Igiciro c'inzahabu caduze ku rugero kitari bwashikeko mu gihe abanyamitahe barondera kwikingira

    • Umwanditsi, Faarea Masud
    • Igikorwa, BBC News

Igiciro c'inzahabu caduze ku rugero rwa mbere kitari bwigere gishikako mu gihe abarondera ico cuma c'agaciro baguma ari benshi ubwo hari ukutabona neza iyo ibintu bigana mu butunzi bw'isi.

Igiciro c'inzahabu cashitse ku madorari 3.508,50 kuri once (hafi 28g) ku wa kabiri, kikaba cabandanije umurindi wo kuduga umaze gutuma ciyongerako hafi ica gatatu uyu mwaka.

Ico cuma c'agaciro kibonwa nk'ububiko bwizerwa kuruta ku banyamitahe mu bihe vy'ukutabona neza iyo ubutunzi buriko buraja, niko rero igiciro caco caduze muri uyu mwaka inyuma y'aho umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump atangarije ko ashinze amakori menshi bikagwa nabi ubudandaji mpuzamakungu.

Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko igiciro cadugijwe kandi no kwitega ko banki nkuru ya Amerika izogabanya urugero rwayo rw'inyungu, bigatuma inzahabu yirukirwa gusumba n'abanyamitahe.

Adrian Ash, umuyobozi w'ubushakashatsi kuri BullionVault, yabwiye ikiganiro Today ca BBC ko iduga ry'ibiciro vy'inzahabu muri aya mezi aheze ko vy'ukuru vyavuye kuri Trump n'''ivyo yakoze ku ndondabihugu na poritike [hamwe] n'ivyo yakoze ku budandaji bw'isi''.

''Amatora yo muri Amerika mu mwaka uheze vy'ukuri niyo yatumye ibintu birurumba,'' niko yavuze.

Abahinga bavuga kandi ko impungenge zihari ku bwigenge bw'ibanki nkuru ya Amerika, Federal Reservde, ari iyindi mvo ituma igiciro c'inzahabu kiduga.

Trump aramaze kwifatira mu gahanga akatari gake umukuru w'ibanki nkuru ya Amerika Jerome Powell, ubu vuba akaba yaragegeje gukura mu kazi umwe mu bakozi biwe, Lisa Cook.

Derren Nathan wo muri Hargreaves Lansdown avuga ko ''ivy'uko Trump yagerageje kubangamira ubwigenge bwa Federal Reserve'' ari vyo ''vyatumye hongera kuba ukurondera ububiko butekanye harimwo inzahabu''.

Ku wa mbere umukuru w'ibanki nkuru ya Buraya Christine Lagarde yagabishije ko hamwe Trump yobangamira ubwigenge bw'ibanki nkuru [ Fed], vyoheza bigatera ''ingeramizi ikomeye cane'' ku butunzi bw'isi.

Yavuze ko hamwe Fed yokwisunga poritike za Trump, vyotera impungenge zikomeye cane ku maragamo y'ubutunzi muri Amerika, hamwe rero n'ahandi hose kw'isi.

Ash yongeyeko ko iyo igiciro c'inzahabu kiduze cane kubera abanyamitahe bayirukiye, akenshi vyaterwa n'uko habaye igabanuka mw'igurwa ryayo n'Ubushinwa n'Ubuhindi - abiri mu masoko ya mbere akomeye y'ibitako vy'inzahabu.

Ariko ubu, avuga ko inzahabu yabandanije kuronka abayirondera mu Bushinwa n'Ubuhindi, aho kutaronderwa muri ayo masoko nk'uko vyahora mu bihe vy'ibiciro binini, abagura ibitako vy'inzahabu baca bahindukirira inzahabu z'abanyamitahe nk'amatafari y'inzahabu.

Igiciro c'inzahabu muri rusangi kandi kiva ku zindi mvo nyinshi, harimwo igitero c'Uburusiya kuri Ukraine catumye muri rusangi haba ukutabona iyo ibintu biva n'iyo bija muri politike, bivugwa n'uwihweza ibijanye n'ivyuma vy'agaciro Suki Cooper wo muri Standard Chartered.

Uwo mugore yongerako ko uyu mwaka, ingaruka yo guhindura poritike mu budabdaji ku kwiyongera kw'ibiciro n'uruhererekane ry'ahazanana ivya nkenerwa navyo vyatumye igiciro c'inzahabu kiduga.

''Inzahabu yatewe inkigi kandi n'ugutakaza inguvu kw'idorari ry'abanyamerika muri uyu mwaka, ica iba ububiko bwizewe,'' niko yanzura.