Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukuru wa polisi muri Kenya yatanze imihoho inyuma y'imyiyerekano yiyamiriza amakori
Umuyobozi w'igipolisi muri Kenya, Japhet Koome, yatanze imihoho ku murimo wiwe inyuma y'indwi zaranzwe n'imyiyerekano ikabije yo kwiyamiriza iduzwa ry'amakori, imyiyerekano yahitanye abantu barenga 40.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yareze abapolisi kurasa abantu ikivunga bari mu myiyerekano, bamwe muri bo bakabica, kandi bakanyuruza canke bagata muri yompi abaharurwa mu majana.
Gutanga imihoho kwiwe kubaye inyuma y'umunsi umwe Perezida William Ruto yirukanye abashingamateka benshi, inyuma y’agahato k'umugwi uhuza ahanini urwaruka rw'Abanyakenya bakomeje imyiyerekano.
Mu ndwi zibiri zishize, abari mu myiyerekano bateye ingoro y'inama nshingamateka, umwanya muto inyuma y'aho abashingamateka batoreye integuro y'itegeko rigena amafaranga leta izokoresha, ritavugwako rumwe. Igipolisi casubije kirasa abari mu myiyerekano mu mabarabra.
Mu nyuma Perezida Ruto yakuyeho integuro y'itegeko ariko ntiyashoboye gushimisha abari mu myiyerekano, bifuza ko ava ku butegetsi kandi banategura imyiyerekano isaba ko habaho amahinduka.
Perezida wa Kenya yaciye agena icegera c'umuyobozi w'igipolisi, Douglas Kanja, kuyobora igipolisi, ingingo yavuze ko ica ishoka ija mu ngiro ubwo nyene.
Abanyakenya bakiriye neza gutanga imihoho kw'uwo yasubiriye, ariko abapolisi babonetse ku masanamu ya video bariko bararasa ku bari mu myiyerekano ntibarashengezwa.
Mu ndwi iheze, mu kiganiro kidasanzwe ku rubuga rwa X, yahoze ari Twitter, perezida Ruto yemereye abanyagihugu ko azofatira ingingo abo bose mu bapolisi, yaronkeye ivyemezo kuri video, ariko ntibizwi nimba ivyo birashirwa mu ngiro.
Muri iki kibazo gikomeye kurusha ibindi amaze kubona mu myaka ibiri amaze ayoboye, perezida Ruto mu ntango z'iyi ndwi yahuye na kizigenza mu batavuga rumwe n’ubutegetsi Raila Odinga, atangaza ko ateganya gushiraho umugwi w’ibiganiro ugizwe n'abantu 150 mu ntumbero yo kuronderera inyishu ibibazo vyugarije igihugu.
Ku wa kane inyuma yo kwirukana abashikiranganji, harimwo n'umushikirizamanza mukuru, perezida Ruto yavuze ko ubu azogisha inama kenshi imbere yo kugira ngo ashinge leta yagutse.
Ingingo z'amakori yari ateganijwe zari mu ntumbero yo gufasha kworosha umwenda igihugu gifise w'amadolari arenga miliyaridi 80 (miliyari 63 z'ama £). Hafi ibice 60% vy'amafaranga Kenya yegeranya aherera mu kuriha imyenda.
Ariko abari mu myiyerekano bashimangiye ko leta ibanza kugabanya amafaranga ikoreshwa, bavuga ko hari ugusesagura itunga kwinshi na ruswa. Mu gusubiza iki cifuzo, ibiro vy'umukuru w'igihugu mu ndwi ishize vyatangaje ingingo nyinshi zo gutubika umukanda.