Intambara ya Ukraine: Abarusiya barapfungwa iyo banse kuja ku rugamba

Igihe umuhungu wiwe yarungikwa kugwana muri Ukraine, Sergei yaramutakambiye ngo ntagende.

Sergei aribuka abwira Stas, yari amaze kuba intwazangabo (officier) mu gisirikare ati:"Urafise incuti hariya. Vyanke. Ariko yambwiye ko agiye. Yibaza ko ari vyo. Naramubwiye ko ari ububeshi. Kandi ko ubuzima buzobimwereka.."

Sergei na Stas si yo mazina y'ukuri y'uwo muvyeyi n'umuhungu wiwe. Twayahinduye mu ntumbero yo kunyegeza abo ari bo. Sergei yaraduhaye ikaze ku muhana iwe kugira atubwire iyo nkuru yiwe.

"Yaciye aja muri Ukraine. Hanyuma ntangura kuronka ubutumwa bwiwe ambaza icari kuba iyo yanka kuja ku rugamba."

Stas yabwiye se wiwe intambara imwe idasanzwe.

"Yavuze ko abasirikare [b'abarusiye] bataronse ababakingira; nta perereza ryabaye kugira abanze kwegeranya inkuru; nta n'imyiteguro. Bahawe itegeko yo kubandanya baja imbere, ariko nta n'umwe yari azi ikibarindiriye.

Namubwiye nti:"Ariko kwanka kuja ku rugamba yari ingingo igoye gufata kuri we. Vyiza kwari ukuvyemera. Si intambara yacu. Si intambara yo kwibohora. Yavuze ko ko agiye kwanka kubandanya iyo ntambara mu nyandiko. We n'abandi bafashe ingingo yo kwanka kugwana baciye bakwa inkoho baca bacungerwa n'abandi basirikare bafise inkoho."

Sergei yagize ingendo nyinshi ku rubuga rw'intambara kugerageza kurekuza umuhungu wiwe. Yarahamagaye ubudahengeshanya abategetsi ba gisirikare, abashikirizamanza n'abakora amatohoza kugira bamufashe.

Mu nyuma utwigoro twiwe twaragize ico dushikako. Stas yarasubijwe mu Burusiya. Yarabwiye se wiwe ivyamushikiye mw'ibohero: ingene uwundi mugwi w'abasirikare b'abarusiya bagerageje kumuhatora kugwana.

"Baramukubise hanyuma baramusohora hanze nk'abagiye kumurasa. Baramuryamitse hasi, hanyuma bamusaba guharura gushika kw'icumi. Yarabankiye. Hanyuma, baramukubise mu mutwe hose bakoresheje ibasitori (pistolet). Yambwiye ko isura yiwe yari yuzuye amaraso.

"Hanyuma bamujanye mu cumba bamubwira:'Utegerezwa kuza tujane, atari ivyo tuzokwica.' Ariko umwe yaravuze ko bazojana umuhungu wanje gukora mu bubiko bw'ibintu.

Stas yari intwazangabo ikiri mu mirimo igihe Uburusiya bwagira ibitero bikomeye muri Ukraine mu kwezi kwa kabiri. Prezida Vladimir Poutine yari yavuze ko abasirikare babigize umwuga gusa ari bo bazoja "muri ivyo bikorwa vya gisirikare bidasanzwe".

Ariko mu kwezi kw'icenda, ibintu vyarahindutse. Prezida yarateye akamo ko "kwegeranya abantu baja kugwana vy'imfatakibanza", aho ibihumbi amajana n'amajana vy'abarusiya binjijwe mu gisirikare.

Benshi mu binjijwe mu gisirikare, bihutiye kwidoga ko barungitswe mu karere kaberamwo intambara ata vyangombwa bafise bikwiye canke bataronse imyimenyerezo ikwiye. Hari inkuru nyinshi zava muri Ukraine zivuga ko benshi muri bo bapfunzwe - hamwe hamwe bakaba bapfungiwe mu busho no ku birindiro - bagirizwa kwanka gusubira ku rugamba.

Elena Popova wo mwishirahamwe Movement of Conscientious Objectors mu Burusiya, avuga ati:"N'uburyo bwo gutuma abantu basubira ku rugamba. Intumbero y'abarongoye urugamba n'ukugumiza abasirikare hariya. Abakomanda bazi gusa gukubagura abantu n'iterabwoba. Ariko ntushobora guhatira umuntu kugwana."

Abategetsi b'Uburusiya barahakana inkuru zivuga ko hariho abasirikare bacitse intege n''ibibanza bapfungiramwo abantu bavuga ko ari inkuru z'ububeshi.