Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
New Zealand: Abashingamateka batatu b'aba Maori bahagaritswe kubera 'gukangisha' intambo ya Haka
- Umwanditsi, Kelly Ng
- Igikorwa, BBC News
Inama nshingamateka ya New Zealand/Nouvelle-Zélande yatoye guhagarika abashingamateka batatu b'aba Māori kubera imyiyerekano y'intambo yabo yitwa Haka batamvye mw'ikoraniro ryabaye mu mwaka uheze.
Umushingamateka wo mu mugambwe w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi, Hana-Rawhiti Maipi-Clarke, yatanguye iyo ntambo y'umudiho kavukire, yahagaritswe imisi indwi, mu gihe abarongozi b'umugambwe wiwe Rawiri Waititi na Debbie Ngarewa-Packer bagaritswe imisi 21.
Abashingamateka batamvye haka igihe babazwa nimba umugambwe wabo Te Pāti Māori canke umugambwe w'aba Māori, ushigikiye itegeko ry'ugusubira gutosora amasezerano y'ishingwa ry'igihugu n'abantu bo mu bwoko bw'aba Māori.
Integuro y'iryo tegeko ry'ingingo ngenderwako z'amasezerano kuva ico gihe ryaratowe ariko ryadugije ishavu ryinshi mu gihugu cose - kandi abantu barenga 40.000 baragize imyiyerekano hanze y'inyubakwa ikoreramwo inama nshingamateka igihe iryo tegeko ryasomwa ubwa mbere mu kwezi kwa 11 umwaka uheze.
Ngarewa-Packer yabwiye BBC ati: "Twarahanwe kubera turi Abamaori.
"Turemeza ko turi Abamaori kandi tugashira imbere ivyo abantu bacu bakeneye canke biteze kuri twebwe."
Habaye guterana amajambo gukomeye ku musi wa kane, igihe iyo nama nshingamateka yariko iraharira ku bihano, aho umushikiranganji w'ububanyi n'amahanga Winston Peters yasabwe gusaba imbabazi kubera yise Te Pāti Māori "umugwi w'abanyamacakubiri" kandi avuga ko igihugu "cabarambiwe".
Maipi-Clarke, afise imyaka 22 akaba ari umushingamateka mutoyi kuruta abandi bose, yavuze igihe kimwe, yihanagura amarira ati: "Ntituzokwigera tuzibizwa, kandi ntituzohona.
"Mbega amajwi yacu arasemerera cane muri iyi nzu – ni co gituma turiko turahabwa ibihano?"
Mu kwezi guheze, umurwi w'abashingamateka wasavye guhagarika mu mirimo aba bashingamateka. Yaciye ivuga ko iyo Haka, yatumye abashingamateka bahagarika ibikorwa vy'umwanya muto, yari gushobora "gutera ubwoba" abandi bashingamateka.
Umushikiranganji wa mbere Christopher Luxon yari yanse ibirego vy'uko ingingo y'uwo murwi yari "ivangura ry'amoko", yongerako ko ikibazo "kitari ku bijanye na haka", ariko ko ari ku "migambwe idakurikiza amategeko y'inama nshingamateka".
Inyuma y'impari zikomeye, ibihano vyatanzwe ku musi wa kane ni vyo birebire kuruta ibindi vyose umushingamateka wo muri Nouvelle-Zélande ahawe. Ivyari vyaratanzwe imbere y'aho vyari ivyo imisi itatu.
Nouvelle-Zélande imaze igihe kirekire ishimagizwa kubera ko ishigikira uburenganzira bw'abanyagihugu b'abasangwabutaka, ariko imigenderanire n'abo mu bwoko bw'Abamaori yaratosekaye mu minsi iheze mu gihe c'intwaro iriho ubu y'abatsimbaraye ku vya kera iyobowe na Luxon.
Ubutegetsi bwiwe bwaraneguwe kubera bwagabanyije amahera yahabwa imigambi yafasha Abamaori, harimwo n'imigambi yo guteza imbere ishirahamwe rigamije kubungabunga amagara bw'abanyagihugu.
Luxon naho nyene yaravugiye Leta yiwe ku bibazo vy'Abamaori, avuga ko hari imigambi yo gutuma abantu barushiriza kumenya gusoma no kwandika no kwimurira mu mazu abana batagira aho bakika umusaya.
Integuro y'Ingingo ngenderwako z'Amasezerano ryabaye intandaro y'uko kutavuga rumwe. Yarondeye gusobanura mu buryo butegekanijwe n'amategeko ingingo ngenderwako z'amasezerano ya Waitangi, iryo sezerano Ubwami bw'Ubwongereza n'abarongozi b'Abamaori basinye mu 1840 mu gihe c'ubukoloni bwa Nouvelle-Zélande.
Ababuranira iyo nteguro y'itegeko, umugambwe ugendera ku matwara y'iburyo warizanye, bavuga ko amasezerano yo mu 1840 akwiye gusubirwamwo kuko yari yaragabuye igihugu bashingiye ku bwoko, kandi ko adaserukira ikibano c'ubu kirimwo abakomoka mu bwoko bwinshi.
Ariko rero, abanegura iyo ngingo bavuga ko integuro y'itegeko ryotuma haba amacakubiri kandi rizotosekaza amategeko akingira abo mu bwoko bw'Abamaori benshi.
Iryo tegeko ryatumye haba hīkoi canke imyiyerekano iciye mu mahoro yo kuyiyamiriza, yamaze imisi icenda, yatanguriye mu buraruko bwa kure cane, rushika ku murwa mukuru Wellington. Yarahavuye ikomera ishika ku bantu barenga 40.000 ku mpera, iba imwe mu myiyerekano yitabiriwe n'abantu benshi cane kuruta iyindi yose yabayeho mu gihugu.
Iyo nteguro y'itegeko yaje gutorwa n'amajwi 112 kw'itariki 11 z'ukwezi kwa 4, haciye imisi mikeyi umurwi wanshinzwe na Leta usavye ko ridakwiye gukomeza. Uwo mugambwe ufise intebe 6 mu nama nshingamateka igizwe n'abashingamateka 123.