Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Iteka rya Ethiopia: Ico vyatwaye kugira hubakwe urugomero rw'umuyagankuba rwa mbere runini muri Afrika
- Umwanditsi, Kalkidan Yibeltal
- Igikorwa, BBC News i Addis Ababa
Ubunini bw'ikibanza ibikorwa vyo kwubaka vyariko biberamwo ni bwo bwabanje kumera nk'igitangaza kuri uyu mu enjeniyeri (ingenieur) akiri muto.
Yahashitse abakozi amajana baja bariko barimba -mu buryo butoroshe - imishinge y'igisigaye uno musi ari urugomero rw'umuyagankuba rwa mbere runini muri Afrika ruri kuri Nil Bleu, rimwe mu mashami y'uruzi Nil.
Moges Yeshiwas yari afise imyaka 27 igihe muri 2012 yashika muri ako karere kari kure mu misozi mu burengero bwa Ethiopia, aho yari yizeye kwungukira ubumenyi n'uburambe mu mwuga wiwe. Gushikana ku musozo uwu mugambi bigiye guhindura igihugu ciwe, vyahinduye kandi ubuzima bwiwe.
Kuri uwu wa kabiri, umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yuguruye icese urwo rugomero rutura ruzwi nka Grand Ethiopian Renaissance Dam (Gerd) ruzofasha mu kuronsa umuyagankuba iki gihugu n'akarere.
Urukuta rw'urwo rugomero rureha na 1,78 km ujanye akabande rukagira na 145 m mu maduga – rwubakishijwe metero cube zigera kuri miriyoni 11 z'ibeto (beton).
Rwatumye haboneka ikigega c'amazi kinini cane citwa "Ikiyaga Nigat"(Lake Nigat), bisigura "umutwenzi" mu rurimi rw'iki Amharic.
Iyubakwa ry'uru rugomero kw'ishami rya Nil, ari naryo rizana igice kinini c'amazi y'urwo ruzi runini cane, ryateye umujinya mu bihugu vy'iyo Nil rutemba ruja.
Icuka kibi na Misiri carongerekanye gushika n'aho havugwa ivy'intambara.
Ariko kuri Ethiopia urugomero Gerd rwabaye nk'ikimenyetso c'iteka ry'igihugu, mbere ku bwa Abiy, rwashimangiye ikibanza c'igihugu mu makungu.
Ku ruhande rwiwe, Moges, ubu afise imyaka 40, nawe nyene yarishimiye kuba ari mu baranguye uwo mugambi.
"Gukurikirana ku musi ku musi ingene urugomero ruduga vyari bihimbaye rwose. Naje ndondera akazi, ariko harageze igihe ivyo kwiyumvamwo ko ari akazi bihera. Umugambi narawiyumvisemwo gushika n'aho numva ndawufitiye impungenge za kazoza nk'uko umengo wari uwanje".
Ingorane ntizari zibuze.
"Gutandukana n'umuryango igihe kirekire ntivyari vyoroshe", ni ko yabwiye BBC.
Uwo mugabo yashobora gutaha muhira i Bahir Dar – urugendo rwa 400 km – kabiri gusa mu mwaka.
Kuba ikibanza cubakwamwo urugomero cari kure cane, hakaba ubushuhe burenze – rimwe rimwe bukanashika kuri 45 C – na vyo nyene vyaratera ingorane. Vyongeye, n'amasaha y'akazi yari menshi.
"Twakora kuva isaha imwe y'igitondo gushika imwe y'ijoro, tukaruhuka isaha imwe gusa kugira dufungure. Twaca dukorerwa mu ngata n'uwundi mugwi wakora ijoro, kuko mu bisanzwe imirimo yategerezwa kubandanya amasaha 24 kuri 24", ni ko Moges yavuze.
Akazi kiwe kwari ugusuzuma ubukomere bw'inyubako no kwihweza nimba ibisabwa mu bwubatsi vyose vyariko birakurikizwa.
Umugambi Gerd wari nk'inguvu zinywanisha z'imbonekarimwe, mu gihe mu myaka 10 iheze kino gihugu co mw'ihembe rya Afrika casinzikajwe n'indyane za politike hamwe n'iz'amoko.
Mu gihe bamwe, nk'uwo mu-enjeniyeri, bakoze kuri uwo uwo mugambi, abandi banya-Ethiopie baharurwa muri za miriyoni bawushizemwo uburyo.
Abanyagihugu bava mu mice itandukanye baraterereye mu kwubaka uru rugomero biciye mu gutanga uburyo canke bagashigikira ibikorwa vyo kwegeranya uburyo vyategurwa na reta.
N'ubwo umukuru wa Amerika Donald Trump avuga ko uburyo bwubatse runo rugomero bwatanzwe n'igihugu ciwe, reta ya Ethiopia yo ibandanya yemeza ko rwubatswe ku buryo bw'imbere mu gihugu gusa.
Haratunganijwe incuro nyinsi ibikorwa bigamije kwegeranya uburyo vyahuza abanyagihugu.
Umuforoma Kiros Asfaw yari umwe muri bo.
N'ubwo yamuka mu karere ka Tigray kasinzikajwe n'intambara y'imyaka ibiri, yaraterera ukwo ashoboye mw'iyubakwa ry'urugomero kuva umugambi ugitangazwa mu mwaka wa 2011.
Avuga ko yatanze uburyo muri reta incuro zirenga 100 – n'ubwo yaciye abanza guhagarika igihe c'intambara kubera vyinshi harimwo amabanki vyari vyahagaze muri Tigray.
Kiros avuga ko inguvu yazikura mu mpanuro bari bahawe n'umushikiranganji wa mbere Meles Zenawi yatanguje icese umugambi, aho yatangaje ko abanya Ethiopia bose bategerezwa kuja hamwe kugira bashigikire urwo rugomero.
"Nariyemeje ubwanje gukora ivyo nari nshoboye vyose kugira mfashe ushike [umugambi] ku musozo", ni ko uwo muvyeyi w'abana batanu yabwiye BBC.
Ubu rero urugomero ruriko rurakora, bamwe n'abandi biyumvira akarusho rushobora kuzanira Ethiopia.
Rwuzuye neza, rushobora gutanga 5.100 vya Megawatt (MW) – ni incuro zibiri zirenga z'umuyagankuba iki gihugu gisanzwe gitanga urwo rugomero rutarimwo. Urakwiye kugira amamiriyoni n'amamiriyoni y'iyindi mihana ironswe umuyagankuba mu gihugu.
Ariko ivyo bivana n'uburyo hamwe n'imihora izoba yashizweho kugira ishoboze kuwushikana mu burere butandukanye bw'igihugu.
Umushikiranganji w'amazi n'amasoko ntanganguvu Habtamu Ifeta yabwiye BBC ko hafi igice c'imiriyoni 135 z'abanyagihugu b'ico gihugu badafise umuyagankuba.
"Ni vyo dukeneye kugabanya mu myaka itanu iza. Intumbero ni uko gushika muri 2030, n'imiburiburi 90 kw'ijana y'abanyagihugu bacu boba bafise umuyagankuba", ni ko yavuze.
Getenesh Gabiso w'imyaka 35, aba i Alamura, akarere k'uburimyi kari hafi ya Hawassa, igisagara kinini kiri mu bumanuko bwa Ethiopia, ni umwe mu bariko bariyumvira akarusho urugomero ruzozana.
Ubuzima bwiwe busa n'ubw'abandi banya-Ethiopia amamiriyoni baba mu misozi.
N'ubwo akazu gatoya k'ivyatsi kari ku birometero 10 uva i Hawassa, uwo mugore, umugabo wiwe n'abana babo batatu ntibafise umuyagankuba.
Akeneye guteka aja gusenya inkwi hafi y'imirima yabo.
Iyo bakeneye kubonesha mu nzu bikora kw'itara rikoresha peterori.
Umugabo wiwe Germesa Galcha afise ubwoba ku magara y'umuryango wiwe.
" [Getenesh] yahoze afise amaso manini kandi meza. Ariko iyi myaka tumaze mu myotsi iriko irayasinzikaza. Aguma atembamwo amosozi", ni ko yavuze.
"Nguma nibaza ukwo nobigenza hamwe imyotsi yoniga abana banje".
Ku bwa Getenesh, asanzwe rimwe rimwe yikora ku muco udashemeye w'agaterefone k'umugabo wiwe iyo bwije, indoto ziwe ni uko boronka umuyagankuba kugira habone mw'ijoro.
"Nipfuza kubona umuco mu nzu yanje. Ibindi bikoresho vyose bikoresha umuyagankuba ntaco bimbwiye muri uwu mwanya. Amatara gusa ni yo nipfuza ku mugoroba", ni ko yabwiye BBC.
Barindiranye igishika impinduka izozanwa na Gerd. Ariko umushikiranganji Habtamu aremeza ko hakiri vyinshi bikeneye gukorwa kugira hongerezwe ibikorwa remezo vy'umuyagankuba mu gihugu.
Intsinga z'uburebure bw'ibirometero ibihumbi n'ibihumbi ziracakeneye gushirwaho kugira ibisagara bito bito n'uburere bwa kure bihabwe umuyagankuba.
Ariko ku bwa enjeniyeri Moges, impera n'imperuka, umuyagankuba uva ku rugomero rwa Nil Bleu uzotegerezwa kuzana akarusho.
Afise umwana w'umuhungu yavutse igihe yakora aho ku rugomero.
"Ntibimpimbara kuba ntashoboye kumuba hafi uko bikenewe", ni ko avuga. "Ariko ndazi ko kazoza kiwe kazoba keza kubera umugambi naterereyemwo, kandi numva nishimiye kuzobimubwira niyakura"
Hanna Temuari yaratereye muri iyi nkuru