Ukraine: Korea ya Ruguru irungikira Russia ibirwanisho mu mpisho - US

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasubiye kwagiriza Korea ya Ruguru ko irungikira Uburusiya ibirwanisho mu ntambara yabwo na Ukraine.

Imboneshakure CNN isubiramwo amakuru y’igendereza rya Amerika yerekana ko Korea ya Ruguru ifasha Uburusiya mu ntambara yabwo muri Ukraine, mu kurungika vya muzinga itavuze aho bigiye.

Aya makuru agiye gusohoka amezi abiri inyuma y’aho inzego zijejwe igendereza za Amerika zitanguriye kwerekana ko Uburusiya bushobora kuba bugurira amabombe na za misire muri Korea ya Ruguru, nk’uko aya makuru abivuga.

John Kirby, umuvugizi w’inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano, yabwiye CNN ati: “Mu kw’icenda, Korea ya Ruguru yarahakanye ku mugaragaro ko ata mugambi ifise wo kurungikira amasasu Uburusiya.

“Ariko aho nyene, igashaka kwerekana ko ivyo birwanisho birungitswe mu burasirazuba bwo hagati canke muri Afrika y’Uburaruko”.

Abategetsi ntibarashobora guha CNN icemezo na kimwe c’ivyo bavuga, kandi n’inzego zijejwe igendereza ntizishira ahabona igitigiri c’ibirwanisho bimaze gutangwa canke ingene ibi bihugu vyarihanye mu masezerano yavyo.

Hagati aho, abanyamerika babona ko ibi birwanisho bitangwa na Korea ya Ruguru, biri kumwe na za ndege zitagira abadereva (drones) ziva muri Irani, vyerekana ko inyuma y’amezi umunani y’intambara, ububiko bw’Uburusiya bw’ibirwanisho vyemewe gukoreshwa butanguye guhererwa, nk’uko abavyandika babivuga.

Haraheze amayinga yababa abiri umukuru w’igendereza rya Amerika Euryl Haynes avuze ko “igenzurwa ry’ibidandazwa bishorwa hanze ririko rihatira Uburusiya guhindukirira ibihugu nka Irani na Korea ya Ruguru kugira buronke za drones, ibisasu vya muzinga hamwe n’ibisasu vya misire”.

Ku ruhande rwiwe, Kirby yavuze ejo ku wa gatatu ko imfashanyo Irani na Korea ya Ruguru biha Uburusiya zidashobora guhindura inzira y’iyi ntambara.

Gusa, ibi birwanisho burungikirwa bishobora kubufasha kubandanya intambara yo gukoresha vya muzinga ku rugamba.

"Tuzobandanya dukurikiranira hagufi ingene ibi birwanisho bitangwa”, niko avuga, agashimangira ko Uburusiya buriko bugerageza kurondera gufatwa mu mugongo n’ibihugu nka Korea ya Ruguru na Irani mu ntumbero yo kubandanya intambara kuri Ukraine “mu gihe uburyo buriko bubuherana ibihano mpuzamakungu na vyo bikora akazi kavyo”.

Imbere y’aha, ibinyamakuru vy’Uburengero vyatangaje ko Irani yariko irategura kurungikira Uburusiya ibindi birwanisho hafi 1.000, harimwo ibisasu vya misire biraswa ku ntera ngufi hamwe na drones zo gukora ibitero.

Isubiramwo abategetsi bo mu Burengero, CNN ivuga iti: "Ubu buzoba bubaye ubwa mbere Irani irungikiye Uburusiya misire zidahusha, bigashobora guha akoyoko Kremlin ku rugamba”.

Nk’uko abategetsi babivuga, mu birwanisho Irani iherutse kurungikira Uburusiya harimwo drones zababa 450 Uburusiya bumaze gukoresha mu bitero muri Ukraine.