Syria: Inyeshamba zivuga ko Perezida Assad yahunze inyuma y'uko zifashe umugwa mukuru Damas

Insiguro ya video, Abanyagihugu baciye basidukana n'iyonka i Damas inyuma y'aho inyeshamba zitangarije ko igisagara 'cabohojwe'

Inyeshamba za Syria zivuga ko Perezida Bashar al-Assad yahunze igihugu kandi ko zamaze kwigarurira umugwa mukuru Damas.

Umuhari Hayat Tahrir al-Sham, HTS, wanditse ku rubuga rwa Telegram ko igihe c'umwijima kirangiye, ko hatanguye ikindi gishasha.

Uno muhari uvuga ko abanyagihugu bari bataye izabo canke bapfunzwe n'intwaro ya Assad ubu bashobora gutahuka.

Izoba "Syria nshasha" aho "buri muntu azobaho mu mahoro ubutungane nabwo bugasasagara", niko HTS ivuga.

Umukuru w'abatavuga rumwe muri Syria nawe, Hadi al-Bahra, yabwiye ikinyamakuru Al-Arabiya ko intwaro ya Assad yasenyutse kandi ko "igihe c'umwijima muri kahise ka Syria kirangiye".

Bahra arongoye urunani rw'igihugu ruharanira impinduka amenyesha abanyagihugu ashimitse ko ibintu bimeze neza i Damas.

Yanditse ku rubuga rwa X ati: "Ku banyagihugu bacu bo mu mashengero n'amadini atandukanye, igihe cose utazotora inkoho ngo urase abanti benegihugu, kandi ukigumira muhira, uri mu mahoro".

Abandanya ati: "Nta vyo kwihorahorana bizohaba, kandi nta vyo guhonyanga uburenganzira bwa muntu bizohaba. Iteka ry'abanyagihugu rizokwubahwa kandi iteka ryabo rizozigamwa".

Umushikiranganji wa mbere wa Syria wewe avuga ko azoguma i Damas kandi ko yiteguye gufasha mu vyozanira ineza abanyagihugu.

Mw'ijambo yacishije ku mbuga hwaniro, Mohammed Ghazi al-Jalali, avuga kandi ko Syria "ishobora kuba igihugu gisanzwe cubaka ubucuti bwiza n'ibihugu bibanyi n'isi yose".

Inyuma y'aho izi nyeshamba zitangarije ko zafase umugwa mukuru Damas, ahitwa Masnaa, ku rubibe rwa Libani na Syria huzuye abantu barindiriye kujabuka ngo basubire mu gihugu cabo.

Abanyagihugu bari muri Libani bari bamaze igihe kitari gito barindiriye akaryo ko gusubira mu gihugu cabo ataco binona. Bamwe mu rwaruka biyegeranije kuri uru rubibe baririmba indirimbo z'ukwiganzura n'ubwigenge, bafise n'ibendera ry'abarwanya ubutegetsi.

Indoto ya 2011 - umwe mu baba i Damas

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abanyagihugu bo ku mugwa mukuru baracagerageza gutahura ingene ibintu vyagenze mu gihugu mu masaha makeya aheze.

Umwe muri bo yabwiye umunyamakuru wa BBC ati: "Ku ncuro ya mbere, abantu bariyumvamwo umwidegemvyo".

Ati: "Ni ikintu tutigeze turonka imbere y'aha, kandi ni ikintu kiriko kiradutangaza".

Inyuma y'aho izi nyeshamba zitangarije ko zatembagaje intwaro ya Perezida Assad, abanyagihugu baciye bashwabaduka mu munezero ntangere.

Uno munyagihugu agira ati: "Ukungene twiyumva ni nk'ukungene twiyumva igihe urugamba rwo guharanira impunduka rwatangura mu 2011. Iyi ni indoto yatanguye muri uyo mwaka ibandanya".

Avuga ko ata n'umwe aratahura ingene ibi vyose vyabaye ata ntambara zikomeye canke ubwicanyi buhabaye. Hagati aho, avuga ko hari ubwoba n'umwikomo kuri kazoza n'ukungene kazoba kameze.

Nubwo biri uko, abona ko uno musi atari umusi wo kwiganyira.

Ati: "Uno musi, abanyagihugu bose ba Syria nta kindi bakora atari ukwigina intsinzi. Nta n'umwe yipfuza kwiyumvira ivy'ejo. Ubu dushaka kwigina gusa".

Abarwanya Assad bari hanze barigina isenyuka ry'intwaro yiwe

Amamiriyoni y'abanya-Syria bahunze ubutegetsi bwa Perezida Bashar al-Assad baciye ku mbuga hwaniro mu kwerekana akamwemwe bafise inyuma y'isenyuka ry'intwaro yiwe.

Rima Flihan aharanira uburenganzira bwa muntu yanditse ku rubuga rwa Facebook ati: "Ewe Mana, sinshobora guhagarika kurira. Ndiko ndiyumvira umusi nzosubirayo".

Ishirahamwe HCR rijejwe impunzi kw'isi rivuga ko Syria ari co gihugu ca mbere kw'isi gifise abanyagihugu benshi bahunze. HCR ivuga ko abanya-Syria bababa imiriyoni 6.6 bateshejwe izabo kuva mu 2011.

"Numva irungu ryinshi kubona ndi mu munezero njenyene kubera twese dusanzaye [kw'isi yose]", niko uwundi yanditse kuri Facebook.

Mu gihe amakuru yabandanya asohoka kuva mu gatondo ko kuri uno wa 8 Kigarama, benshi bavuga ko badashobora gusinzira.

Umwe ati: "Umuntu yosinzira gute abona ingene igihugu kiriko kirabohorwa".

Benshi ntibatahura ukungene ibintu vyagiye ku muvuduko nk'uwu.

Igihe ingabo zirwanya ubutegetsi zashika ku mugwa mukuru Damas, benshi bifashe amashusho bariko barigina, bakorora amosozi y'umunezero.

Abenshi banezerewe cane cane igihe hasohoka amakuru yavuga ko ingabo zirwanya ubutegetsi zari zifashe ibohero karuhariwe ryitwa Saydnaya hafi y'i Damas, zikabohora abantu ibihumbi mirongo bari bafungiwe poritike. Umwe ati: "Uwu ni wo musi twese twari turindiriye".

Uwundi na we yanditse ati: "Syria ubu ni iy'abanya-Syria".