'Dukenera miriyoni 105 z'ama $ zo kugura ibintu hanze ku kwezi tukinjiza 17 gusa'

Ahavuye isanamu, Youtube
- Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
Mu Burundi Umushikiranganji Audace Niyonzima ajejwe ubutunzi bw’igihugu aremeza ko hari ubukene bw'amafaranga mvamakungu bitumwe n'uko igihugu gikenera menshi cane mu kugura ibintu hanze mu gihe cinjiza make cane ku vyo naco gishora hanze.
Mu kiganiro cabereye ku murwa mukuru Gitega ku wa gatanu, aho abagize reta bishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru n’ivy’abanyagihugu, Umushikiranganji Niyonzima yagize ati:
''Nivyo si agaseseshwarumuri ubwo bukene burahari kandi burashobora gutahurika.''
Ibiganiro nk'ivyo kare vyahora bikorwa n'abavugizi b'ubushikiraganji n'izindi nzego ariko ku wa gatanu abagize reta bo nyene nibo bagikoze bari kumwe n'umushikiranganji wa mbere, Gervais Ndirakobuca. Ariko we ntivyari bitegekanijwe ko abazwa ibibazo.
Akoresheje ibiharuro vyo mu 2022, Niyonzima yerekanye ko hari igihengeri kinini cane hagati y’amafaranga asohoka n'ayinjira:
- $1.260.000.000 (miriyaridi imwe na miriyoni 260 z'ama dorari): amafaranga yakoreshejwe mu kugura ibidandazwa biva hanze [vyinjira mu Burundi]
- $208.000.000 (miriyoni 208 z'ama dorari): amafaranga Uburundi bwinjije mu vyo bugurisha hanze
Bisigura ko ku kwezi ku kwezi Uburundi bwakoresheje:
- $105.000.000 (miriyoni 105 z'ama dorari), mu gihe bwinjiza
- $17.000.000 (miriyoni 17 z'ama dorari) avuye mu vy'Uburundi bushora hanze.
''Mu kirundi baca umugani ngo 'Uwutabonye agasohoka ntabona akinjira", niko Umushikiranganji Niyonzima yabandanije avuga, kugira yerekane ko ''twebwe rero dushaka akinjira mu Burundi tutabona agasohoka,'' mu gusigura ko Uburundi busohora amafaranga menshi mu kugurira ibintu hanze mu gihe bwo bugurisha hanze bike cane.
'Nta gihugu catejwe imbere n'ugusega' – Shingiro asubiramwo umukuru w'igihugu Ndayishimiye
Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe ubutunzi n'ugutunganya imigambi y'iterambere vy'igihugu avuga ko icokorwa ari ukugabanya ivyo Uburundi bukenera hanze mu kubihingurira canke kuvyimbura mu gihugu hamwe no kwongereza ivyo bushora hanze.
Ahandi amafaranga yova yavuze ko ari ugukomeza gufashanya n’amakungu.
Yavuze ati: ''Kubera ko tugikoresha amafaranga menshi ava mu bafashanyan'igihugu c'Uburundi, turiko dushira inguvu nyinshi mu migenderanire myiza n'ibihugu bifashanya n'igihugu.''

Ahavuye isanamu, Youtube
Imbere ya 2016, Ishirahamwe rya Buraya (UE/EU) ryari mu batanga intererano ya mbere nini mu mafaranga reta y'Uburundi yakoresha.
Ryayihagaritse mu bihano ryafatiye Uburundi biturutse ku ntureka zandurutse ku kiringo ca gatatu c'umuhisi Perezida Pierre Nkurunziza n'ingaruka zateye ku gateka ka zina muntu.
Ubu haraheze umwaka urenga imigenderanire isubiye kuba myiza hagati y'iryo shirahanwe na reta y'Uburundi. Ivyo bihano vyaravanyweho, rinemerera Uburudi imfashanyo ya miriyoni 200 z'amafaranga y'amanyaburaya (euro).
Na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziri mu bari barafatiye ibihano Uburundi. Ariko nazo zarabikuyeho inyuma y'aho Perezida Evariste Ndayishimiye ashikiye ku butegetsi mu 2020, zinemera imfashanyo ya miriyoni 400 z'ama dorari ku myaka itanu.
Ubutare bufasha iki?
Muri ico kiganiro, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'amakungu yabajijwe niba Uburundi bwaramaze guhabwa izo mfashanyo.
Albert Shingiro yatanguye yishura ati: ''Nk'uko umukuru w'igihugu cacu akunze kubivuga, nta gihugu catejwe imbere n'ugusega.''
Ariko mu nyuma ati: ''Bishitse bakayaduha tuzoyatora, ijana ntiryanka mu rindi, mugabo na cane cane dushira imbere ivyo twebwe twikorera batarinze kuvuga ngo baduha amahera bakuye iwabo''. Avuga ko babasaba gushira amafaranga mu migambi y'iterambere.
Mu nyuma yaremeye ko amwe muri ayo mafaranga n'ubu atarashika.
Ahandi Uburundi bwaziga amafaranga mu vyo bushora hanze ni mu butare n’amabuye y’agaciro.
Ariko n’aho nyene ibintu biracagoye.
Amasezerano na kompanyi nibura zine zicukura ubutare yarahagaritswe kugira asubirwemwo kuko reta y’Uburundi yasanze yahombesha igihugu.
Umushikiranganji ajejwe ico gisata, Ibrahim Uwizeye, yavuze ko ibiganiro n’ayo ma kompanyi kugira asubire gukora n’ubu bibandanya. Gusa ngo ayo ma kompanyi ntavyitaba ku murindi (muvuduko) reta yifuza.










