Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Anglican ya UK yabujije umukobwa wa Desmond Tutu kuyobora ibirori vyo gushingura
Ishengero rya Anglican ishami ry’Ubwongereza ryabujije umukobwa w’umuhisi Desmond Tutu kuyobora ibirori vyo guhamba kubera yubakanye n’umugore nka we.
Mpho Tutu van Furth ni umupasitori mw’ishengero Anglican muri diyoseze ya Washington, akaba yari yasabwe kuyobora imisa yo guhamba uwari umuvyeyi wiwe w'ibatisimu, Martin Kenyon, ahitwa Shropshire mu Bwongereza ejo ku wa kane.
Tutu van Furth yabwiye BBC ko kumwankira “bisa n’ubugome kandi bibabaje”.
Diyoseze ya Hereford ivuga ko vyari "ibintu bitoroshe".
Ishengero rya Anglican ishami ry’Ubwongereza (Church of England) ntiryemerera abavugabutumwa baryo ko barongorana n’abo basangiye ibitsina kuko inyigisho ritanga ari uko ukwubakana biba hagati y’umugabo n’umugore.
Hagati aho, ishengero rya Anglican rigenzi ryaryo muri Amerika, rizwi nka Église épiscopalienne des États-Unis /The Episcopal Church, riremerera abavugabutumwa baryo kwubakana n’abo basangiye ibitsina.
Itangazo rya Diyosezi ya Hanoford rivuga riti: "Hatanzwe impanuro hisunzwe aho inama y’Abepiskopi ihagaze ku bijanye n’abarongorana basangiye ibitsina”.
Uwahoze ari musenyeri wa Liverpool, Paul Bayes asanzwe ari mu bahimiriza ko ishengero rihindura aho rihagaze ku bijanye n’igitsina, avuga ko “atari vyiza kuvuga ngo ibintu ntivyoroshe”.
"Ni ngombwa ko vuba bwango kami ka muntu, umwitwarariko mu butumwa, hamwe n’urukundo, bihabwa ikibanza”.
Umuryango wa Kenyon umaze kubwirwa iyi ngingo y’Urusengero, waciye wimura igisabisho co gusezera ikivana kw’isengero St Michael ikijana kuri All Angels ahitwa Wentnor, hafi y’ikigo ca Musenyeri, ahantu hazwi cane, hafi y’aho uyu muvugabutumwa aba kugira ngo umupfasoni Tutu van Furth ashobore guhagarikira iki gisabisho avuge n’ubutumwa.
Tutu van Furth yabwiye BBC ati: "Birababaje cane. Vyumvikana ko ari ingingo y’abategetsi ba ruburakigongwe."
Kenyon yari incuti ya hafi cane n’uwahoze ari musenyeri mukuru muri Afrika y’Epfo umuhisi Desmond Tutu.
Tutu van Furth yategetswe guhagarika ivyo kuvuga ubutumwa nka pasitori muri Afrika y’Epfo inyuma y’aho yubakaniye n’umugore nkawe, Marceline van Furth, umwigisha wa kaminuza wo mu Buholande, mu 2015.
Se wiwe Desmond Tutu - yitavye Imana muri Kigarama (12) 2021 - yaratsindiye agashimwe kitiriwe Nobel mu 1984 kubera uruhara yagize mu kurwanya ya ntwaro y’ivangura ya apartheid muri Afrika y’Epfo.
Nawe nyene yararwaniye uburenganzira bw’abahuza ibitsina babisangiye yongera ashigikira ukurongorana hagati y’abasangiye ibitsina.
Mu 2013 yavuze ati: Nopfuma mpeba kuja mw’ijuru ryanka abatinganyi. Oya, novuga nti mbabarira, nshaka kuvuga ko nopfuma nja mu kindi kibanza.
“Sinosenga Imana yanka abatinganyi kandi uku niko ndavyumva cane”.
Yongeyeko ati: " Muri rino sekeza, mfise ishaka nk’iryo nari mfise mu kurwanya apartheid. Kuri jewe, bimeze co kimwe”.