Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
WHO iragabisha ku miti y'inkorora ikorerwa mu Buhinde inyuma y'impfu z'abana muri Gambia
WHO/OMS iragabisha amakungu ku bwoko bune bw'imiti y'inkorora inyuma y'aho ivugiye ko ishobora kuba ifitaniye isano n'impfu z'abana 66 mu gihugu ca Gambia.
Iryo shirahamwe rivuga ko iyo miti "ishobora kuba ifitaniye isano n'ibikomere vy'amafyigo hamwe n'impfu abantu bashika 66 mu bana".
OMS yongerako ko iyo miti yakozwe n'ihinguriro ryo mu Buhinde, Maiden Pharmaceuticals, ritashoboye gutanga ivyemeza ko uwo muti umeze neza.
Iryo hinguriro nta co rirabivugako. BBC yarondeye Maiden Pharmaceuticals kugira bagire ico babivuzeko.
Abategetsi b'Ubuhinde bavuga ko basavye OMS kwerekana ivyemezo vy'isano hagati y'uwo muti hamwe n'izo mpfu.
OMS ivuga ko iyo miti ari Promethazine Oral Solution, Kofexmalin Baby Cough Syrup, Makoff Baby Cough Syrup na Magrip N Cold Syrup.
Mw'itangazo ryo kugabisha ku rubuga rwayo, OMS ivuga ko iyo miti ko ari ine iboneka muri Gambia, ariko "ishobora kuba igurishwa ku masoko atazwi, mu bindi bihugu canke uturere".
Iryo shirahamwe rigabisha ko ikoreshwa ryayo rishobora gutuma haba ugukomereka gukomeye canke urupfu, na cane cane ku bana.
OMS ivuze ivyo inyuma y'aho abategetsi bo muvyo amagara y'abantu muri Gambia - igihugu kigenderwa n'ingenzi nyinshi - baboneye ukwiyongera kw'ibikomere vy'amafyigo mu bana bari musi y'imyaka itanu mu mpera z'ukwezi kw'indwi.
Reta ya Gambia yaciye ihagarika ikoreshwa ry'imiti yose y'amazi irimwo paracetamol ica ihamagarira abantu gukoresha ibinini mu kibanza cayo.
OMS ivuga ko ibipimo vy'iyo miti "vyemeje ko harimwo urugero ruhanitse rw'imisemburo ya diethylene glycol na ethylene itera ingwara."
Iyo misemburo n'ubumara, ingaruka ryayo "harimwo kubabara mu kaziba k'inda, kuyogwa, gucibwamwo, kunanirwa gusohora umukoyo, kumeneka umutwe, guhungaban mu mutwe n'ibikomere vy'amafyigo bishobora gutuma umuntu apfa."
Mu kwezi guheze, abategetsi ba Gambia bajejwe amagara y'abantu bavuze ko abana barenga mirongo ibiri bapfuye, ariko nta gitigiri kanuni batanga.