Umunyatugenegene wo muri Philippines yahagaritswe kubera yakinye ibiterasoni kuri Yezu/Yesu

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Kelly Ng
- Igikorwa, BBC News, Singapore
Umugabo akina yigize umugore, drag queen, wo muri Filipine (Philippines) yarahagaritswe ku wa gatatu inyuma yo gukina yigize Yezu Kristu/Yesu Kristo ariko aravuga igisabisho ca Dawe wa Twese.
Videwo yerekana Pura Luka Vega ariko arakina yatumye mu kw’indwi amashirahamwe ya gikristu asaba ko inzego z'ubutungane zomukurikirana.
Uno mugabo w’imyaka 33, izina ryiwe ry’ukuri akaba ari Amadeus Fernando Pagente, ashobora guhanishwa umunyororo w’imyaka 12 mu mategeko ahana ibiterasoni muri iki gihugu ciganjemwo abakatolika.
Hafi 80% vy’abanyagihugu ba Philippines bavuga ko ari Abakatolika.
Pagente yagirizwa ivyaha vyo “gukwiragiza inyigisho z’ibiterasoni, gusohora inzandiko no gukina ibiterasoni, hamwe no kuremesha ibiteramo vy’ibiterasoni", nk’uko biri mu mutahewo kumuhagarika watanzwe n’igipolisi ca Manille/Manila (umugwa mukuru wa Filipine).
Iyi videwo yerekana Pagente n’ubwanwa bwinshi yambaye nka Yezu Kristu/Yesu Kristo, ariko asubiramwo igisabisho ca Dawe wa Twese mu mudiho wa rock mu rurimi rw’igi-Tagalog. Kuva ico gihe iyo videwo yaciye ifutwa.
Umuhari, Philippines for Jesus Movement, uhurikiyemwo abarongoye amashengero y’igiporotesanti waramwitwariye mu biro vy’umushikirizamanza mukuru i Manille mu mpera z’ukw’indwi. Abagira kabiri bamwitwariye ni umuhari wa Katolika, Nazarene Brotherhood, hari muri Myandagaro (8).
Ibisagara bitari bike vyo muri Philippines, harimwo na Manille, vyaratangaje ko Pagente kizira kikaziririzwa ko ahonyoza ikirenge muri vyo, ikizwi nka persona non grata, ijambo ry’ikiratini risigura "umuntu adashobora kwemererwa guhonyora ahantu".
Kuva mu myaka mirongo, abagabo bakina bigize abagore, drag queens, muri Philippines baramenyekanye cane mu bikino vyo guteramisha abantu, mu kwigira abaririmvyi n’abakinyi b’ivyese.
Ariko Pagente ari mu murwi w’urunganwe rushasha rw’aba-drag queens bakoresha ibikino vyabo mu gushikiriza akari ku mutima no gupima urugero rw’uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Ahavuye isanamu, Pura Luka Vega/ Instgram
Babwiye AFP ko ihagarikwa ryiwe ryerekana "urugero igihugu kigezeko mu kwanka abatinganyi" muri Filipine.
Avuga ati: "Ndatahura ko abantu bafata ibikino vyanje nk'igitutsi ku Mana, ibjntu biteye isoni, canke bibabaje. Ariko, ntibategerezwa kumbwiriza ingene ntegerezwa kwerekana ukwemera kwanje canke ingene nkina”.
Babicishije ku mbuga hwaniro n’urupfunguruzo #FreePuraLukaVega, abakunzi biwe basaba ko Pagente arekurwa, bakavuga ko "ibikino vyo kwiyitirira igitsina gitandukanye si icaha". Bamwe bagereranya ingorane uno mukinyi w’utugenegene arimwo n’abagirizwa ubwicanyi n’ugufata ku nguvu, aho bavuga ko bacidegemvya kandi ko batigeze barengutswa.
Ryan Thoreson, umuhinga mu gisata c’abatinganyi (LGBT+) mw’ishirahamwe Human Rights Watch, na we nyene asaba ko ibirego Pagente yagirizwa bifutwa. "Mu burenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, harimwo imvugo y’utugenegene ibabaza, ityoza canke irwanya ivyo umuntu yemera”.










