Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bishasha hagati ya Israel na Irani: IDF ivuga ko yishe umukuru w'igisirikare mushasha wa Irani
Igisirikare ca Israel (IDF) kivuga ko cishe umukuru w'igisirikare mushasha Ali Shadmani mu gitero cakoze i Tehran mw'ijoro ryakeye.
General Major Shadmani yari yashikirijwe amabanga yo kurongora ibiro bikuru vya gisirikare kugira ngo ahagarikire ibikorwa vya gisirikare hagati y'ingabo zidasanzwe zijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu bwa Irani (Iranian Revolutionary Guard Corps, IRGC), hamwe n'igisirikare gisanzwe ca Irani.
Yahawe aya mabanga asubiriye Gholamali Rashid yishwe mu ndwi iheze ku musi Israel yatangura ibitero vyayo kuri Irani, hari ku wa gatanu.
Ibinyamakuru vya Irani ntaco biratangaza ku bijanye n'urupfu rwa Shadmani.
Intwazangabo nkurunkuru z'igisirikare ca Irani zitari nke ziramaze kugandagurwa muri ibi bitero vya Israel.
Ibinyamakuru bitangaza kandi ko mw'ijoro ryakeye bumvise ibiturika nibura bibiri mu gisagara ca Tabriz kiri mu buraruko bushira burengero bwa Irani.
Igisirikare ca Israel cakoze ibitero bikomeye vyasambuye ibibanza vya gisirikare bisanzwe bikoreshwa nk'ububiko bw'ibisasu vya misire n'ibikoho vya muzinga bibirekura.
Hagati aho, igisirikare ca Israel gitangaza ko mu gatondo k'uno musi ko Irani yarashe ibisasu vya misire 30.
Kivuga ko ibi bisasu hafi vyose vyasamburiwe mu kirere, ariko ko hari ivyabacitse bikonona abantu n'ibintu, nk'uko bivugwa n'umuvugizi wa IDF. Humvikanye ibiturika mu bisagara vya Tel Aviv na Jerusalem.
Ishirahamwe rijejwe ubutabazi muri Israel, Magen David Adom, rivuga ko abantu batanu bakomeretse bukebuke ku gituro c'amabisi (bus) hagati muri Israel muri ibi bitero vya Irani.
Ku rundi ruhande, ishami rya IRGC rirwanira mu kirere rivuga ko ryateye inyubakwa y'igendereza ry'igisirikare ca Israel hamwe n'ibiro bikuru vy'igendereza rya Israel, Mossad, nk'uko bitangazwa n'imboneshakure yo muri Irani.
Amabarabara yarengewe n'abahunga i Tehran
Inyuma y'akamo karaye gatewe na Perezida Donald Trump asaba ababa ku mugwa mukuru wa Irani, Tehran, ko bohunga bakiri bazima, hari bamwe bumvise akamo kiwe, mu gihe hari abandi bumva ko badashobora kuva mu gisagara.
Nta mazina yabo nyayo dukoresha kuko bafise ubwoba ko barinze bamenyekana ko bavuganye n'abanyamakuru bishobora kubagirako ingaruka mbi muri Irani.
Arash yahungiye muri Armenia. Avuga ko yavuye i Tehran hafi isaha zibiri z'ijoro ku wa mbere, agaca mu gisagara ca Qazvin, mu buraruko bushira uburengero bwa Irani.
Ariko avuga ko urugendo mu bisanzwe rwari gufata nk'isaha imwe n'igice rwamutwaye amasaha hafi atanu. "Benshi, cane cane nk'abasanzwe baba hanze, bariko bagerageza kuva mu gihugu".
Narges yafashe ingingo yo kuguma i Tehran, n'ubwo ubwoba bugenda bwiyongera.
Ati:"Igisagara kiriko kirasigara kiri gusa. Kuva Trump asavye abantu kuva mu gisagara mw'ijoro ryakeye, bisa nk'aho abantu benshi bariko barahunga".
Uyu mupfasoni avuga ko amabarabara ariko "ararengerwa" kandi ko "bitoroshe na gato kwiyunguruza".
Tehran ni igisagara kibamwo abantu barenga imiriyoni 10, Narges akabona ko ata co abona cotuma agerageza guhunga yita mu ngorane.
Ariko ivyabaye nijoro vyamwibukije akaga ashobora kuba ariko yitamwo. Aba hafi y'inyubakwa ya radiyo na televiziyo vy'igihugu yaraye itewe. Ati: "Vyari biteye ubwoba, kandi hafi hafi cane".
Abandi ntibarashobora gufata ingingo nyayo. "Sinumva ko vyoroshe kugerageza gufata urugendo n'imodoka kugira ujabuke", niko Faranak avuga.
Uyu mupfasoni aba hafi y'iyi nyubakwa ya radio na televiziyo akaba yavuye mu nzu yiwe ari kumwe na nyina wiwe ashaje cane, inyuma yo kwumva ibiturika bikomeye cane mw'ijoro ryose ryo ku wa mbere.
Mu nzira asubira muhira, yabonye imirongo miremire ku bituro vy'igitoro "ibirometero bitari bike".
Bamwe mu babanyi biwe bafashe ingingo yo guhungira mu buraruko bwa Irani, ariko bamwebamwe nka Faranak baracinyegeje mu mihana yabo, barindiriye igishobora gushika mu mwanya uri imbere.