi nyinshi ku Burusiya".

Trump yongeyeko ati: "Turafise ikibazo gikomeye cane catorewe umuti ku ruhande rumwe. Catorewe umuti cane. Twaraganiriye kandi no ku butaka n'ibindi bijana navyo. Turazi ubutaka turiko turavuga, nimba ari ugusubira inyuma canke kudasubira inyuma".

Mu gutera igitsure, Trump avuga ko "ashobora kubikora mu rwego rw'ubutunzi".

Ati: "Iki coba ari ikintu kibi ku Burusiya. Si nipfuza gukora ibi kuko nipfuza amahoro".

Iyi ngingo yahavuye ivanwaho inyuma y'umubonano w'i Jeddah, Trump na we akavuga ko uruhande "rugoye" rwa Ukraine na Zelensky ubu rushaka amahoro.

Kursk

Naho ibiganiro vy'amahoro bibandanya, intambara ni urutavanako muri Ukraine.

Amakuru avuga ko hari ibitero vyakozwe n'indege z'Uburusiya zitagira abadereva hamwe n'ibisasu vya misire i Kryvyy Rih - igisagara Zelensky avukamwo - mw'ijoro ryakeye, hamwe no ku kivuko ca Odesa, no ku bisagara vya Dnipropetrovsk na Kharkiv.

Intambara kandi zirabandanya mu ntara ya Kursk mu Burusiya, aho Peskov avuga ko ingabo z'Uburusiya "ziriko zirasatira" zinabohoza uturere twari twigaruriwe n'ingabo za Ukraine.

Mu masaha yitereye naho ejo ku wa gatatu, Kremlin yavuze ko Perezida Putin yagendeye ikigo c'intwazangabo muri iyi ntara. Yerekanywe mu mashusho yasohowe na Kremlin agendana n'umukuru w'igisirikare Valery Gerasimov, bompi bambaye umwambaro w'intambara.

Ni urugendo rwa mbere umukuru w'igihugu c'Uburusiya akoze muri iyo ntara kuva Ukraine ijabutse umupaka ikinjira muri iyo ntara muri Myandagaro umwaka uheze.

Ibinyamakuru vyo mu Burusiya bivuga ko muri uru rugendo Perezida Putin yategetse igisirikare "kubohoza rwose" iyi ntara. Ntaco arashikiriza ku bijanye n'iciyumviro co guhagarika intambara cumvikanyweko na Ukraine hamwe na Amerika ku wa kabiri.

Umukuru w'igisirikare ca Ukraine, Oleksandr Syrsky, na we nyene yavuze ejo ku wa gatatu ko bamwe mu ngabo zayo bariko barava i Kursk. Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Telegram, yagize ati: "Mu bihe bigoye cane, ikintu nyamukuru kuri jewe ni ukurokora ubuzima bw'abasirikare ba Ukraine".