Intambara ya Ukraine: Korea ya Ruguru iriko iraha Russia ibirwanisho - bivugwa na Amerika

Vyabaye ngombwa ko Uburusiya bugura ibirwanisho muri Korea ya Ruguru mu gihe ibihano bitariko birorohereza Moscou kwongerereza inguvu igisirikare cayo, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya Amerika.

Nk’uko icegeranyo c’igendereza cashizwe ahabona kigashikira ikinyamakuru New York Times kibivuga, Uburusiya bwaguze i Pyongyang amamiriyoni y’ibibombe na vya muzinga.

Umutegetsi wa Amerika avuga ko bishobora kuba ngombwa ko Uburusiya bugura ibindi birwanisho vya Korea ya Ruguru mu gihe intambara ibandanya.

Mu ndwi iheze, bivugwa ko Moscou yakiriye igice ca mbere c'indege zitagira abadereva (drones) zivuye muri Irani.

Irani na Korea ya Ruguru, vyompi vyafatiwe ibihano bikomeye n’Uburengero, biriko birondera gutsimbataza ubucuti n’Uburusiya kuva Perezida Vladimir Putin atanguje igitero kuri Ukraine mu kwa kabiri.

Ubutegetsi bwa Kim Jong-un bwagiriza Amerika ko ari yo yateje iyi ntambara, bwagiriza kandi Uburengero ko bubandanya “ingendo yo kwiyagurira uturere” ari yo yatumye Uburusiya bukoresha inguvu.

Mu kwezi guheze, Korea ya Ruguru yaremeje ukwikukira kw’intara zibiri zegamiye ku Burusiya mu buseruko bwa Ukraine – Repubulika za Donetsk na Luhansk – mbere ica yiyemeza gutsimbataza “ubucuti” na Moscou.

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya avuga ko ibi bihugu bibiri bishobora kwagura “ubucuti bwavyo vyompi”, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya Pyongyang vyegamiye reta.

Iki cegeranyo ntigisobanura neza ibirwanisho nyezina bizotangwa.

Ariko umutegetsi wa Amerika yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Associated Press ko kubona Uburusiya bwikoze kuri Korea ya Ruguru kugira ibufashe vyerekana ko “igisirikare c’Uburusiya kibandanya kigira ingorane z’ubukene bw’ibikoresho muri Ukraine, kubera igenzurwa ry’ibidandazwa bushora hanze hamwe n’ibihano”.

Ikigo c’ubushakashatsi co muri Finland, Centre for Research on Energy and Clean Air, kivuga ko ibihano ku butunzi ata kintu kinini vyononye ku mwimbu Uburusiya bukura mu bitanganguvu bushora hanze.

Kigereranya ko Uburusiya bwinjije ama-euro imiriyaridi 158 mu gitoro n’ibindi bitanganguvu (fossil fuels/combustibles fossils) bigenda vyiyongera, mu mezi atandatu y’iyi ntambara, mu gihe ivyinjira mu bihugu vy’Ubumwe bwa Bulaya birenga ica kabiri c’ayo mafaranga.

Hagati aho, Amerika n’Ubumwe bwa Bulaya, vyemeza ko ubushobozi bwa Moscou bwo kwongereza inguvu z’igisirikare cayo bwahungabanijwe.

Mu ndwi iheze, abategetsi bo mu ntwaro ya Joe Biden babwiye ibinyamakuru vya Amerika ko indege za mbere za drones zatanzwe na Irani zageze mu Burusiya.

Abategetsi bajejwe igendereza rya Amerika bemeza ko abadereva b’Uburusiya bagiye muri Irani kugira bahabwe inyigisho z’ingene bakoresha ibirwanisho vyo mu bwoko bwa Mohajer-6 na Shahed.

Ariko bari baherutse kubwira abanyamakuru ko nyinshi muri izo drones zagize ibibazo vya mekanike na tekniki kuva zitanzwe.

Irani irahakana ko ata birwanisho yahaye uruhande na rumwe muri iyo ntambara, ariko mu kw’indwi umuhanuzi mukuru wa Amerika mu vyo umutekano Jake Sullivan yavuze ko Tehran yariko irategura kurungikira Moscou drones ziharurwa mu majana zari gukoreshwa mu ntambara yayo muri Ukraine, zimwe muri zo zifise ubushobozi bwo gukora ibitero.

Kuri uno wa kabiri, abategetsi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Ubwongereza bavuze ko Uburusiya bufise ingorane zo kurungika drones z’intambara bitewe n’uko “buriko buratakaza” bikomeye.

Bavuga bati: "Bisa n’uko Uburusiya bufise ingorane zo kubungabunga indege zitagira abadereza bufise mu bubiko, bikunyurwa n’ubukene bwazo butewe n’ibihano bwafatiwe n’amakungu”.

Abategetsi bongerako bati: "Kuba indege zitagira abadereva zitaboneka bikwiye bishobora kubangamira intwazangabo mu nteguro zabo kandi bikananiza ibikorwa vy’Uburusiya”.