Ambasaderi wa Afrika y'Epfo 'nta kibanza agifise' muri Amerika, bivugwa na Rubio ajejwe imigenderanire

Amerika yagiriza Ebrahim Rasool kwanka Trump kandi ko ari umunyamacakubiri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amerika yagiriza Ebrahim Rasool kwanka Trump kandi ko ari umunyamacakubiri
    • Umwanditsi, Rachel Looker
    • Igikorwa, BBC News, Washington

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirukanye umuserukizi wa Afrika y'Epfo i Washington, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio akavuga ko "ata kibanza agifise mu gihugu cacu".

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X ejo ku wa gatanu, Rubio yagirije Ambasaderi Ebrahim Rasool ko yanka Amerika na Perezida Donald Trump.

Amwagiriza ko ari "umunyaporitike abiba amacakuriri ashingiye ku ruhu", akongera ngo "nta kintu na kimwe dushobora kuganira na we".

Iyi ngingo idakunze kwibonekeza ni ikimenyetso c'icuka kibi kiriko ciyongera hagati y'ibi bihugu bibiri.

Muri ubwo butumwa yanditse ejo ku wa gatanu, Rubio yerekanye inkuru yanditswe n'ikinyamakuru Breitbart co ku ruhande rw'abagendera ku mico ya kera, yasubiramwo amwe mu majambo Rasool aherutse kuvuga mu nyigisho zariko zibera ku mbuga ngurukanabumenyi ku bijanye n'ubutegetsi bwa Trump.

Ico gihe, Rasool yavuze ati: "Ico Donald Trump yatanguje ni igitero ku ntwaro, ku bari butegetsi, mu guhimiriza ko haba abbntu bibona ko bari hejuru y'ubutegetsi, mu gihugu... no mu mahanga".

Yongeyeko kandi ko umuhari Maga (impfunyapfunyo ya ca civugo ca Trump ngo 'Make Amerika Great Again') yari inyishu "ku makuru agaragara neza yerekana ko hariho ihinduka rikomeye mu bitigiri vy'abantu muri Amerika aho mu batora...abazungu bazoshika kuri 48%".

Mu kumwishura, Rubio yise Rasool "PERSONA NON GRATA," amajambo y'ikiratini twogereranya na "umuntu ata kibanza agifise hano".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Rubio yasohoye ubu butumwa igihe yava mu nama y'abashikiranganji b'imigenderanire muri Canada.

Imigenderanire hagati ya Amerika na Afrika y'Epfo yagiye itosekara kuva Trump ashitse ku butegetsi.

Mu kwezi guheze, Perezida Trump yateye igikumu kw'itegeko bwirizwa rihagarika imfashanyo Amerika yaha Afrika y'Epfo. Iri tegeko rifatira ku vyo Trump yita "ibikorwa vy'agahomerabunwa" vya Afrika y'Epfo, akagiriza iki gihugu "ivangura rishingiye ku ruhu" rikorerwa abazungu b'aba-Afrikaners – aba bakaba ari abazungu bamuka ku bimukira b'Abaholande.

Iri tegeko kandi ryari rifatiye kw'itegeko rishasha, rizwi nka Expropriation Act, rifatwa na Amerika ko ribangamira aba-Afrikaners kuko riha reta ububasha bwo kwigarurira amatongo ya ba nyeneyo.

Urwandiko rwo muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) ruvuga ko ico gihugu "gikorera ivangura ry'agahomerabunwa izi nkehwa zamuka ku bimukira b'abazungu".

Maison Blanche igira iti: "Igihe cose Afrika y'Epfo izobandanya gushigikira inkozi z'ikibi kw'isi, kandi ikarekura ibitero vy'ubugome ku nkewa z'abazungu b'abarimyi ataco bazira, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizohagarika imfashanyo ziha iki gihugu".

Reta ya Afrika y'Epfo irahakana ko iri tegeko ryayo rifitaniye isano n'ivangura ruhu, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Associated Press.

Mu ndwi iheze Trump yemereye ubwenegihugu bwa Amerika abarimyi bo muri Afrika y'Epfo bazoba bashaka kuva muri iki gihugu.

Mu gihe abakozi bato bato bo mu buserukizi rimwe na rimwe birukanwa, ni ikintu kidakunze kuboneka na gato muri Amerika aho umutegetsi wo hejuru nk'umuserukizi w'igihugu ciwe yirukanwa, nk'uko vyandikwa na Associated Press, kikavuga ko yaba Amerika canke Uburusiya ata ruhande na rumwe rwigeze rufatira ingingo nk'iyi urundi ruhande, no muri ca gihe carangwa n'icuka kibi muri ya ntambara yo kwikekana.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo bisaba impande zose zirabwa n'iki kibazo kugumana ingendo y'ubwitonzi bigenga imigenderanire ku bijanye n'iki kibazo. Bivuga kandi ko Afrika y'Epfo ibandanya ishira imbere kwubaka ubucuti na Reta Zunze Ubumwe za Amerika buzozanira inyungu impande zompi.

Rasool yari yarabaye umuserukizi w'ico gihugu muri Amerika kuva mu 2010 gushika mu 2015 imbere y'uko asubira kugenwa muri aya mabanga mu 2025.

Yavukiye yongera akurira i Cape Town. Igihe yari afise imyaka icenda, we n'umuryango wiwe barirukanywe mu rupangu babamwo kw'itegeko ry'uko rwategerezwa kuba ari urw'abazungu gusa. Uko yakura, niko yagenda yitaho poritike gusumba, aho avuga ko uko kwirukanwa kwamubereye ibihe bidasanzwe mu buzima bwiwe igihe yariko arakura, kikaba ari co camwubakiye kazoza kiwe.