Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nigeria: Umugore yavyariye ku gituro c'amamodoka i Lagos
- Umwanditsi, Mansur Abubakar
- Igikorwa, BBC News, Kano
Umugore wo muri Nigeria yavyariye ku gituro c’amabisi (bus) mu gisagara gikuru ca Lagos, ivyateye umunezero isinzi ry’abantu bari bakoraniye iruhande.
Uno mugore atavuzwe izina yari arindiriye kwurira imodoka ku gituro c’ahitwa Onipanu igihe yafatwa n’ibise giturumbuka, nk’uko bivugwa n’abajejwe ubutabazi.
Abagore badandariza mw’isoko baciye bamufasha bamutwara ahantu hatekanye, maze abatabazi bakaba baciye bihutira kuhashika.
Abajejwe ubutabazi bavuze ko yavyaye umwana w’umuhungu “afise amagara meza”.
Uno mugore n’umwana wiwe baciye banyarukanwa ku bitaro nk’uko bivugwa n’ikigo c’ubutabazi, Lagos State Emergency Management Agency (LAMESA).
Nta yandi makuru aramvuye kuri bo arasohoka, ariko abanya-Nigeria ku mbuga hwaniro babandanya bandika ubutumwa bwo gukeza uno muvyeyi – mbere banatanga amazina uno mwana yohabwa.
Umwe mu bakoresha urubuga rwa Facebook, Sunday Ogunsola, avuga ko uno mwana akwiye kwitwa Abiona, izina ry’ururimi rw’ikiyoruba risigura ngo “yavukiye ku rugendo”.
Iri zina ryerekana y’uko uno mwana ari nk’umushakashatsi, yiteguriye kumara ubuzima bwiwe bwose mu bushakashatsi.
Uwundi muntu kuri Facebook yanditse ubutumwa avuga ko uno mugore aziganije amafaranga yotanze mu bitaro mu kuvyarira ku gituro c’amamodoka.