'Perezida wa Zaïre yishe sokuru yongera arondera dawe' – Inkuru ya TKV yatsindiye ihiganwa ryo guterana ingumu mu Bwongereza

Ahavuye isanamu, Getty Images / Jeamie TKV
- Umwanditsi, Kal Sajad
- Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino wa BBC
Jeamie 'TKV' Tshikeva, yaraye atsindiye ihiganwa ry'Ubwongereza ry'uguterana ingumu (box) mu bafise ibiro vyinshi, afise indoto yo gusubira muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo – akururuka indege yambaye urubega ku rutugu, kugira ngo yereke igihugu c'amamuko y'umuryango wiwe ico umwe muri bo yabaye.
Muri iki gihugu cahoze citwa Zaïre – ahigeze gukoranira abantu 60.000 barorera urukino hagati ya Muhammad Ali v George Foreman ku mugwa mukuru Kinshasa mu 1974, urukino rwamenyekanye nka Rumble in the Jungle – umuzo wiwe coba ari ikintu kiremereye cane.
Uyu Mwongereza yavukiye i Tottenham yabwiye BBC Sport, igisata ca BBC kijejwe amakuru y'inkino, ati: "Bwoba ari ubutumwa bunini."
"Kumbure ndashobora gusubirayo ngakora Rumble in the Jungle 2."
Ariko ibi si ukwerekana gusa igishika c'umukinyi nteragipfunsi afitiye igihugu c'amamuko.
Iki gihugu c'amamuko y'umuryango wiwe ni naco camwomoye, igihugu gifise kahise kononywe n'abasirikare, ama Coups d'État, uburozi n'imigambi y'ubwicanyi vyahitanye sekuru wa Jeamie kandi vyabandanije bihiga se wiwe.
Jeamie yongerako ati: "Kumbure mu myaka 10 iheze, ntivyari vyiza kugaruka."
"Ariko ubu ibintu vyarahindutse."
BBC Sport yicaranye n'uno mugabo w'imyaka 32, inavugana na se wiwe Makasi, maze itegura iyi nkuru ivuga ku bijanye n'ububasha, uguhemukirwa n'ukurokoka, yumvikana cane nk'urugendo rurerure kandi rugoye rwa poritike gusumba kwerekana urukurikirane rw'abagize umuryango.
Inkuru ishingiye ku ndyane, ubugamburutsi no kurokora
Vyose bitangurira kuri sekuru wa Jamie, André-Bruno Tshikeva, umuntu yari akomeye mu gisirikare ca Zaïre mu myaka ya 1950, igihe igihugu cari kikiri mu bukoroni bw'Ububirigi.
Jeamie ati: "Mu Bufaransa no mu Bubirigi, abantu bariga kuri sokuru."
Nk'uko uno muryango ubivuga, André-Bruno yarungitswe mu Bubirigi aho yabaye uwucungera ubuzima (garde-corps) bw'Umwami Baudouin. Igihe Zaïre yaronka intahe y'ukwikukira mu 1960, yaratashe n'icubahiro afise ipete rya liyetena mu gisirikare.
Inyuma y'imyaka itanu, yaragize uruhara mu gufasha Mobutu Sese Seko – indongozi yatwaza umukazo yashitse ku butegetsi mu 1965 – gushika ku butegetsi atembagaje intwaro yari ihari.
Ariko muri Zaïre yo ku bwa Mobutu, ukumenyekana vyagushira mu kaga. Mu 1966, mu kizwi nk'umugambi wo gutembagaza ubutegetsi ku musi mukuru wa Pentekoti – Mobutu yategetse inyongwa ku mugaragaro ry'abahora ari abashikiranganji bane bagirijwe umugambi wo kumusenyura.
Mobutu yabona André-Bruno nk'umuntu ageramiye ubutegetsi bwiwe, ivyatumye ukwizerana hagati yabo gutosekara.
Yarungitswe i Kolwezi, igisagara ca kure, mu bumanuko bwa Congo, ariko gikomeye cane – se wa Jeamie, Makasi, arasigura ivyakurikiye.
Ati: "Dawe nta na kimwe yari azi, ariko Mobutu yari yateguye neza ibintu vyose kugira ngo yicwe."
Ubwo nyene agishika, inyeshamba zaciye zishwara akarere kose.
Makasi ati: "Yarishemwo bamwe muri izi nyeshamba, aca afata Jeep [ubwoko bw'imodokari] yiwe ariruka. Ntiyashobora gutahura igituma abantu biwe bwite bariko baramurwanya."
Asubiye i Kinshasa, André-Bruno yagirijwe guteza umudugararo n'ubwicanyi bw'inzirakarengane. Yarahagaritswe, arashengezwa hanyuma arapfungwa.
Babandanije barondera kumwica birananirana gushika n'aho baca mu vy'isumu. Mbere n'umwe mu bagore biwe 10 bivugwa ko yakoreshejwe kugira ngo amuhe isumu.
Inyuma y'imyaka itandatu, André-Bruno yarapfunguwe mu 1973 ku mpamvu z'impuhwe igihe umwe mu bagore biwe yapfa, ariko akaba kari kabaye ku buryo ntasubira inyuma.
Makasi ati: "Buri gihe agiye mu kazu ka surwumwe, umunuko w'isumu warumvikana.
"Inyuma y'imyaka ibiri, umubiri wiwe wose wuzuye ishano, dawe yahavuye apfa."
'Ninjiye igisirikare ndondera kwihora ku rupfu rwa dawe'
Afise imyaka 18, Makasi yaciye ategura kwihora.
Ati: "Ninjiye igisirikare ndondera kwihora ku rupfu rwa dawe. Integuro yanje kwari ukwiga igisirikare cane, nkaduga gushika aho nari kuba uwucungera ubuzima bwa Mobutu. Kugira ngo maze kumwegera, nshobore kumurasa."
Ariko rero, ntiyigeze amwegera – izina rya Tshikeva ryari rizwi cane. Ati: "Barateguye kunyica, nk'uko babikoze kuri dawe."
Nubwo biri uko, Makasi yaraduze amapete, aho yabaye umu komando (commando) w'umwigisha yamenyereza ingabo zidasanzwe.
Igihe kimwe yaratumiwe gufungura ku muhana (mu rugo), ariko umutetsi yamugabishije ko yari agiye guhabwa ishano.
Igihe kimwe ari mu myimenyerezo, bivugwa ko umugozi yategerezwa kugenderako waregejwe kugira ngo akorokere hasi, avuye ku metero hafi 25. Umugenzi ni we yamuvuniye akagoye hasigaye imisegonda iri ku rushi, Makasi yaciye ahindura imigozi.
Amaherezo ya vyose, afise uwundi mugore n'umwana w'umuhungu akiri muto, yahavuye ahunga. Mu 1991,ni ho yashika i Tottenham.
Jeamie ati: "Biratangaje uravye ingene akahise kisubiriza.
"Ivyo sokuru yaciyemwo, ni vyo na dawe yaciyemwo. Yaratomboye gusa arabacika."
'Big Papa T' – ubuzima bushasha nk'umukinyi wo kunagana muri Tottenham

Ahavuye isanamu, Boxxer
Kuva mu buto bwiwe, Makasi yagumye yipfuza kuba umukinyi wo kunagana (canke gukirana mu Kinyarwanda), umukino ukunzwe cane muri Congo.
Yabandanije uno mukino i Londres kw'izina rya 'Big Papa T', avamwo atanguza ishure ryo kunagana ahitwa Haringey ku bana bakiri bato bo muri ako karere. Avuga ko yigeze no kuronderwa mw'ihiganwa mpuzamakungu WWE – ico gihe ryitwa WWF – ariko yahisemwo kwibanda ku kurera umuryango wiwe.
Ariko bivanye na kahise k'umuryango wiwe wamye ufise abansi, ntiyigeze asamara ku mutekano wiwe.
Ati: "Nari mfise ubwoba ariko utegerezwa kwama witeguye. Nta mahera ari mu rukino rwo kunagana ariko nakora imyimenyerezo nk'umusazi. Hagize uwo ari we wese yari kunyegera, nari kumwica n'amaboko – kiretse andashe."
Jeamie yakuze abwirwa ibi mu gihe yiga bishasha aho yari ari mu buraruko bwa Londres.
Yariboneye icuka kibi cadutse n'imigumuko yakurikiye igihe Mark Duggan yaraswa mu 2011.
Ati: "Vyari ibintu biteye ubwoba kandi sinigeze niyumvira ko bishobora gushika aho bamwe mu bagenzi banje bapfungwa.
"Wari umubabaro ku bagize umuryango [wa Duggan] – ndazimwo bakeya. Ndifatanya cane n'umuryango kuruta ikindi kintu cose."
Jeamie TKV – umutera ngumu mu muryango ufise impano yo kurwana

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu bundi buryo bwo kubaho, Jeamie yize ibijanye no gukoresha za kamera (camera), ku wa gatandatu w'indwi iheze yahawe urupapuro rw'umutsindo mu vyigwa vy'amashusho n'amateleviziyo muri Kaminuza ya Middlesex.
Ati: "Abavyeyi banje bompi bari bafise ubuzima bwiza muri DR Congo. Ntibahawe n'ukurwana, ni iragi ry'abavyeyi babo bari babayeho neza."
"Dawe yahejeje kaminuza muri Afrika, yongera araheza n'iyindi hano nyene, rero yari umuntu yize. Nta kindi yari kwipfuriza abana biwe atari nk'ico nyene."
Ariko kamere y'umuryango yategerezwa kuzigaragaza.
Jeamie yongerako ati: "Sokuru yari umugabo w'umurwanyi. Dawe yari umugabo w'umurwanyi. Yarakinye inkino nyinshi zo kurwana kandi yakoze ibishoboka vyose kugira ngo twese tuzikine."
Jeamie yabanje gukina umukino wo kunagana – avuga yifyinatira ko izina ryiwe ryari kuba 'Big Papa T Jr' – ariko avamwo yimukira mu mukino wo guterana igipfunsi, umukino urimwo amafaranga menshi.
Yakinye inkino 72 mu rwego rw'abatabigize umwuga (amateurs), aho yaserukiye Congo mu nkino za Afrika zo mu 2019 i Rabat muri Maroc, akaba yatsindiye umudari w'ifeza, hanyuma aza kuba uwabigize umwuga mu 2022.
Ubu yaraye atsinze Frazer Clarke mw'ihiganwa ry'uguterana ingumu mu Bwongereza ku baterangumu bafise ibiro vyinshi. Ryerekanwe ikibiriraho ku mboneshakure ya BBC kandi kuri gusa.
Imbere y'aha, TKV yari yavuze ko gutsindira iryo higanwa abibona nk'inzira izomusubiza mu gihugu c'amamuko y'abavyeyi biwe.
Eka na Makasi yari yavuze ko aryohewe cane no kubona ashobora kuronka akaryo ko gusubira mu gihugu ciwe c'amamuko.
Ati: "Bazokwishimira Jeamie muri Congo igihe azoba ashitse yatsindiye ihiganwa ry'Ubwongereza. Nta kibazo kizohaba. Twagiye."













