Ibintu icenda kuri Lesotho - igihugu Trump avuga ko 'ata muntu n'umwe yari bwumve'

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Igikorwa, BBC News
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ni we avuga ko "ata muntu n'umwe yari bwumve" iki gihugu co muri Afrika, Lesotho – amajambo "yateye ubwoba" reta yaco.
Ni igihugu gitoyi co muri Afrika y'ubumanuko hafi cose kigizwe n'imisozi kandi gikikijwe na Afrika y'Epfo. Gifise ubunini bwa kirometero kwadarato 30 355.
Ng'ibi ibintu icenda vyo kumenya kuri iki gihugu:
'Ubwami bwo mw'ijuru'
Igihugu ca Lesotho kirongowe n'ubwami kigizwe ahanini n'imisozi miremire, aho vyinshi mu bigwati vy'iki gihugu bigoye gushikamwo udakoresheje ifarasi, canke ukagenda n'amaguru canke n'indege ntoya.
Kizwi kw'izina ry' "Ubwami bwo mw'ijuru" kandi ni co gihugu conyene cigenga kw'isi kiri ku metero 1.000 hejuru y'ibahari cose uko cakabaye, nk'uko biri mu gitabo Encyclopaedia Britannica. Agace kari hasi cane gusumba utundi twose kari ku metero 1.400.
Kizwi ko gifise kimwe mu bibuga vy'indege vya mbere kw'isi biteye ubwoba kugwako - ikibuga c'indege ca Matekane gifise akabarabara gato n'utumanuko tureture ku mpera zaco zompi.
Urubuga ngurukanabumenyi Business Insider rusigura ko kugurukira kuri iki kibuga c'indege ari "nka kurya kw'inyoni isunikiwe hanze y'icari kugira ngo yige kuguruka".
Gikikijwe na Afrika y'Epfo uko cakabaye
Lesotho yose uko yakabaye ikikijwe na Afrika y'Epfo, ariko itandukanijwe n'imisozi iteye ubwoba.
Nta si ndimwa nini iki gihugu gifise, mbere abanyagihugu bakunze guhangana n'ubukene bw'ibifungurwa bakaba babeshejweho cane n'ubuzi bakora muri Afrika y'Epfo.
Mu myaka mirongo, kubera batashobora kuronka ubuzi mu gihugu, vyabaye ngombwa ko ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu bafata inzira bakaja kurondera akazi muri Afrika y'Epfo.
Abanyagihugu barenga imiliyoni zibiri ba Lesotho basangiye imico n'indimi zimwe zimwe n'Abanyafrika y'Epfo.
Ururimi rwabo, Igisesotho, na rwo nyene ni rumwe mu ndimi 11 zikoreshwa muri Afrika y'epfo. Kukaba nkako, abantu baruvuga muri muri Afrika y'Epfo - imiliyoni 4,6 – barasumba cane aba banyagihugu ba Lesotho barukoresha.
Itunga rinini rya Lesotho ni 'inzahabu yera'.
Nta matungo kama menshi Lesotho ifise- ingaruka y'itituka ry'ibidukikije mu misozi miremire isi ndimwa ikaba ari nto cane mu biyaya.
Itunga ryayo rinini ni amazi - azwi mu karere nk'inzahabu yera - agurishwa muri Afrika y'Epfo. Ubutare bwa diyama (diamant/Diamond) ni ikindi kintu nyamukuru gishorwa hanze.
Igihugu ca mbere muri Afrika yo musi ya Sahara gikina ski

Ahavuye isanamu, AFP
Iyo wiyumviriye ivy'ugukina ski hamwe na snowboard (urukino rwo kunyereza ku kabaho rukinirwa cane cane kw'ibarafu, nubwo mu gihugu bitari bike no mu Burundi no mu Rwanda abakiri bato babikinira mw'ibarabara ry'ikaburimbo), ushobora guca ubona ibibanza bihanamye vy'i Bulaya na Amerika y'Uburaruko.
Ariko Lesotho irazwi cane mu bijanye n'inkino zo kw'ibarafu.
Ni yo ifise ikibanza ca mbere gikomeye ca ski kiri hejuru cane muri Afrika y'ubumanuko, kikaba ari kimwe mu bibanza bikeyi cane vyo kuri uno mugabane.
Afriski iri ku metero 3.222 hejuru y'ibahari, mu misozi ya Maloti muri Lesotho kandi igenderwa cane n'ingenzi ziva muri Afrika no hanze yayo.
Abanyagihugu ba Lesotho bitwa Basotho
Abanyagihugu ba Lesotho bitwa Basotho.
Bimwe mu biranga umuco w'aba-Basotho ni ibirengeti vyabo be n'inkofero kama z'Abasotho z'umuzingi kandi zisongoye, zizwi kw'izina rya mokorotlo. Iyo nkofero ni ikimenyetso c'igihugu kandi iboneka hagati y'ibendera ry'igihugu.
Ibi birengeti bijishwe mu bwoya bukomeye, bikaba bifise ibishushanyo bikomeye kandi vy'amabara, kimwe kimwe cose kigasigura ikintu kanaka mu bintu bitandukanye bigize kahise k'Abasotho.
Abasotho baravyambara nk'imbega mu makoraniro adasanzwe, kandi bakabitanga nk'ingabire.

Ahavuye isanamu, AFP
Ni kimwe mu bihugu bifise ibitigiri binini vy'abarwaye SIDA kw'isi yose
Lesotho ni kimwe mu bihugu bifise ibitigiri binini vy'abagendana umugera wa SIDA kw'isi, aho umuntu umwe kuri batanu bakuze agendana uno mugera, kandi bakawandura ku bwinshi kurusha ibindi bihugu vyinshi, harimwo Namibia, Botswana na Eswatini, ufatiye ku bantu 100.000.
Reta ya Amerika yari isanzwe iha iki gihugu hafi imiliyaridi imwe y'amadolari y'Abanyamerika yo kugifasha guhangana n'umugera wa SIDA kuva mu mwaka wa 2006, harimwo ibikorwa vyo kwikingira, gufasha no kuvura abarwayi, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire.
Umuganwa Harry amaze igihe kirekire akorera muri Lesotho ibikorwa vy'ubutabazi
Lesotho ni igihugu kirongowe n'ubwami bushingiye kw'ibwirizwa shingiro. Ibi bisigura ko naho gifise ingoma ya cami, umushikiranganji wa mbere atorwa ari we arongora igihugu.
Umuganwa Seeiso wa Lesotho – murumuna w'Umwami Letsie III ahari ubu - ni umugenzi somambike w'Umuganwa Harry wo mu Bwongereza.
Abo babiri bashinze ishirahamwe ry'ubugiraneza muri Lesotho - Sentebale, bisobanura ngo "ntunyibagire".
Iri shirahamwe rikorana n'amashirahamwe yo hasi mu gihugu, mu gufasha urwaruka rugendana umugera wa SIDA.
Umuganwa Harry yagiye muri Lesotho ku ncuro ya mbere afise imyaka 19, kandi kuva ico gihe amaze gusubirayo incuro nyinshi.
Ishorera ama-jeans muri Amerika
Kuva kera jeans (ikoboyi) zamye zifatwa ko ari umwambaro wo mu burengero bwa Amerika, ariko ubu nyinshi muri mpuzu z'ubu bwoko zambarwa muri Amerika ni iziva ku rundi ruhande rw'isi, muri Lesotho.
Kuva muri ino myaka ya vuba, amahinguriro y'impuzu yo muri Lesotho arashona ama jeans y'ibigo vyo muri Amerika bizwi cane nka Levi's na Wrangler. Ibi vyatumye Lesotho imenyekana nk'"umugwa mukuru w'ibitambara vya jeans muri Afrika".
Kandi si jeans gusa – mu bisanzwe Lesotho ni kimwe mu bihugu vya muri Afrika yo munsi ya Sahara bigurisha cane impuzu muri Amerika.
Umwaka uheze, Lesotho yarungitse muri Amerika impuzu n'ibitambara bifise agaciro k'amadolari y'Abanyamerika imiriyoni 237 biciye mu mugambi uzwi nka AGOA uha akaryo ibihugu vyemerewe vya Afrika kurungika ibicuruzwa bimwe bimwe muri Amerika bitarishe amakori.
Ifata ikibanza ca kabiri ufatiye ku gaciro k'ibicuruzwa bigurishwa hanze muri uno mugambi.
Amahinguriro menshi y'impuzu yo muri Lesotho afiswe n'abimukira b'Abashinwa n'Abanya-Taiwan.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihugu ca mbere kw'isi gifise igitigiri kinini c'abantu biyahura
Iki gihugu c'imisozi ni co gifise igitigiri ca mbere kinini c'abantu biyahura kuruta ibindi vyose kw'isi, aho abantu 87,5 ku bantu 100.000 biyahura buri mwaka, nk'uko bivugwa n'ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu, OMS.
Ibi bitigiri bingana hafi incuro 10 z'ibitigiri vy'abantu 9/100.000 biyahura kw'isi, bikaba kandi bisumba incuro zirenga zibiri z'ibitigiri vy'igihugu kiza ubwa kabiri mu biyahura, ari co Guyana, ibitigiri vyababa 40/100.000.
Nta mpamvu imwe isigura ibi bitigiri biteye ubwoba - abahinga bavuga ko biterwa n'ukunywa ibiyayuramutwe n'inzoga, ubukene bw'akazi be n'ukubura impanuro ku ndwara zo mu mutwe.
Wedaeli Chibelushi yaterereye muri iyi nkuru.













