Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rwanda: Sophie Buchaillard aribaza ivyashikiye mugenzi we inyuma yo guhungira muri 'Zaire'
- Umwanditsi, Nicola Bryan
- Igikorwa, BBC News
Umugore yari afise umugenzi bandikiranira wo mu Rwanda imbere y'uko abihagarika inyuma yo guhunga jenoside yabaye muri ico gihugu, yanditse igitabo co "kwikuramwo agahinda afise ko kutamenya ivyamushikiye".
Uwo bandikiranira na Sophie Buchaillard, Victoria w'imyaka 16, yatandukanye n'abavyeyi biwe ariko arahunga jenoside yo 1994, yahitanye abantu 800.000.
Victoria yaba mw'ikambi y'impunzi i Goma, muri Republika ya Demokrasi ya Congo.
Abo bakobwa babiri barandikiranira kenshi, gushika igihe Victoria yandikiye ko ariko aragenda, ko azosubira kumwandikira igihe bizoba bishoboka.
Sophie agira ati:" Sinasubiye kumenya amakuru yiwe."
Sophie yaba i Paris, na we nyene afise imyaka 16 ico gihe, yarandikiye abigisha ba Victoria mw'ikambi hanyuma baramuhuza n'ishirahamwe rifasha guhuza ababuranye mu Rwanda - ariko ntacavuyemwo.
Mu ntango, yaragize ubwoba yibaza ko yoba yarashavuje umugenzi wiwe, ariko uko amezi n'imyaka bigenda, yagiye aratahura ubuzima bubi uwo mugenzi wiwe yarimwo.
Sophie ubu aba i Penarth, Vale of Glamorgan, agira ati:"Ndiko ndakura, ni ho niyumvamwo ko hoba hari ikintu kibi coba caramushikiye, ko yoba yarapfuye canke yarishwe, canke ibindi bintu vyoba vyaramushikiye.
"Igihe natangura kugira amatohoza ni ho natahura uko ubuzima bwari bwifashe mw'ikambi."
"Ibisanzwe bitangaje"
Mu myaka ya 90, vyari bisanzwe ko abana bagira abagenzi bandikiranira bo mu bihugu vya kure. Ubwo bugenzi butari bwitezwe bwabayeho igihe ishure Sophie yigako yamuhuza na Victoria.
Victoria yipfuza kuba umuntu ahindura indimi/ umusemuzi, kari rero akaryo keza kuri we ko kwandika mu gifaransa.
Sophie agira ati:"Igihe twatangura kwandikiranira, nari nicaye neza mu nzu y'abavyeyi banje i Paris, na we ari mw'ikambi y'impunzi i Goma. Kahise kacu ntikari gatandukanye cane."
Aribuka ko Victoria yavuga ko yava i Kigali, ko se wiwe yari umutegetsi ku rwego rwo hasi, kandi ko imbere ya jenoside baba mu nzu ifise aho gukinira (Jardin).
Sophie avuga ko n'aho Victoria yari mu bihe bibi, hari "ibintu bisanzwe bitangaje" mu makete yiwe kandi yandika ku "bintu bisanzwe ku bakobwa b'imyaka 16".
Sophie agira ati:"Yavuga cane ku buzima bwiwe bw'imbere, ubwo yagiyemwo, kandi yafata ko uwo mwanya ari mw'ikambi nk'impanuka, akantu gato kashitse ku buzima busanzwe."
Avuga ko umugenzi wiwe yaguma agaragara nk'umuntu atuje.
"Natahuye mu nyuma ko ivyo nafata nko gutuza vyari nko guta umutwe. Vyoba vyaramukomereye ico gihe kuba muri ivyo bintu."
Iyuma y'aho amakete ahagarariye, Sophie yavuze ko yatewe umutima uhagaze n'umugenzi wiwe, ariko ko atigeze ahagarika kwizera ko ameze neza.
Agira ati:"Naguma misi yose nizeye ko yasubiye mu buzima busanzwe... ko bikenewe ko ntobandanya kumwandikira."
Inyuma y'imyaka mike Victoria yanditse ikete rya nyuma, Sophie yarinjiye muri kaminuza. Yarabaye kandi muri Espagne no muri Reta zunze Ubumwe za Amerika imbere yo kuja mu Bwongereza nk'umunyeshure mu 2001, kurongorwa no kuba mu bumanuko bw'igihugu ca Pays de Galles (Wales).
Ntiyigeze yibagira Victoria, aho yasanga ariko arandika ivyese (poeme) n'inkuru kuri mugenzi wiwe Victoria.
Ashikanye imyaka 40, Sophie yafashe ingingo yo guheba akazi kuri kaminuza ya Cardiff aca abandanya igice ca kabiri ca kaminuza mu vyigwa kwandika mu cizere co kuzoba umwanditsi.
Yaciye atangura kwandika, hanyuma kandi aza abona Victoria aragarutse ku rupapuro rwiwe.
Ivyo vyatumye amara amezi indwi agira ubushakashatsi mu Rwanda imbere yo kwandika intango y'igitabo ciwe "This is Not Who We Are" [Iki si co turi].
Kwikuramwo agahinda
Ico gitabo gikurikira ubuzima bw'abagore babiri, Iris w'i Paris na Victoria wo mu Rwanda.
Imyaka 20 inyuma yo kudasubira kwandikiranira mu buryo butari bwitezwe, Iris akora nk'umumenyeshamakaru i Londres akaba ariko ararondera mugenzi wiwe.
Sophie agira ati:"N'ukugerageza kwerekana ubuzima bw'umwimukira aba mu Bwongereza mu gihe ca Brexit, no kuraba ibishika igihe igihugu ubamwo kikubwiye atakurya umunwa ko utegerezwa gukura meza."
Sophie (i buryo) igihe yasohora icese ico gitabo.
Kwari kandi kugerageza kwishura ku bibazo biguma bigaruka kandi bitagira inyishu yibaza kuri Victoria.
Agira ati:"Igice kimwe c'ico gikorwa cari ico kuri jewe uburyo bwo kumenya ivyashikiye Victoria.
"Bwari uburyo bwo kwikuramwo agahinda ko kutamenya ivyamushikiye."
Kuva ico gitabo gisohotse, Sophie amaze kurungika ibitabo 10 ku cibutso ca jenoside i Kigali mu Rwanda, mu cizere ko umuntu yoshobora gusoma ico gitabo agaca amenya iyo nkuru neza.
"Nsanzwe ngira ukwizera cane, mba rero mu cizere ko iki gitabo kizoshikira mu buryo ubu canke buriya umuntu azi ivyamushikiye."