Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: CPI yasohoreye umutahe Putin ku vyaha vyo mu ntambara
- Umwanditsi, Antoinette Radford & Frank Gardner
- Igikorwa, BBC News
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye/The Hague yasohoye umutahe wo guhagarika Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya.
Iyi sentare imwagiriza ivyaha vyo mu ntambara, ikaba ihagaze cane cane ku vyo ivuga vyo gutwara mu Burusiya abana b’abanya-Ukraine bidaciye mu mategeko.
Ivuga ko ibi vyaha vyakozwe muri Ukraine kuva ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022 igihe Uburusiya butangura intambara.
Moscou irahakana ibi birego ikavuga ko uwu mutahe ari “amahano”.
Uwu mutahe nta cizere ko uzoshirwa mu ngiro - CPI/ICC nta bushobozi ifise bwo guhagarika abagirizwa ivyaha, kandi ikaba ikorera mu bihugu binywanyi gusa – Uburusiya nabwo bukaba butari muri ino sentare.
Hagati aho, ushobora kugira ingaruka kuri uno mukuru w’igihugu mu buryo ubu cane buriya, nko kutamworohereza mu ngendo zo hanze.
Mw’itangazo, CPI ivuga ko ifise ivyemezo nyavyo vyerekana ko Putin yakoze ivyaha we nyene ubwiwe, hamwe n’ivyo yakoranye n’abandi.
Imwagiriza kandi ko yananiwe no gukoresha ububasha bwiwe nk’umukuru w’igihugu kugira ngo ahagarike itwarwa ry’aba bana.
Abajijwe ivy’iyi ngingo ya CPI, Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ati ”ego, ndibaza ko ifise ishingiro”. Avuga ko Amerika atari umunywanyi wa CPI, “ariko ndibaza yakoze ikintu gikomeye cane”. Putin “yarakoze koko ivyaha vyo mu ntambara”, niko avuga.
Maria Lvova-Belova ajejwe uburenganzira bw’abana mu Burusiya na we nyene araronderwa na CPI kuri ivyo vyaha nyene.
Yaravuga atarya umunwa ku twigoro two kwigarurira abana ba Ukraine batwawe mu Burusiya.
Mu kw’icenda guheze, Lvova-Belova yaridoze avuga ko bamwe mu bana bakuwe mu gisagara ca Mariupol "bavuze nabi [umukuru w’igihugu c’Uburusiya], bavuga ibintu bibi kandi baririmba ururirimbo rw’igihugu rwa Ukraine”.
Yavuze kandi ko areze umwana w’umuhungu w’imyaka 15 yakuwe muri Mariupol.
Mu ntango, CPI yavuze ko yariko yihweza nimba iyi mitahe yari kuyigira ibanga, ariko ivamwo ifata ingingo yo kuyishira ahabona kugira ngo irabe ko yofasha guhagarika ibindi vyaha.
Umushikirizamanza mukuru wa CPI Karim Khan yabwiye BBC ati: "Abana ntibashobora gufatwa nk’ibikoresho vyo mu ntambara, ntibashobora kunyagwa.
"Icaha nk’iki ntigikeneye ko umuntu arinda kuba umunyamategeko, umuntu akeneye kuba afise ubuntu kugira ngo abone ububi bwaco”.
Akanya gato inyuma y’aho iyi mitahe itangarijwe, abategetsi ba Kremlin baciye bayiyamiriza.
Umuvugizi wayo Dmitry Peskov avuga ko ingingo iyo ari yo yose y’iyi sentare ataco imaze, uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburusiya na we Dmitry Medvedev akaba agereranya uwu mutahe nk’urupapuro rwo kwihanaguza mu kazu ka surumwe (papier de toilette/toilet paper).
"Ntibikenewe ko umuntu arinda gusigura IYO uru rupapuro rukoreshwa”, niko yanditse kuri Twitter, aca ashirako n’akamenyetso (emoji) k’urupapuro rwo mu kazu ka surwumwe.
Hagati aho, abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburusiya bakirije yompi iyi ngingo. Ivan Zhdanov, incuti ya hafi y’uwurongoye abatavuga rumwe n’ubutegetsi Alexei Navalny, yanditse kuri Twitter ko ari “ikimenyetso c’intambwe nziza”, ariko ko ari ikintu gikomeye cane.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko ashimira cane Khan n’iyi sentare mpanavyaha ku ngingo yabo yo kwuguruza urubanza kuri “kino gihugu c’akabi”.
Umushikirizamanza mukuru wa Ukraine Andriy Kostin avuga ko iyi ngingo ari “imbonekarimwe kuri Ukraine”, mu gihe umukuru w’ibiro vy’umukuru w’igihugu, Andriy Yermak, akenguruka iyi ngingo avuga ko ari “intango”.
Ariko kubera Uburusiya atari umunywanyi wa CPI, hari amahirwe make cane ko Vladimir Putin canke Maria Lvova-Belova bashobora kurenguka i La Haye.
Ariko Khan avuga ko ata muntu n’umwe yashobora kwibaza ko Slobodan Milosevic, yahoze arongoye Serbia akagirizwa ivyaha vyo mu ntambara muri Croatia, Bosnia na Kosovo, yari gushobora kwisanga i La Haye.
Ati: "Abo bibaza ko bashobora gukora ivyaha izuba riva, mw’ijoro bakaryama ataco binona, bakwiye kumbure gukubitiza amaso kuri kahise”.
Hagati aho, imbere y’amategeko, iki ni ikibazo kuri Putin.
Ni vyo ko ari we arongoye umurwi w’ibihugu bitunze kurusha ibindi kw’isi (G20), kandi akaba ari hafi kubonana na Xi Jinping w’Ubushinwa, ariko ubu Putin abaye umuntu aronderwa n’ubutungane, ibi bikazomubera inzitizi zizomutuma ategerezwa kubanza kwihweza ibihugu ashobora kugendera.