Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Twibajije ko wari umuhero w'isi': Ni ko ababa muri iki gisagara ca Israel bavuga inyuma y'igitero rutura ca Irani
- Umwanditsi, Alice Cuddy
- Igikorwa, Ari i Beersheba mu bumanuko bwa Israel
Akanya gato imbere y'uko umwumvikano wo guhagarika intambara utangura gushirwa mu ngiro hagati ya Irani na Israel, ababa mu gisagara ca Beersheba kiri mu bumanuko bwa Israel bavyuwe n'induru y'inzamba mu materefone yabo zibagabisha igitero vy'ibisasu vya misire.
"Imburi ikomeye cane", niko ubutumwa basanga mu materefone yabo bwavuga, mu kubaburira igigero cagomba kibe. Inyuma y'akanya gato inzamba z'imburi zitangura gusamirana mu mabarabara.
Merav Manay n'umuryango wiwe, nk'uko vyagenze n'abandi bose, baciye bitera mu cumba gikingiwe, iki kikaba ari icumba gikomeye cane cubatswe muri beto (béton) ikomeye n'urugi rw'icuma ntamenwa rufise intego yo kubakingira ibitero vya muzinga.
Igihe igisasu ca misire ca Irani cakubita, bumvise umengo inzu yariko irimuka, baca biremeka amaboko.
Uno mupfasoni ati: "Cari gikomeye cane ku buryo twibajije ko umuhero wari ushitse".
Igihe bagaruka, basanze ibiyo vy'amadirisha y'imbere y'inzu yabo vyabaye ibipande binyanyagiye irya n'ino kubera iki gisasu. Ariko ntaco babaye.
Merav yagumye muri iyo nzu mu kiringo c'amasaha atari make, yatekewe n'ubwoba bw'ivyo yibaza ko yari guhura na vyo hanze.
Hakurya y'ibarabara, inzu idatandukanye cane na rwabo yoyo yari yakubiswe neza neza n'iki gisasu cayisambuye igice kitari gito.
Abantu bane ni bo bayiguyemwo.
Umuvugizi w'igisata ca gisirikare kijejwe gukingira abasivire 'Home Front Command' mu bumanuko bw'igihugu yabwiye BBC ko na bo nyene bari binyegeje mu vyumba bikingiwe igihe inzu yabo yakubitwa n'iki gisasu.
Inyuma y'iki gitero, abakozi bo mu buvuzi hamwe n'ingabo za Israel baciye bihutira i Beersheba gutabara abari barokotse no kurondera ibisigarira.
Abakorerabushake n'ababa muri ako karere bakubura ibicupacupa vyari vyuzuye amabarabara.
"Ndizeye ko birangiye", ni ko umugabo umwe yabwiye BBC mu gihe yariko yihweza ivyononekaye.
Inyuma y'iki gitero ca Beersheba, Israel na Irani vyompi vyatangaje ko vyemeye guhagarika ibitero, ariko nta kanya kahaciye imbere y'uko buri ruhande rutangura kwagiriza urundi ko rwahonyanze amasezerano.
Mu gihe abanyagihugu baba muri iki gisagara ca Beersheba bari bakiri mu mubabaro kubera iki gitero cabateje ivyago, baguma kandi bibaza nimba koko aka gahengwe kazoramba.
Ku muhingamo w'ejo ku wa kabiri, Oren Cohen w'imyaka 45 yari ahagaze hagati y'ibihomoka vyari vyanyanyagiye mu karima kiwe gahanamiwe n'iyo nyubakwa yaguweko n'igisasu. Yumva ata mutima afise wo kuyiraba.
Ati: "Nari mfise ubwoba ku bana banje, rero ubu niho ntanguye gutahura ivyabaye hano".
Oren yari kumwe n'umugore wiwe n'abana babo batatu – b'imyaka umunani, 12 na 15 – igihe haba iki gitero, akavuga ko idirisha ry'icuma ryaciye ryiyugurura kubera ubukana bw'iki giturika.
Mu gihe yariko aravuga, haje umurwi w'abakorerabushake gufasha gukubura ibihomoka.
Nubwo we nyene ubwiwe vyamugizeko ingaruka, Oren avuga ko ashigikiye ibitero vya Israel kuri Irani vyabaye intango y'imishamirano y'imisi 12.
Ati: "Nibaza ko ata kundi twogira. Dukora ivyo dutegerezwa gukora kugira ngo twikingire".
Avuga ko atabona nimba "yokwizera" aka gahengwe, ariko afitiye icizere reta ya Israel ko izomenya neza igihe izoba igeze ku ntego yayo.
Igihe Merav yava muhira ejo ku wa kabiri ku ncuro ya mbere kugira ngo yirabire ivyononekaye mu kibano, na we nyene avuga ko Israel ata kundi yari kugira atari ukurasa Irani.
Ati: "Ibi bintu vyategerezwa gushika uko biri kwose. Ibi twari tuvyiteguriye".