Menya igituma Ubulaya bufise ubwoba ku matora ya Amerika

    • Umwanditsi, Jonathan Beale
    • Igikorwa, Defence correspondent

Amato y'intambara ya Amerika ari mu mazi ya Bulaya ni ikimenyetso gikomeye c’inguvu za gisirikare za Amerika kandi ni ikimenyetso c’uko ifise ishaka ryo gutabara incuti no gutesha abansi bogomba kuzitera.

Rero, irungikwa ry'aya mato mu Kiyaga c'Uburaruko (Mer du Nord/North Sea) mu ndwi nkeya ziheze ni ukugira ngo incuti zayo zishire umutima hamwe, nubwo hari impungenge nyinshi zifatiye kuri poritike ya Amerika.

Igisirikare rutura ca Amerika carafashije mu gukingira Ubulaya mu myaka 75 iheze - ariko amatora yimirije muri Amerika ateje iki kibazo: gushika ryari?

Intwazangabo z'igisirikare ziririnda ivya poritike uko zishoboye kwose.

Ariko abanyamakuru bari batumwe mu bwato bw'intambara, USS Harry S Truman, barabajije cane ikibazo c'amatora y'umukuru w'igihugu ca Amerika. Ikibazo cari iki: Amerika yoba iciteguriye gutabara Uburayi?

Intwazangabo Sean Bailey yishura ati: "Ico nobabwira ni uko tutadohoka ku masezerano yacu, ntitudohoka kuri OTAN".

Ariko si we afata ingingo ku bijanye na poritike yo hanze ya Amerika, eka n'inyishu yiwe ntimara amazinda.

Umushikiranganji w'Ubudagi ajejwe kwivuna abansi, Boris Pistorius, arazi ko impinduka zishobora kuba umwanya n'umwanya.

Mu ndwi iheze, yabajijwe ku ngaruka yibaza ko amatora ya Amerika ashobora kugira ku Burayi, aho yishuye ko ari ikibazo co kumenya nimba Amerika yokora "bike cane, canke bike cane gusumba".

Ntavuga amazina ariko Donald Trump ni we vyitezwe ko azokora bike cane.

Ubwo bwato USS Harry S Truman bwitiriwe umukuru w'igihugu yafashije gushinga ishirahamwe OTAN/NATO ryo kwivunira umwansi hamwe, haraciye imyaka 75.

Ariko ikiringo ca kabiri ca Trump kirashobora gusubira guhungabanya iri huriro gushika ku mutima waryo.

Poritike ya Truman yo gufasha mu vya gisirikare, ivy'ubutunzi n'ivya poritike ibihugu vy'intwaro ya demokarasi bishobora kubangamirwa iratandukanye cane na poritike ya Trump ishingiye kuri "America First" (twogereranya na 'Amerika imbere ya vyose').

Aherutse kuvuga ko Uburusiya bushobora "gukora ico bushaka cose" ku ncuti zitotanga amahera akwiye mu bijanye no kwivuna abansi.

Ari nka hamwe Amerika yova i Bulaya, hosigara igihengeri kinini.

Ubu bwato USS Harry S Truman ni icemezo c'uburyo bwinshi Amerika ishiramwo - aho ifisemwo abakozi 5000 be n'indege z'intambara zirenga 60.

Ubwato HMS Prince of Wales bw'igisirikare c'Ubwongereza kirwanira mu mazi, buri hafi yabwo, ni ukwerekana ingene Ubulaya bufisemwo uburyo buke cane mu vyo kwivuna abansi.

Ubu bwato bw'Ubwongereza bwari bufise kajugujugu nkeya n'indege umunani zo mu bwoko bwa F-35 - iki kikaba ari ikimenyetso ikimenyetso c’ubukomezi ntagereranywa bw’igisirikare ca Amerika.

Bose hamwe, Amerika ifise abasirikare barenga 100.000 ku mugabane wa Bulaya.

Igihe yari umukuru w'igihugu, Trump yaragabishije ko yari gutahukana bamwe muri aba basirikare. Ari nka hamwe yoramuka atowe ashobora guca akora nk'uko.

Benshi mu banywanyi b'umugambwe w'Abarepubulikani babona ko Ubulaya bukwiye kwibako. Uku ni ko Elbridge Colby, yahoze ari umutegetsi wo hejuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika ku ntwaro ya Trump, abibona.

Avuga ko Amerika ikwiye "guhagarika" ivyo kurungika ingabo zayo i Bulaya kugira ngo ibashe guhangana n'ibibazo itewe n'Ubushinwa.

Aya matora azogira kandi ingaruka ku mfashanyo ya gisirikare Amerika iha Ukraine - aho gushika ubu ari yo irungika imfashanyo nyinshi gusumba ibindi muri iki gihugu kigeramiwe n'Uburusiya.

Ariko umutegetsi wo hejuru wa OTAN atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, aherutse kubwira BBC ko "uwuzotsinda wese ashobora kugabanya imfashanyo ku rugero kanaka".

Avuga ko Uburayi budashobora kwitega ko Amerika izobandanya itanga imfashanyo y'"umurengera".

Ukuri ni uko igisirikare ca Amerika kiza caramaze gutangura kwerekeza amaso mu buseruko, mu karere ka Indo-Pacifique hamwe n'Ubushinwa

Pentagon (ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi) ifata Ubushinwa ko ari co gihugu ca mbere kibangamiye umutekano wayo. Ubu Ubushinwa bufise igisirikare kirwanira mu mazi gisumvya ubunini ica Amerika. Bwubaka amato asumba igitigiri ay'igisirikare c'Ubwongereza cose kirwanira mu mazi buri myaka ibiri.

Abakora muri ubu bwato n'abadereva b'izi ndege z'intambara bwikoreye baremeza ko ari ngombwa no guhangana n'ibibazo biri mu buseruko.

Bernie Lutz amaze igice kinini c’ubuzima bwiwe bwo mu ngabo zirwanira mu mazi anyonga indege F-18 ziri ku bwato bwa Amerika mw'ibahari Pasifike no mu Buseruko bwo Hagati.

Aremeza ko hari igituma bari mu mazi ya Bulaya. Ati: "Hari vyinshi biriko biraba hano".

Ariko yongerako ati: "Ndibaza ko ibibera muri Pasifike ari vyo bikomeye gusumba kandi vy'igihe kirekire.

Nk'uko bimeze ku bandi bakoze 5000 bari muri ubu bwato, ntarabwirwa ahandi azorungikwa - ariko biravugwa cane ko ubu bwato USS Harry S Truman vuba buzofata akayira buja mu Buseruko bwo Hagati.

Aka karere nako nyene kazoguma ari ikibazo ku wari we wese azotsinda amatora.

Kapiteni Dave Snowden avuga ko aho azorungikwa hose, haba mu karere gatekanye canke gashobora kubamwo ivyago, bizomunereza.

Ariko kubona muri ano matora ata biyago nyavyo ku bijanye na poritike yo hanze, vyerekana ko hari amakenga yo kwisanga mu zindi ntambara.

Amerika iracari igihugu ca mbere gikomeye gisirikare kw'isi.

Ikibazo gusa gisigaye ni ukumenya ingene uwuzoba umukuru w'igihugu azogikoresha.