Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ntitubwirizwa kwishura Ubwongereza ku mugambi bwahevye - Urwanda
- Umwanditsi, Wedaeli Chibelushi
- Igikorwa, BBC News
U Rwanda rumenyesha ko bidasabwa ko rusubiza Ubwongereza amafranga aharurwa muri za miriyoni z'ama pounds, inyuma y'aho umugambi wo gutwara abimukira wari wumvikanyweko hagati y'ivyo bihugu vyompi umariye guhebwa.
Umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubwongereza aturuka mu mugambwe Labour Kier Starmer, yatangaje mu mpera z'indwi ishize, ko umugambi wo gutwara mu Rwanda bamwe mu basaba ubuhunzi, "wapfuye ndetse wahambwe".
Uwo mugambi wari washizweho na leta y'aba Conservatives, yari imaze guha Urwanda miliyoni 240 z'ama pounds ($310,000 000) kuva iwutangaje mu 2022.
Imanza zajanywe mu masentare zatumye uwo mugambi udatangura kandi Ubwongereza bwagumanye icizere kuva kuwa mbere, co gushobora gusubizwa amwe mu mafranga
Bukeye, icegera c'umuvugizi wa leta y'Urwanda yabwiye televiziyo y'igihugu ati: "Vyumvikane neza, gusubiza amafranga ntivyigeze biba muri uyu mwumvikano"
Alain Mukuralinda yavuze ko amasezerano "ataho yavuga ko" hari amafraga abwirizwa gusubizwa kandi ko Ubwongereza bwegereye Urwanda bukarusaba gukorana, ivyo "bikaganirwako mu buryo buhagije".
Mu kwezi kwa mbere, inyuma y'amezi 21 uyo mwumvikano warahagaze, perezida Paul Kagame yari yavuze ko amwe mu mafranga ashobora gusubizwa, hamwe mu basaba ubuhungiro mu Bwongereza hatogira uwujanwa mu Rwanda.
Ariko mu nyuma Urwanda rwahavuye ruvuga ko 'ata tegeko' rihari ryo gusubiza Ubwongereza amafranga.
Umushikiranganji wa mbere Starmer yise uwo mugambi ko uzimvye kandi ari "imburakamaro" inyuma y'aho Labour imariye gutsinda amatora mu ndwi iheze.
Umugambwe wemeye ahubwo gushiraho urwego rucungera umutekano, kugirango ruhashe ikibazo c'imigwi y'inkozi z'ikibibi ijabukana abimukira imipaka y'ibihugu mu kinyegero.
Hari n'abandi batari bashigikiye uwo mwumvikano:
- sentare ntahinyuzwa y'Ubwongereza yari yaciye urubanza ivuga ko uwo mugambi udakwirikije amategeko,
- amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yawuvugako ko urimwo ubunyamanswa n'ikandamiza.
- mu gihe abatawushaka mu mugambwe w'aba Conservatives bahatiriza ko habamwo amahinduka yotuma udatangirwa n'amategeko mu butungane.
Leta yahahora yari yamenyesheje ko uwo mwumvikano wari mu ntumbero yo gukura ku nzira burundu, abashaka kwinjira gusaba ubuhungiro bajabutse amazi ya Manche - English Channel mu bwato buto buto.
Ikibazo c'abimukira badaciye mu mategeko ni kimwe mu bibazo bihanze leta y'Ubwongereza.
Aho uyu mwaka ugeze, abagera ku bihumbi cumi na bitatu (13000) baramaze kujabuka Manche bakoresheje ubwato butoya.
Ico giharuro ni kinini cane ugereranije n'aho igitigiri cari kigeze mu gihe nk'iki umwaka uheze, n'aho mu 2023 muri rusangi ibiharuro vyari vyagabanutse ugereranije na 2022.