Ni nde ashobora gusubirira Papa Fransisko? Menya bakuru bakuru mu bashobora kwitoza

    • Umwanditsi, Aleem Maqbool
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu vy'amadini

Ni nde ashobora gusubirira Papa Fransisko? Ibizova mu matora bishobora kugira ingaruka kuri Ekleziya Katolika n'abakatolika bashika ku miriyaridi 1.4 babatijwe kw'isi yose.

Ibizovamwo kandi biragoye kumenya, mbere ni amatora aboneka ko azoba yisanzuye ku mvo zitari nke.

Umurwi w'abakardinali batora barakoranira mu gasengero ka Sistine (Chapelle Sixtine) kugira ngo bahanahane ivyiyumviro bongere batore mu bakandida bipfuza, gushika habonetse izina rimwe ry'uwusumvya amajwi abandi.

Mu gihe 80% vy'abakardinali bagenywe na Papa Fransisko ubwiwe, uretse ko ari bwo bwa mbere bazoba batoye umupapa, bazotuma kandi Ekleziya iba iyugurukiye isi yose.

Ku ncuro ya mbere muri kahise ka Ekleziya, buzoba bubaye ubwa mbere abanya-Bulaya baza gutora umupapa badashika ica kabiri.

Kandi nubwo abatora baza kuba ahanini bagizwe n'abo we nyene yagenye, ntibisigura ko bagizwe gusa "n'abashira imbere impinduka" canke "abashira imbere imico ya kera".

Kuri izo mvo, biragoye cane kwibaza uwushobora kuzoba Papa.

Ubwo aba bakardinali barashobora gutora Umunyafrika canke Umunyaziya, canke bagahitamwo umwe mu begereye uburongozi bwa Vatikano?

Ng'aya amazina ariko aravugwa ko ashobora kuvamwo uwuzosubirira Fransisko, ariko hari n'ayandi.

Pietro Parolin

Umutaliyano

Imyaka: 70

Umukardinali w'Umutaliyano Parolin, umuntu avugana ubwitonzi, yari umunyamabanga wa reta wa Vatikano ku ngoma ya Papa Fransisko – ivyatumye aba umujenama mukuru wa Papa. Umunyamabanga wa reta ni we kandi ayobora Kuria (Curie/Curia) y'i Roma, ni ukuvuga uburongozi bukuru bwa Ekleziya.

Nk'uwaranguye neza amabanga yiwe nk'icegera ca Papa, arashobora gufata iya mbere.

Hari bamwe bamubona nk'umuntu ashira imbere kuganira no kwugurukira isi, gusumba kwizigitirira ku nyigisho shingiro kama za Katolika. Abamunegura babona ko ibintu nk'ibi ari ingorane, mu gihe abamushigikiye babona ko hari inkomezi.

Ariko nubwo biri uko, ntiyerekwa ivyo kwubakana hagati y'abafise ibitsina bimwe imbere y'amategeko bivugwa kw'isi, aho yavuze ko amatora yo kwemeza iri tegeko muri Irlande yabaye mu 2015 ari "isenyuka ry'inyifato runtu".

Abatari bake bashobora kumushigikira ariko Kardinali arazi neza umugani wa kera w'Igitaliyano ushimangira ukungene ibiva mu matora y'umupapa bigoye cane kumenya: "Uwinjira nka papa mu nama y'abakardinali y'ugutora Papa mushasha, ayasohokamwo nk'umukardinali".

Abababa 213 mu bapapa bose 266 bamaze kubaho bari Abataliyano, kandi nubwo haciye imyaka 40 ata mupapa w'Umutaliyano aratorwa, kubona mu burongozi bukuru bwa Ekleziya ata Bataliyano canke Abanyabulaya barwiriyemwo, bishobora gusigura ko n'ubu ata wundi ashobora gutorwa.

Luis Antonio Gokim Tagle

Umufilipino

Imyaka: 67

Ubwo umupapa akurikira arashobora kuva muri Aziya?

Kardinali Tagle amaze imyaka mirongo mu burongozi bwa Ekleziya – ibi bigasigura ko yabaye indongozi ikomeye mu bantu muri Ekleziya, bitandukanye no kuba umuserukizi wa Vatikano canke umuhinga mu vy'amategeko ya Ekleziya.

Ekleziya ifise ikibanza kidasanzwe muri Filipine (Philippines), aho hafi 80% vy'abanyagihugu bose ari abakatolika. Iki gihugu gifise abakardinali batanu, bukaba ari bwo bwa mbere kigize abakardinali benshi nk'aba – ibi bigashobora kubaha akaryo ko kwamamaza umuntu wabo ari nka hamwe bose boshigikira Kardinali Tagle.

Afatwa nk'umuntu ari hagati na hagati mu nyigisho za Katolika, akaba atazirwa "Fransisko w'Umunyaziya" kubera ukuntu yitaho ibibazo vy'imibereho y'abantu n'impuhwe agirira abimukira, ibi akaba yari abisangiye na nyakwigendera Fransisko.

Ntiyerekwa uburenganzira bwo gukorora imbanyi, aho avuga ko ari "uburyo bwo kwica" - ibi bikaba bijanye n'aho Ekleziya ihagaze, aho ivuga ko ubuzima butangurana n'isamwa.

Ariyamiriza kandi ivyo guhohosha (euthanasia, ukurangiza ubuzima bw'umuntu ku bushake ku bw'impuhwe).

Ariko mu 2015 igihe yari Musenyeri mukuru wa Manille/Manila, Kardinali Tagle yarasavye Ekleziya gusubira kwihweza aho ihagaze ku bijanye n'abatinganyi/abahuza ibitsina bafise bimwe, abahukanye hamwe n'abavyeyi b'abana batagira abagabo, aho yavuze ko amabwirizwa ruhasha ya kera yabasigiye ububabare budahera kandi bwatumye abantu biyumva "nk'ibicibwa", mu gihe buri muntu yari akwiriye impuhwe n'icubahiro.

Uno mukardinali yabonwa nk'uwari kwitoza kuba Papa kuva mu 2013 igihe abakardinali batora Fransisko.

Haraciye imyaka cumi abajijwe ico yiyumvira ku babona ko yari gushobora gukurikira, aho yishuye ati: "Ndabifata nk'ugufyina! Biratwengeje."

Fridolin Ambongo Besungu

Umukongomani

Imyaka: 65

Birashoboka cane ko Papa akurikira yova muri Afrika, aho Ekleziya Katolika ibandanya yakira amamiriyoni y'abanywanyi. Kardinali Ambongo ari imbere mu bashobora kwitoza, akaba yamuka muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC).

Yamaze imyaka indwi ari Musenyeri mukuru wa Kinshasa, akaba yagenywe na Papa Fransisko.

Ni umuntu agendera ku mico ya kera, aterekwa imihezagiro ku bashaka kwubakana bafise ibitsina bimwe, akavuga ko "ukwubakana hagati y'abafise ibitsina bimwe gufatwa nk'ukuvuguruza imico kama kandi nk'akabi muri kamere ya muntu".

Nubwo idini ry'abakristu ari ryo ryiganje muri RDC, abakristu muri iki gihugu barakunze kugandagurwa no gutotezwa n'umuhari ugendera ku vyiyumviro bikaze vya Islamu, wiyita Reta ya Kisilamu, n'inyeshamba zikorana nawo. Ni co gituma Kardinali Ambongo abonwa nk'umuntu avugira cane Ekleziya.

Ariko mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru mu 2020, yarashigikiye ko abadasangiye ukwemera babana mu mahoro, mu kuvuga ati: "Reka Abaporotisanti babe Abaporotisanti, Abasilamu babe Abasilamu. Tuzokorana na bo. Ariko umwe wese agumane akaranga kiwe bwite."

Amajambo nk'aya arashobora gutuma abakardinali bamwebamwe bibaza nimba koko agendera ubutumwa - aho abakatolika bizigiye gukwiragiza ijambo rya Ekleziya kw'isi yose.

Peter Kodwo Appiah Turkson

Umunya-Ghana

Imyaka: 76

Ari nka hamwe yokwizigirwa na bagenziwe, uno mukardinali Turkson afise ijambo rikomeye na we nyene yogira icubahiro co kuba umupapa wa mbere w'Umunyafrika inyuma y'imyaka 1.500.

Co kimwe na Kardinali Ambongo, avuga ko ayo mabanga atayo yipfuza. Mu 2013, yabwiye BBC ati: "Sinzi neza nimba hari uwushaka kuba Papa."

Abajijwe nimba Afrika yari mu mwanya mwiza wo kuvamwo umupapa azokurikira ufatiye ku kungene Ekleziya itera ikura kuri uno mugabane, yishuye ko yumva yuko Papa adakwiye gutorwa hisunzwe ibiharuro, kuko "ivyiyumviro nk'ivyo bishobora gutoba amazi".

Ni we Munya-Ghana wa mbere yagizwe umukardinali, hari mu 2003, ku ngoma ya Papa Yohani Paulo II (wa kabiri).

Co kimwe na Kardinali Tagle, Kardinali Turkson na we nyene yabonwa nk'uwari kuba Papa mu myaka cumi yakurikiye, igihe Fransisko yatorwa. Nkako, abihweza ibintu n'ibindi babona ko yari afise amahirwe menshi imbere y'amatora.

Nk'umucuraranzi wa gitari yigeze kuba acuraranga mu mudiho wa funk, Kardinali Turkson azwi cane kubera inguvu ziwe.

Co kimwe n'abakardinali b'Abanyafrika, yegamiye ku mico ya kera. Hagati aho, ararwanya ko umubano hagati y'abafise ibitsina bimwe uhanwa n'amategeko mpanavyaha mu bihugu vya Afrika, harimwo igihugu ciwe c'amavukiro, Ghana.

Mu kiganiro na BBC mu 2023, igihe inama nshingamateka ya Ghana yariko yiga integuro y'itegeko rishiraho ibihano ruhasha ku murwi w'abantu bahuza ibitsina bafise bimwe (LGBTQ+), Turkson yavuze ko ubutinganyi budakwiye gufatwa nk'icaha.

Mu 2012, yaragirijwe gutera ubwoba abantu ku bijanye no kwiyongera kwa Isilamu i Bulaya mu nama y'abepiskopi i Vatikano, ivyo mu nyuma yasabiye imbabazi.