Russia: Bimwe mu vyibazwa ku migumuko ya Wagner

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Paul Kirby
- Igikorwa, BBC News
Ku musi umwe gusa muri kuno kwa gatandatu, umukuru w’umurwi karuhariwe w’abacangero wo mu Burusiya Yevgeny Prigozhin yateguye icabonetse ko yari imigumuko, anarungika ibimodoka vy’intambara ku mugwa mukuru Moscou, bamwe batangura kwibaza amaherezo y’ubutegetsi bwa Perezida Vladimir Putin.
Perezida Putin yagirije uyu yahoze ari pfa mpfe na we ubuhemu, ubugumutsi no guteza intambara.
Ariko imbere y’uko umusi w’ejo ku wa gatandatu urangira neza, Prigozhin yari yahagaritse vyose ategeka ingabo ziwe gusubira ku birindiro vyazo.
Yatangaje ati: "Mu masaha 24 twari dushitse ku birometero 200 vya Moscou. Gushika ubu, nta n’ima ry’amaraso ry’umurwanyi wacu ryari bwaseseke”.
Amasaha 24 y’akajagari, ariko hari vyinshi abantu bacibaza.
None uyu mukuru wa Wagner yategura coup d’Etat?
Prigozhin yari yiyemeje ko yari atanguye “urugendo rwo kurondera ubutungane”, ko atari umugambi wo gutembagaza ubutegetsi. Ico ari co cose cari categuwe, ni uko ibintu vyagiye kurangira mu kanya isase.
Mu kiringo c’amezi atari make, yagize uruhara rudasanzwe mu ntambara y’Uburusiya muri Ukraine, mu kwinjiza ibihumbi n’ibihumbi vy’abarwanyi mu muhari wiwe wa Wagner, cane cane abavanye mu mabohero.
Yari amaze igihe ari mu mishamirano n’abategetsi ba gisirikare ku kungene intambara iriko irarwanywa, ariko ibintu vyagiye kuba nabi igihe barondeye kwiganzira ingabo zigendera ku mategeko yiwe imbere y’uwa 01 Mukakaro (7).

Ahavuye isanamu, Reuters
Abarwanyi ba Wagner bajabukiye mu buseruko bwa Ukraine bwigaruriwe n’Uburusiya binjirira mu gisagara c’Uburusiya ca Rostov-on-Don, hanyuma barabandanya urugendo baciye muri Voronezh, batera baja ku mugwa mukuru Moscou.
Vyaboneka ko ari igihe gikomeye ku ntambara y’Uburusiya muri Ukraine imaze amezi 16 ubu. Ariko, mu gihe ingabo za Wagner zariko zitera zija mu buraruko, haje inkuru yavuga ko habaye amasezerano yahagarariwe n’umukuru w’igihugu ca Biélorussie, Alexander Lukashenko.
Hari bakeya bibaza ko ari ibisanzwe, ariko nimba Kremlin iri mu kuri, ibi bishobora kuba ari irangira y’uruhara rwa Prigozhin mu ntambara yo muri Ukraine, hamwe no mu Burusiya nyene.
Yimukiye muri Biélorussie kandi ntazokurikiranwa ku vyaha yagirizwa, nk’uko Kremlin ibitangaza. Abarwanyi biwe bemerewe ubudahangarwa. None iyi migumuko nta maraso yasheshe? Ntibiratomoka, ariko ikizwi ni uko hari kajugujugu imwe ya gisirikare yakorowe.
Ikindi kibazo ni ingene aka kajagari gasize Vladimir Putin ameze.
Uguhangana kwa Wagner n’abarongoye igisirikare c’Uburusiya
Prigozhin yari amaze amezi atari make arakariye umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergei Shoigu n’umukuru w’igisirikare Valery Gerasimov, akaba yabagiriza ko bananiwe no guha abacangero biwe ibikoresho bikwiye.
Igihe Perezida Putin ashigikira iciyumviro co kuzana imirwi yose y’abacangero irwana muri Ukraine kugira ngo igiriranire amasezerano n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, yaravyanse kuko yabona ko ata jambo yosubira kubagirako.
Mw’ijambo rirerire ry’uburakari ku wa 23 Ruheshi (6), yabwiye Abarusiya ko imvo zose z’intambara yabo zari ibonyoma, ko vyose ari amayeri “y’akarwi gatoya k’abanyamanyanga” yo kwironderera amapete mu guhenda abanyagihugu n’umukuru w’igihugu.
Niho rero amazi yarenga inkombe muri iyo mishamirano yabo.
Prigozhin yagirije igisirikare ko cakoze igitero cahitanye abarwanyi biwe muri Ukraine. Igisirikare carabihakanye kandi ko na videwo yerekanye ata kintu na kimwe carimwo.
Niho rero mu masaha yitereye yo ku wa gatanu yatangaza ko yatanguye “urugendo rwo kurondera ubutungane”.
Yavuze ati: "Turi 25.000 kandi tugiye kurondera igituma iki gihugu kiri muri aka kajagari. Uwushaka wese n’adukurikire”.
Jenerali Sergei Surovikin, icegera c’umukuru w’ingabo ziri ku rugamba muri Ukraine, yamusavye ko yosubiza inkota mu rwubati akumvira amategeko ya Perezida Putin.
Amaze kujabukana ingabo ziwe gushika muri Rostov-on-Don mw’ijoro ryo ku wa gatanu buca ari ku wa gatandatu, yatangaje ko yigaruriye ikigo c’igisirikare gikomanda intambara, amavidewo akaba yerekanye abarwanyi biwe bari hagati mu gisagara, bisa n’uko ata bahanganye nabo.
Ku wa gatandatu mu gatondo, yatangaje ati: "Turi hagati mu cicaro [ca gisirikare]". Inyuma y’aha, yatangaje ko iki gisagara cigaruriwe "ata rusoro ruvuze ".
Igisata c’Uburusiya kijejwe igendereza caciye kumwugurirara urubanza mpanavyaha. Intara yose ya Moscou yaciye ishirwa ku mategeko adasanzwe “yo kurwanya iterabwoba”.
Ijambo rya Putin ku mboneshakure
Ku wa gatandatu mu gitondo, aboneka ko atagugumwa kandi yiteguriye icoba cose, Vladimir Putin yashikirije ijambo ry’iminota itanu ku mboneshakure ya reta aho yasavye gukomeza ubumwe.
Yabwiye igihugu ati:"Ico turiko turabona ni ubuhemu”. Atadomye urutoke ku wahoze ari pfa mpfe wiwe, yavuze ko abo bose bari inyuma y’imigumuko ya gisirikare bahemukiye Uburusiya kandi ko bazovyishura.
Ubwo nyene, Prigozhin yaciye abeshuza ko atahemukiye igihugu, ahubwo aca abandanya anegura umukuru w’igihugu ko “yihenze cane”.
Gushika ico gihe, ntiyari bwate uburakari bwiwe kuri Putin.
Ariko amajambo yiwe y’agahemo aho yamwita "sokuru amerewe neza" yabonywe n’abatari bake ko ari ayo kumunegura mu buryo buziguye. Mu kwezi guheze yabajije ingene Uburusiya bwotsinda mu gihe vyoboneka ko “uyu sukuru ata kigenda”.
Imirongo y’ibimodoka vy’intambara vya Wagner vyaciye biboneka biduganye ibarabara biciye mu ntara ya Voronezh gushika no muri Lipetsk.
Idepo (depot) y’igitoro yaraturiwe mu gitero c’indege i Voronezh, n’aho bitabonetse neza icabiteye.
Ikibazo ku butegetsi bwa Putin?

Prigozhin yashimangira ko atashaka guteza ingorane ku ntambara y’Uburusiya muri Ukraine, ariko gusa ko yagomba guhigura n’abayirongoye “ataco bamaze”.
Yavuga kandi ko ata kibazo afitaniye n’ubutegetsi bwa Perezida Putin, n’aho yagabishije ko yari kubandanya gushika i Moscou ari nka hamwe ibisabo vyiwe vya gisirikare bitoshirwa mu ngiro.
Mu kiringo c’amasaha atari make, Vladimir Putin yaboneka nk’uwananiwe no gufata mu minwe ibintu vyariko bigenda ku muvuduko.
Niho rero mu masaha yo ku mugoroba ejo ku wa gatandatu, haje ijambo ry’umukuru wa Biélorussie Alexander Lukashenko – iyindi ncuti ya hafi ya Putin – rivuga ko habaye umwumvikano.
Uwo mwumvikano wavuga ko Prigozhin yari kuja muri Biélorussie kandi ko atari gukurikiranwa ku vyaha yagirizwa. Mu nyuma niho yagiye kuboneka ava muri Rostov mu modoka.
Uno mwumvikano wavuga kandi ko abarwanyi biwe ba Wagner batari gukurikiranwa n’amategeko kandi ko abo bose babishaka bashobora kugiriranira amasezerano n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.
None ibi bisize Putin hehe?
Ubiravye vuba vuba, asa n’uwacitse intege, yarengewe na Prigozhin nk’umukuru w’igihugu caranzwe n’akajagari umusi wose.
Hanyuma kuhabona indongozi ya Biélorussie kugira ahakure agatwe ryabaye ivumwe. Uburusiya nib wo bwashigikiye Lukashenko igihe imyiyerekano yazingamika igihugu ciwe mu 2020, inyuma y’amatora yabonywe n’ababatri bake ko yabayemwo uburiganya.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Ukraine vyavuze ko ivyabaye vyamumaramaje.










