M23, FDLR, Urwanda, Kagame... mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ca Tshisekedi na Macron i Paris

Mu rugendo ariko arasozera mu Bufaransa, Perezida Felix Tshisekedi yijejwe ko Ubufaransa buzobandanya urugamba rwo kurondera ko abanyagihugu baba mu buseruko bw’ico gihugu co mu karere k'ibiyaga binini vya Afrika bava mu mahano bamazemwo imyaka yababa 30.

Mu kiganiro Perezida Emmanuel Macron na Perezida Tshisekedi bagiranye n’abanyamakuru inyuma y’umubonano wabo, Perezida Macron yijeje abanyagihugu ba Congo ko Ubufaransa budashobora kudohoka kw’iyubahirizwa ry’ubusugire n’ubwigenge vya Congo.

Ati: “Mu biganiro twagiranye ni uko ata nkunzi ishobora kuhaba, kandi uko twebwe duharanira ubusugire ku mugabane wa Bulaya, niko tuzobuharanira no ku mugabane wa Afrika”.

Macron avuga ko atarya umunwa mu kwerekana uruhara rw’umwe n’uwundi mu ngorane zihanze Congo.

Ati: “Ubufaransa buriyamiriza bwivuye inyuma ibikorwa vy’imirwi yose yitwaje ibirwanisho, cane cane ibitero vya M23. Itegerezwa guhagarika intambara kandi ikava mu turere twose yigaruriye.

“Imirwi yose yitwaje ibirwanisho, mvuze nti yose, itegerezwa kwakwa ibirwanisho bukebuke, isubizwe mu buzima busanzwe, kandi ivyo bitegerezwa kuja mu ngiro kugira ngo ubusugire bwanyu bwubahirizwe”.

“Urwanda, nk’uko mperutse kubibwira Perezida [Paul] Kagame mu mubonano duherutse kugiriranira, rutegerezwa guhagarika ubufasha ruha M23 kandi rugakura ingabo zarwo ku butaka bwa Congo. Narabimubwiye kandi nzosubira ndabimwibutse mu misi iza”.

Perezida Macron atera akamo impande zishamiranye kwirinda amajambo abiba urwanko no gutuza inyeshamba za FDLR zagirizwa jenoside, agashima ko Perezida Tshisekedi yafashe ivyemezo “bitomoye neza” vyo kurwanya FDLR, kandi ko amakungu azomuherekeza uno mugambi.

Ati: “Nta murwi n’umwe muri iyo mirwi yose ifise uburenganzira ubwo ari bwo bwose. Ingabo zonyene zishobora kandi zifise uburenganzira bwo gukorera ku butaka bwanyu ni igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo”.

Nubwo gushika ubu ata kiravamwo, Perezida Macron avuga ko Ubufaransa bushigikiye cane umugambi w’amahoro w’akarere.

Ati: “Tubona ko ibiganiro bitegerezwa gushirwa imbere mu kurondera umuti w’ibibazo mu mugambi w’amahoro uciye mu mwumvikano uhagarariwe na Perezida Lourenço wa Angola.

Narashatse kwubaka umubano mwiza ariko Urwanda rwarampemukiye - Tshisekedi

Ku ruhande rwiwe, Perezida Tshisekedi ntaca irya n’ino mu kwagiriza Perezida Paul Kagame w’Urwanda ko ari we ateje umudugararo muri Congo.

Avuga ko kuva ashitse ku butegetsi, aho hari mu 2019, yakoze ibishoboka vyose kugira ngo yubake umubano mwiza n’ibihugu bibanyi vyose, icenda vyose hamwe, mu ntumbero yo kwubaka imigenderanire myiza navyo, ku nyungu z’abanyagihugu bavyo, ariko akaronka impembo itari yo.

Ati: “Narashikiriye ababanyi bacu bose, bose narabegereye, cane cane Urwanda na Uganda, kugira ngo twige ibibazo vy’icuka kibi co kuva muri kahise…turanagerageza no gutegurira hamwe imigambi y’iterambere yozanira inyungu abanyagihugu bacu bose”.

Yibukije ko iki cari iciyumviro catanzwe na Perezida Nicolas Sarkozy yahoze arongoye Ubufaransa, mu ntumbero yo kugerageza kugarukana umubano mwiza hagati ya Congo n’ibihugu bibanyi vyayo, cane cane Uganda n’Urwanda.

Tshisekedi yabwiye abanyamakuru ko ari co yashatse gukorerako ariko ko Urwanda rutabishatse.

Ati: “Si ivyo ndabigisha, murabizi, aho kunyurwa n’iciyumviro nari ndabahaye co gukorera hamwe mu muco kugira ngo twese bituzanire inyungu, Urwanda rwaraduteye. Rwahisemwo kubandanya uru rucuruza rutemewe n’amategeko rukorera ku maraso y’abanyagihugu ba Congo. Ibi rero bituma ntashobora kwumva ko nosubira mu bintu nk’ivyo.

“Ivyo ari vyo vyose, mu gihe cose Peresida Kagame azoba akiri ku butegetsi, kumbure ibintu birashobora gutera imbere, nta wubizi, ariko muri iki gihe, birababaje kuko indoto ya Perezida Sarkozy ntishobora kuja mu ngiro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo”.

Leta y'Urwanda irahakana ivyo yama yagirizwa ko ariyo itera DR Congo biciye ku muhari M23, kandi Perezida Kagame yarumvikanye kenshi yagiriza ubutegetsi bwa Congo kunanirwa bwonyene gutorera umuti ikibazo c'impunzi z'Abanyecongo ziri mu karere - akavuga ko ari yo nkomoko ya M23 - hamwe no gukorana n'umuhari FDLR urwanya leta ya Kigali.

Ibiganiro ntibishoboka tugifatiwe imbugita kw’izosi

Tshisekedi yabajijwe ivyo kuganira na Kagame w’Urwanda no ku mugambi w’amahoro muri rusangi uciye mu biganiro usa n’uwananiranye, mu gihe intambara ibandanya mu buseruko bwa Congo, muri iki gihe igisagara ca Goma kikaba cugaranywe.

Yishura avuga ko kuganira na Kagame ari ikintu ubu kidashoboka mu gihe ibintu bikimeze uko bimeze ku rubuga, akavuga ko kwugarana Goma vyakozwe nkana kugira ngo ishobore gufatwa.

Ati: “Bakoresheje akanya k’ituze twari twafashe kugira ngo duhe amahirwe umugambi w’amahoro, baca begeranya ingabo zabo kugira ngo bagerageze kwugarana igisagara ca Goma, gutyo babone kugifata.

“Ndashobora kubemerera ko turiko dukora ibishoboka vyose kugira ngo ibi ntibibe, ariko mu gihe cose ibintu bizoba bikimeze uko bimeze, ibiganiro ntibishoboka. Ntushobora kuvugana n’umuntu agufatiye imbugita kw’izosi, ivyo ntibishoboka.

"Kugira ngo ibiganiro bishoboke, ibintu bitegerezwa kubanza guhinduka, ni ukuvuga ko ingabo z’Urwanda ziri ku butaka bw’igihugu canje, ntabwo ari M23 kuko M23 ni igikono kiri gusa Urwanda rushira imbere, ingabo z'u Rwanda zitegerezwa kubanza kuva ku butaka bwa Congo.

"Aho rero niho hashobora kuba ibiganiro, ariko rero bikaba ibiganiro bifise intumbero vyo kwumvikana ko kuva ubu Urwanda ataco ruza gukora muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo gisirikare".

Congo imaze imyaka iriko irababa 30 iri mu ndyane zidahera, indyane zadutse cane cane inyuma y’aho izari inyeshamba za FPR zirukaniye reta yari ku butegetsi mu 1994, maze abahora ari abasirikare hamwe n’Interahamwe zagirizwa kugandagura Abatutsi mw’ihonyabwoko, bagahungira mu cahoze citwa Zaire.

Intambara yadutse muri Gitugutu (10) 1996 yirukanye Perezida Mobutu Sese Seko ku butegetsi bwa Zaire, ubu ikaba ari Repubulika ya Demokarasi ya Congo, yashoboye kuburizamwo imigambi y’Interahamwe n’abahoze ari abasirikare b’Urwanda, yo kurondera gusubira gutera Urwanda kugira ngo bisubize ubutegetsi bari bahejeje kwakwa na FPR.

Hagati aho, umuhari FDLR uhurikiyemwo abahoze ari abasirikare b’Urwanda n’Interahamwe, ufatwa na leta y' Urwanda nk'umuhari ugiteye ikibazo gushika ubu, aho Urwanda rubandanya rwagiriza igisirikare ca Congo ko gikorana canke gikoresha uwo muhari mu kurondera guhungabanya umutekano w’Urwanda, ivyo reta ya Tshisekedi ibandanya yamirira kure.

Congo yamye yagiriza u Rwanda gushinga imirwi mu ntumbero yo guteza umudugararo muri Congo, ivyo rwamye kandi rubandanya rwamirira kure, rukavuga ko ibibazo vya Congo ari ivy’abanye-Congo ubwabo.

Hagati aho, reta ya Congo, amakungu, hamwe n’abahinga ba ONU babandanya bagiriza ingabo z'Urwanda gufatanya n'umuhari M23, abahinga ba ONU kandi bagiriza ingabo za Congo gukorana n'umuhari FDLR n'iyindi mirwi, mu kurwanya M23.