Iran Vs US: Kubera iki Iran yahaye amashurwe abakinyi ba Amerika mu 1998?

Na Bernd Debusmann Jr

BBC News, Washington

Mu gihe harangwa icuka kibi, kw’isi ibintu bimeze nabi, urukino rwaheruka hagati ya Irani na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1998 rwatangujwe n’ikimenyetso kidasanzwe – amashurwe yera.

Aya mashurwe, nk’uko umumenyereza wa Irani ico gihe yabivuze, cari ikimenyetso c’amahoro imbere y’urukino rwahuje ibi bihugu mu Bufaransa.

Imyaka 20 inyuma y’aha, icuka kibi carasubiye kurenga urugero imbere y’urukino rwa nijoro hagati ya Iran na Amerika muri Qatar.

Hagati aho, uru rukino rwabaye ata kimentetso na kimwe c’ubugenzi.

Urukino rw’imbere y’aha rwabereye muri Lyon, rwabaye inyuma y’imyaka 20 imigenderanire hagati y’ibi bihugu bibiri yarabaye nabi cane nk’inkurikizi z’iturirwa ry’ibiro vy’ubuserukizi bwa Amerika i Tehran mu 1979.

Ryakurikiwe n’ikibazo catewe n’abanyeshure, bahagarikiwe n’ubutegetsi bwa AyatollahKhomeini,bafashe bugwati abakozi bo muri ubwo buserukizi mu kiringo c’imisi 444.

Ico gihe, ukwezi kumwe gusa imbere y’urwo rukino, ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika bwise Irani ko ari co gihugu ca mbere kw’isi cafata mu mugongo iterabwoba, mu gihe abategetsi batari bake ba Irani batahengeshanya gushikiriza amajambo arwanya Amerika.

N’aho icuka kibi ari co carangwa ku cicaro c’ishirahamwe ONU no mu kigobe c’Abarabu, abakinyi ba Irani - barongowe n’umumenyereza yari asanzwe aba muri California Jalal Talebi – bafashe ingingo yo gutangura uru rukino n’ikimenyetso cerekana ko ihiganwa yonyene hagati yavyo ryari iribera mu kibuga.

Talebi yasubiwemwo n’imboneshakure ESPN avuga ati: "Twafashe ingingo yo gukora ikintu kidasanzwe.

"Reka tugende mu kibuga tubahe amashurwe aryoheye ijisho kugira ngo twerekane ko turi hano kubw’amahoro. Ntituri ng’aha ngo turwane canke dukore ikindi kintu ico ari co cose”.

Mu kubasubiriza mu ndumane, abakinyi ba Amerika babahaye utudarapo tw’ishirahamwe rya Amerika rijejwe umupira w’amagugu (US Soccer Federation, USSF).

Abakinyi b’iyi mirwi yompi bari kumwe bifotoreje hamwe mw’ifoto rusangi bamwenyura imbere y’uru rukino rwari rukomeye.

Muri iyo nkuru ya ESPN, Cobi Jones yakina hagati mu murwi wa Amerika avuga ati: "Nibaza ko kirya cari ikintu gikomeye.

"Kwari nk’ukwerekana ko inkino ziri hejuru ya poritike n’ivyo bindi vyose. Cari ikintu gikomeye, hanyuma no kwifotoreza hamwe navyo biza birushirizaho”.

Imisi mikeya imbere y’uru rukino rundi rwo mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi nijoro ku wa kabiri hagati y’iyi mirwi ibiri, hasubiye kwaduka ikindi cuka kibi, mu gihe Irani ihanganye n’imyiyerekano y’abiyamiriza reta, mu gihe kandi USSF yari ihejeje gukura ikimenyetso c’iki gihugu kigendera kw’idini rya Islam kw’ibendera, mu nkuru y’amasanamu yari yashize ku rubuga ngurukanabumenyi.

Aya masanamu yahavuye afutwa, umumenyereza wa Amerika nawe, Gregg Berhalter, aca asaba imbabazi , avuga ko “rimwe na rimwe hari ibintu bigoye gukontorora”, kandi ko we n’umurwi wa Amerika barajwe ishinga n’umupira w’amaguru.

Amerika yinjiye mu kibuga yizeye ko idasubira gukubitwa nk’uko vyagenze mu 1998 rwarangiye itsinzwe na Irani 2-1, n’aho ibi bihugu vyompi bitashoboye kubandanya ihiganwa inyuma y’urwo rukino.

Alexi Lalas, umunyamakuru wa Fox Sports yari mu murwi wakinye urwo rukino rwa 1998, yabwiye ikinyamakuru Associated Press ko umurwi nserukiragihugu wa Amerika wa kino gihe wategerezwa kuja mu kibuga wagabishijwe ko cazira kwirengagiza insiguro ya poritike y’uru rukino.

Mu kwerekana igituma Amerika idategerezwa gufyinata mu kibuga, avuga ati: “Gutahura akamaro k’uru rukino, atari kuraba gusa ku ruhande rw’umupira w’amaguru bagafatira ahubwo ku muco, nibaza ko ari ikintu gikomeye kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika”.

Urukino rwa nijoro hagati ya Amerika na Iran muri Qatar rwarangiye Amerika itsinze Irani 1-0 ku gitsindo ca Christian Pulisic ku munota wa 38.