Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jenerari Muhoozi arongoye igisirikare ca Uganda avuga ko ahevye gukoresha X aho yateza impari
- Umwanditsi, Wycliffe Muia
- Igikorwa, BBC News
Muhoozi Kainerugaba, umuhungu wa Perezida Yoweri Museveni wa Uganda, atangaza ko ahevye gukoresha urubuga rwa X (rwahoze rwitwa Twitter) inyuma y'amajambo yandika agateza induru.
Uno mu jenerali mu gisirikare ca Uganda agenda yamamara ku rubuga rwa poritike, mu buryo butandukanye n'ingendo ya gisirikare, bigatuma haduka impari ku ntego ziwe zo kurondera kuzosubirira se wiwe ari ku butegetsi kuva mu 1986.
Yari aherutse guteza uburakari ku butumwa bwiwe aheruka kwandika agabisha ko yoshobora guca umutwe w'umunyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa se wiwe, Bobi Wine.
Mu butumwa yanditse ejo ku wa gatanu, Jenerali Kainerugaba yavuze ko igihe kigeze kuva kuri uru rubuga kugira ngo yiteho gusumba amabanga yiwe ya gisirikare ariko asezerana "gusubira guhura" n'umuriyoni w'abanywanyi biwe muri kazoza.
Hasigaye kuraba nimba koko atazosubira gukoresha uru rubuga kuko si bwo bwa mbere Jenerali Kainerugaba ahagaritse konte yiwe kuri X.
Mu 2022, yarahagaritse gukorera kuri uru rubuga ariko inyuma y'umwaka umwe yari yagarutse.
Abamunegura baramuteye ivyatsi ku majambo yavugira ku mbuga hwaniro, yaboneka nk'umuziro ku musirikare akiri mu mabanga.
Mu 2022, yaravuzwe bikomeye igihe yavuga ko yotera igihugu kibanyi ca Kenya, ivyatumye biba ngombwa ko se wiwe ahaguruka agasaba imbabazi.
Amajambo aheruka kwandika avuga ivyo "guca umutwe" Bobi Wine, izina ryiwe rikaba ari Robert Kyagulanyi, yariyamirijwe bikomeye mu gihugu.
Nubwo uno mujenerali yasavye imbabazi kuri ubu butumwa yavuga ko yariko arayayata, Bobi Wine wewe avuga ko adashobora kubufata minenerwe.
Reta ya Uganda yaratesheje agaciro ubu butumwa, aho umuvugizi yavuze ko amajambo ya Jenerali Kainerugaba ku mbuga hwaniro ari "ubuyayasi" adakwiye gusobanurwamwo ko yerekana politike y'ubutegetsi
Amajambo adasukuye ya Kainerugaba ku mbuga hwaniro yateje uburakari kandi no mu bihugu bibanyi, mu vyo yanditse avuga ko ashigikiye Uburusiya ku gitero cabwo bwakoze kuri Ukraine, be no kuvuga ko Uganda yari kuja ku ruhande rwa Tigray mu ntambara yo hagati mu gihugu muri Ethiopia.
Ariko Museveni arashigikira umuhungu wiwe ko ari "umujenerali mwiza cane", igisirikare naco kikavuga ko ibwirizwashingiro rimuha uburenganzira bwo gushikiriza akari ku mutima ku gatwe kiwe.
Eka n'igihugu kibanyi ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo naco nyene kirinuba uno mu jenerali mu vyo yandika, aho mu kweizi guheze Thérèse Kayikwamba, umushikiranganji w'imigenderanire w'iki gihugu yatumyeko uwuserukira Uganda i Kinshasa kwisigura ku vyo Kainerugaba yari yanditse kuri Perezida Félix Tshisekedi.
Kayikwamba yarasubiye kugaruka kuri ibi vyandikwa na Kainerugaba mu kiganiro abategetsi ba DR Congo bahaye abanyamakuru ku wa kane igenekerezo rya 9 Nzero (1) 2025.
Yavuze ko reta ya DR Congo yasavye abategetsi ba Uganda ko ari nka hamwe "amajambo yiwe yobandanya hanyuma abategetsi ba Uganda bakananirwa no gutanga insiguro ku kibanza reta ya Uganda iha ivyandikwa na Jenerali Muhoozi, ko twari gusubira kwihweza ubufatanyabikorwa bwacu n'imigenderanire yacu".
Mu butumwa bwo gusezera ku bamukurikirana ku rubuga rwa X, uno mujenerali yavuze ko ari ingingo yafashe yisunze ukwemera kwiwe n'ishaka ryo kwitaho gusumba amabanga yiwe ya gisirikare nk'umujenerali mu gisirikare ca Uganda.
Itangazo ryiwe rigira riti: "Ni ku bw'amabwirizwa n'imihezagiro y'Umukama wanje Yezu Kristu mfashe ingingo yo kuva kuri uru rubuga hwaniro kugira ngo nihebere amabanga yanje yo kuzana amahoro n'umutekano mu karere kacu.
"Ku bakunzi banje bankurikirana, cabaye igihuhusi gikomeye n'ururengo rwiza turi kumwe muri aya mabarabara mu myaka cumi iheze kuva mu 2014".
Asaba abanywanyi biwe kubandanya bafashe mu mugongo se wiwe, afata nk'"umujenerali wa mbere akomeye mu guhangana n'umwansi".
Kainerugaba aboneka nk'uwushobora gusubirira se wiwe amaze imyaka 39 arongoye igihugu, ariko Museveni arahakana ko yoba ariko aramutegura kugira ngo abe umukuru w'igihugu.
Uno mujenerali amaze igihe ategura amakoraniro mu gihugu coxe mu kurondra ko ashigikirwa, ingengo inegurwa mu turere tumwe tumwe.
Yinjiye mu gisirikare mu 1999 aho yagiye adugarira cane. Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu vyahavuye bitazira iri duga ryiwe mu butegetsi "Umugambi wa Muhoozi".
Muri ubwo butumwa bwo gusezera ku rubuga hwaniro, yanditse ati: "Ndazi ko mwese munkunda, kandi muzobandanya muri inyuma yanje nk'umuyaga igihe kirekire inyuma y'aha".