Ba basirikare b’u Rwanda bari bapfungiwe muri DR Congo barekuwe

Igisirikare cy’u Rwanda kivuga ko banyurujwe ku mupaka bari mu kazi kabo ko gukizura.

Igisirikare cya DR Congo kivuga ko bafatiwe hafi y’ikambi ya gisirikare ya Rumangabo mu ntara ya Kivu ya Ruguru ku birometero birenga 20 uvuye ku rubibe rw’u Rwanda.

Aba basirikare bafashwe ku wa 23 Rusama (5) bazwi ku mazina ya Nkundabagenzi Elysee na Ntwari Gad.

Bafashwe mu gihe hari intambara zikomeye hagati y’igisirikare ca Congo (FARDC) hamwe n’inyeshamba z’umuhari M23, reta ya Congo ikagiriza Urwanda ko rufasha uyu muhari watangajwe ko ari uw'iterabwoba, ivyo ruhakana.

Itangazo rihejeje gusohorwa n’igisirikare c’u Rwanda rivuga riti: “Inyuma y’inyuruzwa ry’abasirikare babiri ba RDF bariko barakizura ku rubibe hagati y’u Rwanda na DRC ku wa 23 Rusama 2022, n’ibiganiro vyakurikiye hagati y’abakuru b’ibihugu vya Angola, DRC n’u Rwanda, RDF iri n’munezero wo kumenyesha ko aba basirikare babiri bagarukanywe neza mu Rwanda.

“RDF irashima utwigoro twakozwe kugira ngo izi ngabo zayo zibiri zirekurwe”.

Ifatwa rya Kaporari Nkundabagenzi Elysee na Private Ntwari Gad ryashingiweko n'igisirikare ca DR Congo, nk'ikimenyetso c’ivyo bagiriza u Rwanda ko rwinjiye muri ico gihugu gufasha M23.

Reta y’u Rwanda irahakana yivuye inyuma ivyo yagirizwa, ahubwo ikagiriza igisirikare ca Congo ko gikorana n'umuhari FDLR wagirizwa ihonyabwoko ryo mu Rwanda mu 1994 mu guhingabanya iki gihugu.

Reta y’u Rwanda yabandanije isaba ko yosubizwa abasirikare bayo bari mu minwe ya Congo.

Vyabaye ngombwa ko Perezida wa Angola João Lourenço aja hagati, ari ho mu ntango z’uku kwezi Perezida Felix Tshisekedi yemeye kubakura, hari mu nama yabahuje kuwa kabiri i Luanda, nk'uko vyatangajwe n'itororokanirizo ry’amakuru rya reta ya Angola, Angop.