Roger Lumbala yaciriwe umunyororo w'imyaka 30 mu rubanza yateye akagere kuva rugitangura

Roger Lumbala

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Bruxelles

Uwahoze arongoye umurwi w'inyeshamba zarwanira mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo, Roger Lumbala, yaciriwe umunyororo w'imyaka 30, hamwe no kudasubira guhonyoza ikirenge ku butaka bw'Ubufaransa.

Mu rubanza rwabaye ejo ku wa mbere muri sentare y'abanyagihugu (cour d'assises) y'i Paris mu Bufaransa, Lumbala yagiriwe n'ivyaha vyo mu ntambara, n'ibindi bijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu, mu gufasha no gushigikira ubwicanyi mu mpera y'imyaka ya 1990 no mu ntango z'imyaka ya 2000.

Roger Lumbala yagirijwe uruhara mu kwica no gutoteza abantu, ibikorwa bibangamira ikiremwa muntu, harimwo n'ivyo gufata ku nguvu abagore bifatwa nk'ivyaha ndengerabutungane.

Imbere yo gucirirwa iki gihano, umucamanza yabanje gutanga itegeko ryo kumushikana mu rubanza, aho yari yararahiye kwitaba kuva urubanza rugitangura.

Mu ndwi zitanu uru rubanza rwari rumaze, Lumbala yari yaranse kwitaba na rimwe. Abahinga mu vy'amategeko bavuga ko kwanka kwitaba ari nk'ukwemera icaha, kandi ko ata co bihindura ku cemezo.

Porofeseri Guy Bucumi, umuhinga mu mategeko mpuzamakungu y'intambara na politike muri kaminuza ya gisirikare ya Canada, Collège Militaire Royal de Saint Jean iri ahitwa Kingston, mu ntara ya Ontario, yabwiye BBC ko kutitaba urubanza ata co bihundura ku rubanza, kandi ko, nk'uko abivuga, guceceka bifatwa nk'ukwemera no kwiyemerera icaha (aveu de culpabilité).

Porofeseri Guy Bucumi yambaye ikoti y'ubururu hamwe n'ishati yera
Insiguro y'isanamu, Porofeseri Guy Bucumi avuga ko guceceka ari ukwiyemerera icaha

Porofeseri Bucumi ati: "Urubanza ruburanishwa uwuburanywa atahari (in abstentia) rufise agaciro nk'urundi rwose; akarorero ni nka sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) iriko iburanisha Joseph Kony, arongoye inyeshyamba za LRA za Uganda, atahari kuko batamufashe.

"Rero, kuri Lumbala bashobora kumuzana ku nguvu kugira ngo bamenye umwidondoro wiwe mu rubanza, ariko ntibashobora kumuhatira kuvuga.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Mu mategeko, guceceka ni ukwemera, ni ukwiyemerera icaha, ico bamuha ni abamuburanira; rero yanse kwitaba nta co bihindura".

Porofeseri Bucumi avuga kandi ko Ubufaransa, mu gucira urubanza Roger Lumbala, bukoresha icitwa "ububasha rusangi" (compétence universelle) mu guca imanza ku vyaha vy'intambara, ihonyabwoko, ivyaha vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu, atari amategeko y'imbere mu gihugu.

Roger Lumbala, w'imyaka 67, yahoze arongoye umurwi w'inyeshyamba wa RCD-N (Rassemblement Congolais pour la Démocratie – National). Mu gihe c'ukwezi kwose, sentare yumvirije amakuru y'ivyaha bitandukanye vy'agahomerabunwa.

Muri ibi vyaha harimwo ubwicanyi ndengerabutungane, gusambanya ku nguvu vyakoreshejwe nk'ikirwanisho mu ntambara, gukoresha abantu nk'abacakara b'igitsina, iyicarubozo, guca abantu ibihimba vy'umubiri, gukoresha abantu ku nguvu, gutoza intererano ku nguvu, hamwe kandi ko kwigarurira amatungo y'igihugu.

Ni ivyaha yagirizwa ko yakoze mu ntambara ya kabiri ya Congo (1998 – 2003), mu gitero ciswe "Effacer le tableau" (twogeraranya mu Kirundi na "Gufuta ikibaho") caguyemwo ibihumbi vy'abantu mu myaka ya 1990, mu ntambara zari hagati y'ingabo za reta n'imirwi yitwaje ibirwanisho yafashwa n'ibihugu vy'akarere birimwo Urwanda, Uganda n'Uburundi ico gihe, muri iyi mihari hakaba harimwo na RCD-N ya Lumbala wafashwa ahanini na Uganda.

Roger Lumbala yagirijwe uruhara muri ubu bwicanyi bw'agahomerabunwa, aho umuhari wiwe wagirijwe ko wafatanije n'inyeshamba z'umuhari MLC wari urongowe na Jean Pierre Bemba, muri kino gihe akaba ari umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n'ibintu muri reta ya RD Congo, hamwe n'uwa UPC wari urongowe na Thomas Lubanga, bariko barondera gutuza umuhari RCD-ML wa Mbusa Nyamwisi Antipas.

Roger Lumbala yahawe imisi cumi yo kwunguruza urubanza.